USA itangaza ko abasirikare bayo 34 bagize ibibazo vyo mu bwonko mu gitero ca Irani

Donald Trump yari yatangaje ko ata musirikare n'umwe yapfuye canke ngo akomereke muri ico gitero ca misire ca Irani

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Donald Trump yari yatangaje ko ata musirikare n'umwe yapfuye canke ngo akomereke muri ico gitero ca misire ca Irani

Ubunyamabanga bwo kwivuna abansi bwa Amerika, Pentagone, bumenyesha ko abasirikare 34 b'ico gihugu bagize ibibazo vyo mu bwonko (TBI) bivuye kuri ca gitero ca Irani ku kirindiro cazo muri Irak.

Umuvugizi w'ubwo bunyamabanga avuga ko gushika ubu, abashika 17 aribo bakiriko baravurwa.

Perezida Donald Trump wa Amerika yari yatangaje ko ata musirikare wa Amerika n'umwe yigeze agira ingorane muri ico gitero ca Irani co ku wa 08 z'uku kwa mbere, mu kwihora igandagurwa ry'umusirikare mukuru wa Irani.

Bwana Trump akaba yavuze ivyo ashaka gusigura ingingo yafashe yo kudasubiza ico gitero.

Hagati aho mu ndwi iheze, Pentagon yari yamenyesheje ko abasirikare 11 bariko bavurwa kubera ibibazo vyo mu mutwe bagize bivuye kuri ico gitero.

Abajijwe uko kuvuguruzanya mu gihe yari mu nama yerekeye ubutunzi kw'isi mu Buswisi, Bwana Trump yishuye ati: "Narumvise ko hari abari bamenetse umutwe, n'ibintu ataco bivuze, ariko mvuga nti, kandi ndavyemeza, si ibintu bikomeye".

"Si mfata ko ari ububabare bukomeye nk'ubwo nabonye".

Pentagone ivuga ko ata musirikare n'umwe yapfuye muri ico gitero ca Irani c'igisasu ca misire ku kirindiro ca Ain al-Asad, kuko hafi bose bari mu buraro bwo mu kuzimu igihe ivyo bisasu vyaterwa.

Ejo ku wa gatanu, umuvugizi w'ubunyamabanga bujejwe kwivuna abansi, Jonathan Hoffman, yabwiye abamenyeshamakuru ko abasirikare umunani mu bagize ibibazo batahukanywe muri Amerika kugira ngo babandanye bavurwa, mu gihe abandi icenda nabo batwawe mu Budagi.

Donald Trump yari yatangaje ko ata musirikare n'umwe yapfuye canke ngo akomereke muri ico gitero ca misire ca Irani
Insiguro y'isanamu, Donald Trump yari yatangaje ko ata musirikare n'umwe yapfuye canke ngo akomereke muri ico gitero ca misire ca Irani

16 bavuriwe muri Irak uwundi umwe nawe muri Koweit imbere y'uko abo bose 17 basubira ku bikorwa vyabo, k'uko abategetsi babivuga.

Bwana Hoffman avuga ko umunyamabanga ajejwe kwivuna abansi, Mark Esper atashotse aronka amakuru y'uko hoba hari abasirikare bari bagize ibibazo mu minsi yakurikiye ico gitero.

Ishirahamwe ry'abakukuruke bahoze barwana mu ntambara za Irak na Afghanistani, riranegura ubutegetsi bwa Trump kubona butashotse bumenyesha ko hari abasirikare bagize ibibazo.

Paul Rieckhoff, uwatanguje iryo shirahamwe avuga ati: "ico ni ikintu gikomeye. Leta ya Amerika yategerezwa guha Abanyamerika amakuru ku vyerekeye ubuzima bw'abana babo. Nta kindi kintu gisumba ico".

Igisirikare ca Amerika kimenyesha ko izo ngorane zikunda gushika mu burere bw'intambara.

Ejo ku wa gatanu, abanyagihugu ba Irak ibihumbi n'ibihumbi barihaye amabarabara ku mugwa mukuru Baghdad biyamiriza abasirikare mvamakungu baharurwa mu 5000.

Inama nshingamateka ya Irak iherutse gusaba abarwanyi mvamakungu bose - harimwo n'abanyamerika - kuva muri ico gihugu.