Abantu 12 bapfuye, abandi 300 barakomereka mu gitero ku kibuga c'indege c'i Riyadh, umurwa mukuru wa Arabia Saoudite

Insiguro ya video, Raba: Uko vyari vyifashe ku kibuga c'indege ca Riyadh inyuma y'igitero.
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 4

Abantu n'imiburiburi 12 barishwe, abandi 309 barakomereka mu gitero cagabwe ku kibuga c'indege kiri i Riyadh, umurwa mukuru wa Arabia Saoudite, nk'uko abategetsi baho babivuga.

Urwego rwa Arabia Saoudite rujejwe ivy'indege rwavuze ko mu bapfuye harimwo Abanya-Arabia Saoudite bane, abantu babiri bo muri Bangladesh, hamwe n'abava muri muri Amerika, Jordanie, Palestine, Syrie, Soudan na Misiri.

Ibikorwa vyarahagaritswe ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca King Khalid.

Mu nyuma, urunani rw'ingabo rurongowe na Arabia Saoudite rwasezeranye kwishura ico gitero, rwagirije abarwanyi b'Abahouthi, rwongera ruvuga ko ari "icaha c'intambara".

Abahouthi ntibaremera ko ari bo bagavye ico gitero. Ariko uwo murwi ni wo wari wagavye ibindi bitero kuri ico kibuga c'indege ku wa kane, vyahitanye abantu batatu, vyongera vyonona indege imwe.

Mu minsi iheze, intambara yararushirije gukomera hagati y'ingabo za reta ya Yemen ishigikiwe na Arabia Saoudite n'abarwanyi b'Abahouthi, bagenzura igice kinini c'ico gihugu. Igitero co ku wa gatandatu ni co cahitanye abantu benshi muri Arabia Saoudite kuva muri Rusama(5) 2015.

Uretse ibitero vyagabwe ku kibuga c'indege ca Riyadh, urunani rw'ingabo rurongowe na Arabia Saoudite rwavuze ko ku wa gatandatu hari n'igisasu caguye hafi y'ikibuga c'indege mpuzamakungu ca King Fahd, i Dammam, mu buseruko bwa Arabia Saoudite.

Ivyo bitero bibaye umusi umwe inyuma y'aho abategetsi batangarije ko Abanya-Arabia Saoudite batatu, harimwo umudereva w'indege, bishwe mu bitero bibiri Abahouthi bashigikiwe na Iran bari bagavye kuri ico kibuga c'indege ku musi w'imbere yaho.

Skip podcast promotion and continue reading
BBC Gahuza WhatsApp
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abandi bantu batatu bari bishwe mu bitero Abahouthi bagavye ku bibuga bibiri vy'indege vyo muri Arabia Saoudite, ku wa 6 no ku wa 7 Gitugutu(10).

Mw'itangazo ryo ku wa gatandatu, urwego rwa Arabia Saoudite rujejwe ivy'indege rwavuze ko bamwe mu bakomeretse "bamerewe nabi cane".

Rwavuze ko hariko harasuzumwa ivyononekaye kuri ico kibuga c'indege.

Icabona cavuze ko cari mu gice c'ikibuga c'indege gikorerwamwo ingendo zo hagati mu gihugu, cabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko cabonye ahinjirira ingenzi hitwa 401 hahitanwa n'igitero, kandi ko cabonye "abantu bakomerekera imbere y'amaso yaco".

Congeye kiti: "Abantu bose bariko bariruka."

Itororokanirizo ry'amakuru Reuters , isubiramwo ivyavuzwe n'icabona, yatangaje ko imodoka zirenga 12 zitwara indembe zabonetse ziriko ziranyaruka zija kuri ico kibuga c'indege.

Mu nyuma, umuvugizi w'urunani rw'ingabo rurongowe na Arabia Saoudite, Jenerali Majoro Turki al-Maliki, yavuze ko igitero cagabwe kuri kimwe mu bice vy'ikibuga c'indege vyakira ingenzi cahitanye abantu, abandi kirabakomeretsa, harimwo ingenzi z'abasivile n'abakozi b'ikibuga c'indege.

Yavuze ko ico gitero ari "icaha c'intambara gikomeye kandi gitomoye".

