Trump ati: ' Ukraine ikeneye uwundi mukuru w'igihugu', inyuma y'aho Zelensky aneguriye amasezerano ajanye n'ibitoro

Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko abona ko "igihe kigeze ngo Ukraine ironke uwundi mu perezida", mu kwishura amajambo ya Volodymyr Zelensky aho yaneguye amasezerano Amerika yagiraniye n'Uburusiya ajanye n'amazutu.
Perezida wa Ukraine yari yagabishije ko ayo masezerano mashasha yo kwemerera amatoni amamiliyoni ya mazutu ava mu Burusiya kwinjira muri Amerika, azotuma Moscou ironka amafaranga yo kubandanya intambara iriko iragaba kuri Ukraine. Yavuze ko ayo masezerano ari ingabire ihawe Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin.
Ku wa gatandatu, Trump yabwiye abanyamakuru bari hanze y'inyubakwa ya White House ko Zelensky "ashaka guteza ingorane kw'isi" mu kubandanya yemerera ibitero ku bigo bitunganya ibitoro mu Burusiya.
Trump yavuze ati: "Vyoba vyiza abihagaritse ubwo nyene", imbere yo kuvuga ko Ukraine ikwiye "kuronka uwundi mutegetsi ashobora kugira amasezerano (n'uburusiya)".
Kuva Uburusiya buteye Ukraine mu 2022, ico gihugu kiri mu bihe vy'amategeko adasanzwe y'intambara, aho amatora atemerewe kuba.
Ibitoro biboneka kw'isi, harimwo na mazutu, vyaragabanutse cane kubera intambara Amerika na Israel vyatanguje kuri Iran, yatumye umuhora wa Hormuz usa n'uwugaye. Iyo nzira isanzwe icamwo hafi ica gatanu c'ibitoro n'ibibikomokako bitwarwa kw'isi.
Uburusiya, buri mu bihugu bihingura ibitoro vyinshi, na Ukraine biheruka kwongereza ibitero bigaba ku bigo vyavyo bitanga umuyagankuba n'ibitoro, hamwe no ku bikorwaremezo vyo kwunguruza abantu n'ibintu. Ivyo vyatumye ingorane zari zisanzwe ziri ku masoko y'ibitoro zirushiriza gukomera.
Trump yabandanije avuga ati: "Twarababwiye duti: 'Murashobora gukora ico mushaka cose ku Burusiya, ariko ntimutere ibigo bitunganya ibitoro', kuko ivyo biteza ingorane kw'isi yose."
Yongeyeko ati: "Yari ashoboye kugirana amasezerano menshi, ariko ku mvo ntazi, nta na rimwe ayagira."
Intumwa ya Putin, Kirill Dmitriev, yavuze ko amajambo ya Trump ari "ayadasanzwe kandi azokwibukwa muri kahise", avuga ko Ukraine "ikeneye ubuyobozi bushira imbere vy'ukuri amahoro".
Ku wa gatanu, Perezida wa Amerika yemeje ko Amerika n'Uburusiya vyumvikanye guhagarika gushika ku wa 7 Ndamukiza(4) ibihano vyari vyafatiwe mazutu Uburusiya bushora mu mahanga.
Zelensky yavyishuye avuga ko ivyo bizotuma Moscou ironka ayandi mafaranga yo kugura ibikoresho vya gisirikare bishasha kugira ibandanye intambara.
Yagirije kandi Moscou gufata ayo masezerano nk'ayasigura ko "ishobora kubandanya intambara, ko ishobora kubandanya gutera ibisasu ku bisagara", inyuma y'ibitero bishasha vyahitanye abantu i Zaporizhzhia.
Ku wa gatandatu, Perezida wa Ukraine yaravuganye n'abategetsi batari bake b'ibihugu bicuditse na Ukraine kugira baganire ku vyaheruka kuba, asaba ko hafatwa "ingingo ziboneka zo gukingira ubuzima bw'abantu muri Ukraine" no gucungera umutekano w'Uburayi.
Umuvugizi w'ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza yavuze ko Andy Burnham, arongoye reta y'Ubwongereza, yavuganye na Zelensky, amumenyesha ko "amushigikiye ata gahaze".
