Iran-USA: Igitigiri c’Abanyamerika bagize ibibazo vyo mu bwonko mu gitero ca Iran congerekanye

Donald Trump yari yatangaje ko ata musirikare n'umwe yapfuye canke ngo akomereke muri ico gitero ca misire ca Irani

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Donald Trump yari yatangaje ko ata musirikare n'umwe yapfuye canke ngo akomereke muri ico gitero ca misire ca Irani

Amerika ivuga ko igitigiri c'abasirikare bayo bagize ibibazo vyo mu bwonko (traumatic brain injuries, TBI) kubera ca gitero ca Iran ku ngabo za Amerika muri Iraq mu kwa mbere kigeze kuri 109.

Ico gitigiri kirengeye kure cane n'igitigiri ca 64 caheruka kumenyeshwa n'ibiro vyo kwivuna abansi bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Pentagon.

Mu ntango, Perezida Donald Trump wa Amerika wewe yari yamenyesheke ko ata Munyamerika n'umwe yigeze agira ikibazo muri ico gitero.

Bwana Trump yamenyesheje ivyo ashaka gusigura igituma Amerika itasubije ico gitero co ku wa 08 z'ukwa mbere.

Ico gitero cakozwe na Iran mu kwihora igandagurwa ry'umujenerali w'ico gihugu ryakozwe n'igisirikare ca Amerika.

Itangazo ryasohowe na Pentagon rivuga ko hafi ibice 70% ry'abasirikare bagize ibibazo basubiye ku kazi kabo.

Mu kwa mbere, Pentagon yavuze ko igituma ibitigiri vy'abagize izo ngorane zo mu bwonko biguma biduga ari uko ibimenyetso bimwe bimwe bifata umwanya muremure kugira ngo vyibonekeze.

Ejo ku wa mbere, umushingamateka wa Amerika Joni Ernst wo mu mugambwe w'abarepubulikani yasavye izindi nsiguro.

Ati: "Ni ngombwa ko haba integuro yo kuvura aba basirikare bagize ibibazo".

"Nasavye Pentagon ko ubuzima bw'ingabo zacu zarungitswe muri Iraq bwokurikiranwa kubera zishobora guhura n'ibitero vy'amabombe".

Al Asad muri Iraq
Insiguro y'isanamu, Ikirindiro ca Al Asad muri Iraq catewe n'ingabo za Iran ku wa 08 z'ukwa mbere 2020

Mu kwezi guheze, Perezida Trump yafashe ko ibibazo vyo mu bwonko izo ngabo zagize nk'inkurikizi y'ico gitero ari ingorane nto cane.

Ati: "Narumvise ko hari abari bamenetse umutwe, bagira n'ibindi bibazo bimwe bimwe, ariko mvuga nti, kandi ndavyemeza, si ibintu bikomeye".

"Si mfata ko ari ububabare bukomeye mfatiye ku bwo nabonye muri kahise".

Igisirikare ca Amerika kivuga ko ibibazo vyo mu bwonko ku basirikare bari mu karere k'intambara ari ibintu vyama vyabaye.

Ikigo ca gisirikare kijejwe kwitaho abahuye n'ibibazo vyo mu bwonko kivuga ko ingorane zo mu mutwe ku basirikare bari ku rugamba ziva ahanini ku bibombe baterwa.

Abasirikare barenga 400.000 barahuye n'ivyo bibazo kuva mu mwaka wa 2000 nk'uko bivugwa na leta ya Amerika.