Iran: Umugabo yaciriwe umunyororo w’imyaka umunani ku caha co guca umutwe umugore wiwe

Imbere y'uko yicwa, bivgwa ko Mona Heydari yagirije umugabo wiwe ko yamukorera itoteza

Ahavuye isanamu, ILNA

Insiguro y'isanamu, Imbere y'uko yicwa, bivgwa ko Mona Heydari yagirije umugabo wiwe ko yamukorera itoteza

Na David Gritten

BBC News

Umugabo yaciye umutwe umugore wiwe w’imyaka 17 muri Irani yaciriwe umunyororo w’imyaka umunani, nk’uko bivugwa na sentare.

Amasanamu ya Sajjad Heydari yikoreye umutwe wa Mona yari yaciye mu karere ka Ahvaz mu mu ciswe “ubwicanyi bw’iteka” mu mwaka uheze yateje uburakari.

Umuvugizi w’igisata c’ubutungane avuga ko iki gihano corohejwe cavanye n’uko abavyeyi ba Mona “bamugiriye imbabazi” kuri ubu bwicanyi banka kurondera kwihora.

Imbere y’aha, se wiwe yavuze ko ata burenganzira yari yatanze ko yicwa.

Mona yari yarongowe n’uyu mugabo afise imyaka 12 maze avyara umwana w’umuhungu ku myaka 14 yonyene.

Ibinyamakuru vyo muri ico gihugu bivugwa ko Mona yari yahungiye muri Turukiya kubera itotezwa ryo mu rugo yakorerwa n’umugabo wiwe yari yaramwankiye ko bahukana.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yari yasubiye muri Irani imisi mike imbere y’uko yicwa mu kwa kabiri kubera bivugwa ko yari yijejwe n’umuryango ko ataco yari kuba.

Umuvugizi w’igisata c’ubutungane Massoud Setayeshi yabwiye abamenyeshamakuru ejo ku wa gatatu ko Sajjad Heydari yari yaciriwe umunyororo w’imyaka indwi n’igice ku caha c’ubwicanyi hamwe n’amezi umunani y’inyongera kubera ukurwana.

Avuga ko iki gihano kijanye n’itegeko rya Irani rivuga ko icaha co kwica n’ibigirankana gihanishwa igihano co kunyongwa kiretse umuryanyo wa nyene kwicwa ugiriye imbabazi nyene kumwica.

Avuga ko muramu wa Mona yari yaciriwe umunyororo w’amezi 45 ku ruhara yagize muri ubwo bwicanyi.

Ubu bwicanyi bw’agahomerabunwa bwatumye abanyagihugu basubira gusaba ko itegeko rya Irani ryobuza ihohotera rikorerwa mu ngo rikanakingira abarikorerwa.

Basaba kandi ko imyaka yo gushingira abana yoduzwa.

Muri kino gihe, itegeko rivuga ko abakobwa barongorwa bashikanye imyaka 13, ariko n’abari musi y’iyi barashobora kurongorwa habaye ubwumvikanye imbere y’amategeko n’abavyeyi.

Mu 2020, harabaye induru nk’izi igihe Romina Ashrafi yari afise imyaka 14 akererwa umutwe na se wiwe igihe avuzwe ko yatorotse imuhira ari kumwe n’umuhungu bakundana.

Se wiwe, abanje kuvugana n’umushingwamanza wiwe ku bijanye n’igihano yari gushobora guhabwa kuri ico caha imbere y’uko amwica, yapfunzwe imyaka icenda – ibuzemwo umwaka umwe ku ku yemewe muri iryo tegeko.

Reta yahavuye yemeza integuro y’itegeko rihana ivyaha bitandukanye bikorerwa abagore.

Hagati aho, ntiriremezwa n’inama nshingamateka, mbere n’umuhinga yigenga wa ONU akaba avuga ko ata ntambwe iraterwa.

Muri kino gihe, Irani irangwamwo imyiyerekano yo kwiyairiza reta yaturutse ku rupfu rw’umugore yapfiriye mu gasho k’igipolisi kijejwe inyifato mu kw’icenda kw’umwaka uheze yagirizwa ko yari yambaye nabi wa mwitwikiro w’aba-Islam, uzwi nka hijab.

Gushika ubu, abantu bane baramaze kunyongwa kubera uruhara bagize muri iyo myiyerekano, mu gihe abandi 18 bakirindiriye kunyongwa inyuma y’igihano c’urupfu baciriwe.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko bahawe ibi bihano mu manza z’amanyanga.