Iran: Uwarongowe akiri umwana ari mu bagore batatu baherutse kunyongwa ku musi umwe

Mu 2020, i Londres mu Bwongereza haratunganijwe imyiyerekano yo kwiyamiriza ikoreshwa ry'igihano c'urupfu muri Irani

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu 2020, i Londres mu Bwongereza haratunganijwe imyiyerekano yo kwiyamiriza ikoreshwa ry'igihano c'urupfu muri Irani

Ku wa gatatu, ababetetsi ba Irani baranyonze abagore batatu bagiriwe n’icaha co kwica abagabo babo, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu muri ico gihugu.

Iryo shirahamwe, Iran Human Rights Group, rivuga ko abo bari mu bantu 32 banyonzwe mu kiringo c’indwi imwe gusa.

Umugore yarongowe akiri umwana, yagiye kwagirwa n’icaha c’uko yahavuye yica umugabo yari yamurongoye afise imyaka 15, ni umwe muri bo.

Abategetsi ba Irani bazwi ko bongereje akariro mu gucira abantu imanza zo gupfa, aho bamaze kunyonga abantu bangana incuro zibiri gushika ubu ugereranije n’umwaka uheze.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko Iran kandi ari co gihugu ca mbere kinyonga abagore, abenshi muri bo bakavugwa ko bagirwa n’icaha co kugandagura abagabo babo.

Ku wa gatatu, ishirahamwe Iran Human Rights Group ryavuze ko uyu mugore Soheila Abadi yari yarongowe akiri umwana, yanyongewe mw’ibohero amaze kwagirwa n’icaha co kwica umugabo wiwe yari yamurongoye afise imyaka 15 bakaba bari bamaranye imyaka cumi.

Sentare yaciye uru rubanza ivuga ko “indyane zo mu muryango” ari zo zatumye uyu mugore yica umugabo wiwe.

Abandi bagore babiri banyonzwe ku wa gatatu nabo nyene bagiriwe n’icaha co kwica abagabo babo, nk’uko iri shirahamwe ribivuga.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko nyinshi muri izi manza ziba zirimwo ihohotera rikorerwa mu ngo, ariko ko amasentare ya Irani adakunze kubifatirako.

Ibiharuro nyavyo vy’abanyongwa ntibizwi kuko abategetsi ba Irani badatangaza ku mugaragaro buri muntu anyonzwe.

Icigwa cakozwe mu kwa kane n’amashirahamwe abiri aharanira agateka ka muntu, cerekana ko ibice 16.5% vy’abazwi ko banyonzwe mu mwaka uheze ari bo batangajwe.

Ivyegeranyo vyerekana ko igihano c’urupfu ciyongereye.

Amnesty International muri ino ndwi yagirije Irani ko, kuva mu mezi aheze, yafashe ingendo “iteye ubwoba” yo kunyonga, aho abantu barenga 250 aribo banyonzwe mu mezi atandatu ya mbere y’uno mwaka wa 2022.

Abo ni incuro zirenga zibiri ku gitigiri c’abanyonzwe mu mwaka uheze mu kiringo nk’iki.

Icegera c’umukuru w'akarere muri Amnesty International, Diana Eltahawy avuga ati: "Reta iriko irica ku bwinshi mu gihugu cose, mu gitero giteye ubwoba kibangamiye uburenganzira bwo kubaho."

Iri shirahamwe rivuga ko bamwe mu bagirwa n’icaha banyongwa ikivunga, harimwo n’abaharurwa mw’icumi banyongewe mw’ibohero rimwe ku wa 15 Ruheshi (6), igitigiri nk’ico nyene mu rindi bohero ku wa 6 Ruheshi.

Inkehwa kandi nizo nyinshi muri ibi biharuro.

N’aho bangana hafi 5% y’abanyagihugu bose ba Iran, abanyagihugu bo mu bwoko bw’inkwehwa bw’aba Baluchi barenga ica kane muri abo Amnesty International izi ko bamaze kunyongwa gushika ubu uno mwaka.