US yagiye mu biganiro vy'i Vienna vyo kunagura amasezerano ya nikleyeri na Iran

Ejo ku wa kabiri, abategetsi b'ibihugu bitandatu biri muri aya masezerano niho batangura ibiganiro vy'intangamarara

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ejo ku wa kabiri, abategetsi b'ibihugu bitandatu biri muri aya masezerano niho batangura ibiganiro vy'intangamarara

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zinjiye mu biganiro biriko bibera ku mugwa mukuru Vienna wa Autriche, mu ntumbero yo kunagura ya masezerano yerekeye umugambi wa Iran wo kwimbura ubutare bw'ubumara (nuclear).

Ubutegetsi bwa Trump bwivumbuye muri aya masezerano mu 2018, ariko Perezida Joe Biden avuga ko yipfuza kuyasubiramwo.

Ariko ibindi bihugu bitandatu biri muri aya masezerano bitegerezwa kurondera inzira y'ukungene yokuraho ibihano vyafashwe n'uwo yasubiriye.

Bitegerezwa kandi kurondera ingene Iran nayo yokwemera gusubira gukurikiza ivyo yiyemeje muri aya masezerano ku mugambi wayo wo guhingura ubutare bw'ubumara.

Hagati aho, Iran ivuga ko idashobora kugiriranira ibiganiro amaso mu yandi na Amerika mu gihe ibi bitaraba.

Abategetsi b'Ubwongereza, Ubufaransa n'Ubudagi bariko bakora nk'abahuza, bakora ingendo bava muri hoteli imwe baja mu yindi mu mahoteri abiri y'i Vienna.

Abajejwe imigenderanire b'ibindi bihugu bibiri biri muri ayo masezerano, Uburusiya n'Ubushinwa, na bo nyene bari muri ibi biganiro.

Uwuserukira Uburusiya mu mashirahamwe mpuzamakungu i Vienna, Mikhail Ulyanov, avuga ko ibiganiro vy'intangamarara vy'ejo ku wa kabiri vyabaye "ngirakamaro".

Imirwi ibiri y'abahinga mu bijanye no gukuraho ibihano hamwe n'ibibazo vyerekeye ubutare bw'ubumara, yahawe igikorwa co kwihweza ingingo nyazo zofatwa kugira ngo ibintu bibandanye.

Ulyanov avuga ko aba bahinga baciye batangura igikorwa bahawe ubwo nyene, ariko akagabisha ko ivyo kunagura aya masezerano bishobora gufata igihe kirekire.

Ati: "Bizofata umwanya. Ungana gute? Nta n'umwe abizi. Igihambaye gusumba ... ni uko igikorwa nyezina kugira ngo dushike ku ntumbero yacu catanguye".

line

Ivy'ingenzi ku mugambi wa Iran wo guhingura ubutare bw'ubumara:

  • Ibihugu vya rutura ntivyizigiye Iran: Ibihugu bimwe bibona ko Iran ikeneye guhingura ubutare bw'uburama kubera ishaka gukora ibombe y'ubumara - irabihakana
  • Rero harabaye amasezerano: Mu 2015, Iran hamwe n'ibindi bihugu bitandatu vyarashitse ku masezerano akomeye. Iran yategerezwa guheba bimwe mu bikorwa muri uwu mugambi wayo, hanyuma igakurwako ibihano vyasinzikaje ubutunzi bwayo.
  • None ubu hari ingorane nyabaki? Iran yaciye itangura ibikorwa yari yabujijwe inyuma y'aho Perezida Donald Trump yivumburiye muri aya masezerano aca asubizaho ibihano vyari vyafatiwe Iran. N'aho umukuru mushasha wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden ashaka gusubira muri aya masezerano, buri ruhande ruvuga ko urundi ari rwo rubanza guhinduka.
line

Ku wa mbere, umuvugizi w'ibiro bijejwe imigenderanire n'amakungu vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ned Price, na we yatangaje ko ari ibintu vyo kwitondera aho yabwiye abamenyeshamakuru i Washington ati:

"Nta nyishu yihuta twiteze kubera haracari kare, kuko dusanzwe twiteze ko ibi biganiro bizogorana".

Mu ndwi iheze, intumwa idasanzwe ya Amerika muri Iran, Robert Malley, yari yavuze ati:

"Intumbero ni ukuraba ko dushobora kwumvikana ku nzira tugiye gukurikiza kugira ngo impande zompi zumvikane" kandi ko Amerika yari izi neza ko "itegerezwa kuzokuraho ibi bihano bitajanye n'amasezerano yashitsweko na Iran".

Ejo ku wa kabiri, abajijwe ico avuga kuri aya majambo, umuvugizi wa reta ya Iran, Ali Rabiei, yavuze ko ari "intumbero nziza kandi itanga icizere".

Yongerako ati: "Turizeye ko turi mu nzira nziza, kandi nimba Amerika yerekanye ugushaka, bishobora kuba ikimenyetso ciza c'ejo hazaza heza kuri aya masezerano".

Rabiei ashimangira ko Iran "yiteguye gusubira gushira mu ngiro ivyo yiyemeje vuba bishoboka imaze kubona ko urundi ruhande narwo rwiyemeje gushira mu ngiro ivyo rwiyemeje".

Aya masezerano ku mugambi wa Iran wo guhingura ubumara, uzwi nka Plan d'Action Global Conjoint (canke Joint Comprehensive Plan of Action, JCPOA) - ni ukuvuga "Integuro ihuriweko na bose y'ibitegerezwa gukorwa" - aritaweho cane kuva Donald Trump ayakuyemwo Amerika.

Trump yavuga ko aya masezerano ashingiye kw'"irementanya rinini ry'ubutegetsi bw'inkozi y'ikibi bwabesha ko umugambi wo guhingura ubutare bw'ubumara wari uw'amahoro", maze aca asubizaho ibihano mu bijanye n'ubutunzi mu ntumbero yo guhatira Iran gusubira mu biganiro kugira habe ayandi masezerano.

Abategetsi ba Iran bavuga ko ata kibuza ko ibimaze gukorwa bishobora guhindurwa

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abategetsi ba Iran bavuga ko ata kibuza ko ibimaze gukorwa bishobora guhindurwa

Mu gihe yoyo ibandanya ishimangira ko ata mugambi ifise wo guhingura ibirwanisho vy'ubumara, Iran yaranse uwo mugambi wa Trump, mbere mu kwihora ica itangura guhonyanga bimwe muri bikuru bikuru yari yiyemeje muri ayo masezerano.

Kuva mu mpera z'uyo mwaka, yarongereje umurindi mu guhonyanga ayo masezerano cane cane mu kwongereza urugero rw'ubutare bwa uranium mu ntumbero yo kugerageza gutera igitsure Amerika.