Uwo muvugizi yavuze ko abo bategetsi babiri bumvikanye ko Uburusiya bukwiye kwemera "guhagarika atagisabwe ibitero ku bigo bitanga umuyagankuba n'ibitoro", hamwe no guhagarika ibitero ku bwato buca mu kiyaga Cirabura.
Yavuze ko ivyo "vyotuma ibitoro n'ibifungurwa vyinshi bishika ku masoko mpuzamakungu".
Amasezerano ya Amerika n'Uburusiya ajanye na mazutu yaraneguwe kandi n'umukuru ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu mu Bumwe bwa Buraya, Kaja Kallas.
Kimwe na Zelensky, Kallas yavuze ko guhagarika ibihano vyafatiwe Uburusiya "bituma Moscou ironka ayandi mafaranga yo kubandanya intambara".
Yongeyeko ati: "Iki si co gihe co kugabanya igitsure ku Burusiya, kandi Uburayi ntibuzokigabanya."
Yavuze ko abashikiranganji bajejwe imigenderanire n'ayandi makungu bo mu bihugu vy'Ubumwe bwa Buraya biteguriye kwemeza ku wa mbere ibihano bikomeye kurusha ibindi vyose vyafatiwe Uburusiya kuva butanguye kugaba ibitero bikomeye kuri Ukraine.
Ayo masezerano n'Uburusiya ni kimwe mu twigoro Trump ariko aragira kugira agabanye ibiciro vy'ibitoro muri Amerika , imbere y'amatora yo hagati mu kiringo c'ubutegetsi bwiwe.
Ivyo bibaye inyuma y'amezi amaze ahanganye n'ingaruka za politike z'intambara yo muri Iran.
Iyo ntambara, yatanguye muri Ruhuhuma(2), yatumye ibiciro vya essence na cane cane mazutu biduga cane.
Ivyo vyatumye Abanyamerika benshi batakaza icizere bari bafitiye Trump, kubera ibiciro vy'ibitoro vyaduze ku bibanza babiguriramwo, hamwe n'ingaruka zavyo zatumye ibiciro vy'ibindi bidandazwa n'ibikorwa bitandukanye biduga muri rusangi.
Nk'uko ishirahamwe AAA ribivuga, muri iki gihe igiciro ca mazutu muri Amerika ni amadolare 6,28 (amapawundi 4,74) kuri galoni imwe, kivuye ku madolare 5,94 mu kwezi guheze, mu gihe mu mwaka uheze cari amadolare 3,68.
Muri ayo masezerano, Uburusiya buzobanza gushira ku masoko ya Amerika n'ayandi makungu amatoni 300.000 ya mazutu, hakurikire ayandi matoni 500.000 mu kwezi kwa Munyonyo.
Mu butumwa Trump yanditse ku rubuga rwiwe Truth Social, yavuze ko hazokurikira ayandi matoni umuliyoni, hanyuma ayandi matoni imiliyoni zitatu "mu gihe gito".
Ariko yavuze ko ayo matoni ya nyuma azotangwa "bivanye n'uko ibigo vy'Uburusiya bitunganya ibitoro bizoba vyifashe".
Mu mezi 10 aheze, Uburusiya bwarahuye incuro zibiri n'ikena rikomeye ry'ibitoro mu gihugu, kubera ibitero vy'utudege tutajamwo abadereva twa Ukraine ku bigo vyabwo bitunganya ibitoro.
Nk'uko Ishirahamwe Mpuzamakungu rijejwe ivy'inguvu (AIE) ribivuga, umwimbu wa mazutu mu Burusiya wagabanutse hafi ibice 30 kw'ijana.
Mu kwezi kwa Kigarama(12) guheze, Trump yari yamaze gusaba ko haba amatora mashasha muri Ukraine , avuga ko abanyagihugu ba Ukraine bakwiye guhabwa akaryo ko guhitamwo uwundi perezida mu kibanza ca Zelensky.
Kuva intambara itanguye mu 2022, Ukraine iri mu bihe vy'amategeko adasanzwe y'intambara, aho amatora yahagaritswe.












