Iran yarahiye ko izokwihora ku gitero ca Israel ku ruganda rwa 'nucleaire' rwa Natanz

Ahavuye isanamu, EPA
Umushikiranganji wa Iran ajejwe imigenderanire yavuze ko igihugu ciwe ''kizokwihora'' ku gitero ku ruganda rwo mu kuzimu, igitero yagiriza Israel.
Abategetsi ba Iran bavuze ko urwo ruganda rwo guhingura uranium rwagabweko igitero ''c'iterabwoba rishingiye kuri nucleaire'' ku wa mungu, inyuma yaho bavugiye ubwa mbere ko hari habaye ikibazo c'umuyagankuba.
Imashine zigezweho zo guhingura uranium zaheruka kwatswa.
Israel ntaco iravuga, ariko hari iradiyo y'igihugu yavuze ko amakuru ava mw'iperereza avuga ko ari igikorwa giciye kuri internet ca Mosad, urwego rujejwe iperereza muri Israel. Bavuga ko ico gitero cononye vyinshi kuruta uko vyari vyavuzwe ubwa mbere.
Abategetsi ba Amerika babwiye ikinyamakuru The New York Times ko uguturika gukomeye cane kwasambuye ata gisigaye ubuhinga bwigenga bw'umuyagankuba bwarungika umuyagankuba muri izo mashini muri urwo ruganda rwi mu kuzimu.
Bagereranya ko bishobora gutwara amezi icenda kugirango ibikorwa vyo guhingura uranium vyongere kurangurirwa aho hantu.
Itororokanirizo ry'amakuru rya Iran Nour, ryegamiye Inama nkuru y'umutekano muri ico gihugu, hagati aho ryavuze ko inkuru zo mu bushikiranganji bujejwe iperereza zivuga ko 'umukuru' mu bagavye ico gitero yamenyekanye kandi ko 'ingingo zikenewe ziriko zirafatwa kugira uwo muntu afatwe'.
Israel yari igize igihe igabisha ku mugambi wa wa nucleaire wa Iran mu gihe hariko higwa ingene hovyugwa amasezerano yo mu 2015 yerekeye nucleaire yahebwe n'uwahoze ari umukuru wa Amerika Donald Trump.
Uwamusubiriye, Joe Biden, yavuze ko ashaka kuvyura ayo masezerano ahambaye.
Ariko Iran n'ibibindi bihugu bitanu vya rutura bikiyarimwo - Ubushinwa, Ubufaransa, Ubudagi, Uburusiya n'Ubwongereza - bakeneye ingene bamuronkera inzira yo kuvanaho ibihano vy'abanyamerika hanyuma Iran nayo ikagaruke ku humvikanywe kutarengwa mu mugambi wayo wa nucleaire.
Abategetsi ba Amerika na Iran bari mu biganiro atari ivy'imbonankubone i Vienne kugira barabe ko bakuraho ayo mayira abiri, ibikorwa abanyaburaya bafashamwo nk'abahuza.
Ihsirahamwe rya Bukaya rivuga ko rigikeneye kumenya neza ivyashitse ku ruganda rwa Natanz, ariko ko ryiyamiriza "ikintu cose coza gitoba canke gica inguvu utwigoro twerekeye amasezerano ya nucleaire".
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi Lloyd Austin, ariko mu rugendo muri Israel, yavuze ko azi ibiriko biravugwa kuri Natanz kandi ko utwigoro tw'uubutetegetsi bwa Biden two kugarukana amasezerano na Iran tuzobandanya.












