Iran yongereje urugero rwa uranium inyuma y'igitero ku ruganda rwayo cayibabaje

Perezida Hassan Rouhani (uwa kabiri uvuye i bubamfu) ariko yerekwa ibikoresho vyo guhingura uranium, hari ku wa gatandatu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Perezida Hassan Rouhani (uwa kabiri uvuye i bubamfu) ariko yerekwa ibikoresho vyo guhingura uranium, hari ku wa gatandatu

Iran igiye kwongereza urugero rwa uranium gushika ku bice 60% mu kwihora igitero ku ruganda rwayo cikekwa ko cakozwe na Israel, nk'uko bivugwa n'umukuru w'ico gihugu Hassan Rouhani, ibi bikayituma yegereza urugero rukenewe kugira ihingure ikirwanisho c'ubumara.

Igitero co ku wa Mungu casambuye ivyuma vy'umuyagankuba ku ruganda rwa Natanz, bituma ibikoresho vyo guhingura ubutare bwa uranium biharurwa mu bihumbi vyononekara.

Perezida Rouhani yaciye agabisha ababikoze ko urugero rwa uranium rugiye kwongerezwa kubera "ubugome bwanyu".

Ariko yashimangiye ko ibikorwa vya Irani vyo guhingura ubutare bw'ubumara "ari ivy'amahoro gusa".

Ubufaransa, Ubudagi, n'Ubwongereza vyaciye vyerekana "impungenge nyinshi " kuri iyo ngingo, bikavuga ko Iran "ata kintu na kimwe cosigura ko ikeneye kwongereza uru rugero mu mugambi wa gisivire".

Ibi bihugu biri muri ya masezerano yo mu 2015 na Iran, amasezerano ayemerera guhingura uranium gushika ku rugero rwa 3.76% kugira ngo ikore umuyagankuba. Kugira ngo hashobore guhingurwa ikirwanisho c'ubumara hakenewe uranium itunganyije iri ku rugero rwo 90% no kurenga.

Iran yatanguye kwongereza uranium itunganyije ishika ku rugero rwa 20%, hari mu kwa mbere mu kwihora ku bihano vyari bisubijweho na Amerika igihe yari irongowe na Donald Trump, inyuma y'aho yiyonkoreye muri aya masezerano haraciye imyaka itatu.

Israel ntirashobora kwemeza canke guhakana uruhara rwayo mu gitero co ku ruganda rwa Natanz, ariko isanzwe ibona ko umugambi wa Iran wo guhingura ubutare bw'ubumara ari akaga ku kubaho kwayo kandi aranegura utwigoro twa Joe Biden two kunagura aya masezerano.

Iradiyo y'igihugu yatangaje amakuru yahawe n'igendereza avuga ko ico gitero cari igitero cakozwe ku nyabwonko na Mossad, urwego rwa Israel rujejwe igendereza ryo hanze.

Abajejwe igendereza rya Amerika babwiye ikinyamakuru New York Times ko igisasu kinini caturitse kigasambura ibikoresho vyatanga umuyagankuba mu cumba co mu kuzimu ku ruganda rwa Natanz cahingurirwamwo uranium.

Ku wa kabiri, umukuru w'ikigo c'inama nshingamateka ya Irani kijejwe amatohoza, Alireza Zakani, yavuze ko ibikoresho biharurwa mu bihumbi "vyononekaye canke bigasamburwa mu mwanya muto" kandi ko "igice kitari gito c'ubushobozi bwacu bwo kwimbura ubu butare" casambutse.

Ku wa kabiri mw'ijoro, uwuserukira Iran mw'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe inguvu z'ubumara ( International Atomic Energy Agency, IAEA) yatangaje ko Iran yari yatanguye kwongereza uranium gushika ku rugero rwa 60% ku ncuro ya mbere mu kwihora ico gitero.

Iran izoshiraho ibindi bikoresho 1000 ku ruganda rwa Natanz vyo gusubiriza ivyasambuwe biri mu bwoko bwa IR-1 vyari bishaje kandi bitakora neza - ibisubirize n'ivyo mu bwoko bwa IR-6 bigezweho, ibi bikazotuma ishobora kwongereza cane uru rugero rwa uranium.

Ejo ku wa gatatu, Perezida Rouhani yabwiye inama nshikiranganji ko mu gihe hakirindiriwe icegeranyo ntabanduka c'inzego za Irani zijejwe umutekano za Iran kuri ico gitero, "biraboneka ko ari igitero cakozwe na Israel". Iran ntiyemera ko Israel ari igihugu gifise uburenganzira bwo kubaho mbere ikunze kucita "igihugu c'abanya siyoni".

Ati: "Ntushobora kurondera guhungabanya umutekano wa Irani hanyuma ngo ukore icaha i Natanz; tuzoguca amaboko igihe uzoba ukoze icaha".

Yongeyeko ati: "Wakoze icaha c'iterabwoba rya nikleyeri; ivyo turiko turakora bijanye n'amategeko".

Perezida Rouhani avuga ko ababikoze bashaka kuburizamwo ibiganiro hagati y'abategetsi ba Amerika na Irani i Vienna mu ntumbero yo kurondera kunagura aya masezerano azwi nka Joint Comprehensive Plan of Action (JCPOA).

"Turazi ico uriko uragerageza kugira; ushaka ko tuja muri ivyo biganiro turi imbokoboko ariko nagomba ndakubwire ko tugiye muri ibi biganiro dufise inguvu nyinshi".

umutegetsi wa Irani yavuze ko ibikoresho vyinshi i Natanz vyononekaye

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, umutegetsi wa Irani yavuze ko ibikoresho vyinshi i Natanz vyononekaye

Mu nyuma, indongozi y'ikirenga ya Iran, Ayatollah Ali Khamenei, yagabishije abategetsi ba Amerika ko "batari bashatse kwemera ukuri" kandi ko akenshi bagiye batanga ivyiyumviro bitari "binakwiye gufatirwako".

Ati: "Ni ngombwa ko ibihano bibanza gufutwa. Mu gihe tuzobona ko ivyo vyakozwe, tuzoheza twubahirize ivyo twiyemeje".

Reta z'Ubufaransa, Ubudagi n'Ubwongereza, zivuga ko kwongereza urugero rwa uranium gushika ku bice 60% ari "ikintu gikomeye" kuko ari "intambwe ikomeye mu nzira yo gukora ikirwanisho c'ubumara".

"Amajambo ya Iran arababaje cane kubera avuzwe mu gihe ibihugu vyose biri muri aya masezerano hamwe na Amerika vyatanguye mu ntumbero yo kunagura amasezerano. Ivyavuzwe na Irani biteye kubiri n'intumbero yo kwubaka n'ukugarukana umwizero muri ibi biganiro".

Umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika Jen Psaki avuga ko ingingo ya Irani ari "agasotoro".