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Marco Rubio, yariyamirije cane ibitero biheruka kugabwa kuri Arabia Saoudite, yongera yemeza ko Umunyamerika umwe yari mu bishwe.

Mu nyuma, abamenyeshamakuru babajije Perezida Donald Trump nimba Amerika iteganya kwifatanya na Arabia Saoudite mu kugaba ibitero ku Bahouthi.

Yishuye ati: "Birashoboka. Tugiye kubiraba. Duhejeje kumenya ivy'ico gitero giheruka, rero tuzofata ingingo. Turanyarutsa cane mu gufata ingingo."

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, António Guterres, yavuze ko "yababajwe kandi yatangajwe cane" n'ivyo bitero, avuga ko ari "ukurenga ku mategeko mpuzamakungu" kandi ko "bitegerezwa guhagarara ubwo nyene".

Misiri, Palestine na Qatar na vyo nyene vyariyamirije ivyo bitero.

Ambasade z'ibihugu vya Buraya na Amerika ziri muri Arabia Saoudite zagabishije abanyagihugu bazo kwirinda kuja hafi y'ikibuga c'indege ca Riyadh.

Ubushikiranganji bw'Ubwongereza bujejwe imigenderanire n'ayandi makungu bwasavye Abongereza kwirinda ako karere "gushika umutekano usubiye kuba mwiza ku kibuga c'indege".

Amashirahamwe atari make y'indege yo mu bihugu vyo mu kigobe c'Abarabu yavuze ko yahagaritse ingendo z'indege zija i Riyadh n'izivayo.

Ishirahamwe Kuwait Airways ryavuze ko iyo ngingo yafashwe kubera "uko ivy'umutekano vyifashe" kuri ico kibuga c'indege.

Urubuga Flightradar rukurikirana ingendo z'indege rwerekana ko indege zose zari zerekeje i Riyadh zahinduriwe inzira canke ingendo zazo zirahagarikwa.

Abahouthi bavuga ko bagaba ibitero kuri Arabia Saoudite kubera ishigikira ingabo za reta mu ntambara y'abanyagihugu ibera muri Yemen.

Iyo ntambara yarushirije gukomera inyuma y'aho Abahouthi bigaruriye ningoga ibice bihambaye vy'inkengera z'ikiyaga Gitukura.

Muri ivyo bice harimwo ikivuko ca Mokha kiri ku nzira y'amazi ya Bab al-Mandab, ahantu ikiyaga Gitukura gifunganye kurusha ahandi, kandi haca ubwato bwinshi butwara ibidandazwa hagati y'ibihugu.

Ingabo za Yemen zishigikiye reta zahavuye zivuga ko "zacungereye umutekano" w'iyo nzira y'amazi iri mu bumanuko bw'ikiyaga Gitukura.

Urunani rw'ingabo rurongowe na Arabia Saoudite rwashinzwe mu 2015, inyuma y'aho ibihugu vy'Abarabu vyifatanirije kugira bibuze Abahouthi kwigarurira Yemen, bayikuye mu minwe ya reta yemewe n'amakungu.

Mu 2022, harumvikanywe agahengwe k'igihe gito, inyuma y'imyaka myinshi y'ibitero vy'indege n'intambara yo ku butaka vyahitanye abantu ibihumbi amajana, bigatuma haba kimwe mu bibazo bikomeye kurusha ibindi kw'isi mu bijanye n'imibereho y'abantu.

Ariko ako gahengwe katari gashingiye ku masezerano akomeye katanguye guhungabana muri Mukakaro.

Abahouthi batangaje ko bashizeho "ingingo yo kubuza ubwato kuja muri Arabia Saoudite canke kuvayo", baca batangura kugaba ibitero bakoresheje ibisasu vya misile n'utudege tutajamwo abadereva ku bibuga vy'indege, ku bigo bikorerwamwo ibitoro no ku bwato butwara ibitoro mu kiyaga Gitukura.

Bavuze ko ivyo bitero ari ukwihora kubera ico bise "ugukikiza Arabia Saoudite yamaze imyaka ibuza ibintu kwinjira muri Yemen no kuyivamwo", hamwe n'igitero c'indege cagabwe ku kibuga c'indege kiri i Sanaa, umurwa mukuru wa Yemen, ugenzurwa n'Abahouthi.