Iran yemeje itegeko ryo kwongereza Uranium, kandi abagenduzi ba ONU bagahagarikwa

Ahavuye isanamu, Reuters
Inama nshingamateka ya Irani yemeje integuro y'itegeko ryo guhagarika abagenduzi b'ishirahamwe ONU ku bigo vyayo bihingura ubutare bw'ubumara, maze hagatangura ibikorwa vyo kwongereza inguvu za uranium.
Iri tegeko rishobora guha uburenganzira reta gusubira gutangura ibikorwa vyo kwongereza inguvu za uranium ku rugero rwa 20% - urugero ruri hejuru cane ugereranije na 3.67% rwari rwumvikanyweko mu masezerano yo mu 2015 - mu gihe ibihano iki gihugu cafatiwe bitoba vyavanyweho mu kiringo c'amezi abiri.
Umukuru w'igihugu wa Irani Hassan Rouhani avuga ko yanse ishirwa mu ngiro ry'iri tegeko.
Iri tegeko ryemejwe haciye iminsi mike wa muhinga mu bijanye n'ubutare bw'ubumara agandaguwe.
Mohsen Fakhrizadeh yiciwe mu gitero kidasanzwe cabereye kw'ibarabara hanze y'umugwa mukuru Tehran ku wa gatanu w'indwi iheze.
Irani ivuga ko Israyeli hamwe n'umugwi utavuga rumwe n'ubutegetsi uri mu buhungiro ari bo bakoze ico gitero bakoresheje ikirwanisho gikoreshwa na telecommande.
Israyeli ntaco iravuga ku ruhara yagirizwa ko yagize muri ico gitero.
Fakhrizadeh yaragize uruhara rukomeye mu mugambi wa Irani wo guhingura ubutare bw'ubumara, ariko reta ibandanya ishimangira ko ibi bikorwa vyo guhingura ubutare bw'ubumara ari ivy'amahoro.
Ibihugu vyo mu burengero bw'isi vyarafatiye ibihano iki gihugu mu ntumbero yo kukibuza guhingura ibirwanisho vy'ubumara.
None iri tegeko rya Irani risigura iki mu mugambi wayo w'uguhingura ubutare bw'ubumara?
Muri iri tegeko, Tehran ishobora guha amezi abiri gusa ibihugu vya Bulaya vyateye igikumu ku masezerano ya 2015 kugira ngo bikore ku buryo bitezurira Irani ibihano ku bitoro n'ubutunzi yafatiwe igihe Amerika yivumbura muri ayo masezerano mu 2018.
Mu gihe ivyo bihano bitoba birakurwaho muri ico kiringo, reta rero ishobora kwongereza urugero rw'inguvu za Uranium gushika kuri 20% kandi igaca yubaka n'ibindi bigo bikomeye mu turere twa Natanz na Fordow dusanzwe duhingurirwamwo uranium.
Ishobora kandi no guhagarika abagenduzi ba ONU ntibashobore gushika muri utu turere.
Ku wa gatatu mw'ijoro, itororokanirizo ry'amakuru rya Irani Fars ryanditse riti: "Mw'ikete yarungitse uno munsi, umukuru w'inama nshingamateka yasavye ku mugaragaro umukuru w'igihugu gushira mu ngiro rino tegeko rishasha"..
Imbere y'uko iri tegeko ryemezwa, Perezida Rouhani yavuze ko reta yiwe itaryemera, akavuga ko "rifise ingaruka mbi" ku bijanye n'imigenderanire.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yivumbuye muri ayo masezerano ya 2015 mu 2018, maze aca asubizaho ibihano vy'ubutunzi kuri Irani.
Umukuru w'igihugu aherutse gutorwa Joe Biden avuga ko azoca asubiza Amerika muri ayo masezerano yateweko igikumu na Barack Obama, kandi ko azoca akuraho ibihano mu gihe Irani yokurikiza ibiri muri aya masezerano.
Mu kw'indwi 2019, Irani yarahonyanze ingingo yayitegeka kutarenza ibice 3.76 % vya uranium kandi ibikorwa vyo kwongereza inguvu za uranium vyarabandanije ku rugero rwa 4.5 kuva ico gihe.
Mu bisanzwe urugero rwa uranium ruri hasi ni ururi hagati y'ibice 3 - 5%, iyi igashobora gukoreshwa mu gukora umuyagankuba. Kugira ngo bushobore guhingurwamwo ibirwanisho butegerezwa kuba buri ku rugero rwo kuva ku bice 90%.
Ukwikeka ko Irani ishobora kuba iriko yinyegeza inyuma y'umugambi wayo wa gisivire wo guhingura ubutare bw'ubumara kugira ngo ihingure ahubwo ikibombe c'ubumara kwatumye umuryango w'ibihugu vya Bulaya, Amerika na ONU biyifatira ibihano mu 2010.
Amasezerano ya 2015 yari yerekeye gushinga ijisho uyu mugambi kugira barabe koko ko atacinyegeje inyuma, maze ibi bihano navyo bigakurwaho.










