Iran: Ayatollah Ali Khamenei atera intege igisirikare ca Irani

Ahavuye isanamu, AFP
Indongozi nkuru ya Isilamu muri Irani, Ayatollah Ali Khamenei, yashigikiye igisirikare c'ico gihugu inyuma y'aho kimenyeshereje ko ari co carashe cihenze ya ndege yari itwaye abantu muri Ukraine.
Avuga ko igisata ca gisirikare kijejwe gukingira ubutegetsi bwa ki isilamu - ari co carashe iyo ndege - "kijejwe gukingira umutekano" wa Irani.
Iraswa ry'iyo ndege ryatumye haba imyiyerekano ku mugwa mukuru Tehran eka n'amakungu anegura cane Irani ku kungene yafashe ico kibazo.
Hagati aho, Ayatollah yagerageje kuvugira izo ngabo mu gisabisho yarongoye ejo ku wa gatanu i Tehran, ubwa mbere kuva mu 2012.
Iyo ndege ya Ukraine yarashwe ivuye ku mugwa mukuru Tehran ija i Kyiv muri Ukraine ku wa 08 z'uku kwezi. Abari muri yo bose 176, harimwo abava mu bihugu vya Irani, Canada, Suwede n'Ubwongereza, nta n'umwe yarokotse.
Ayatollah yasavye ko abanya Irani "bagira urunani" kandi ko abansi bayo - ashaka kuvuga Amerika n'ibihugu bicuditse nayo - bariko biheka inyuma y'iraswa ry'iyo ndege kugira ngo bibagize igandagurwa rya Jenerali Qasem Soleimani yarashwe na drone y'Abanyamerika.
Ati: "abansi bacu baranezerejwe n'iraswa ry'irya ndege mu gihe natwe tubabaye".
"Bararyohewe kuko baronse ico bagiriza ingabo zijejwe gukingira ubutegetsi bwa ki isilamu hamwe n'igisirikare ca Irani".
Ayatollah Khamenei w'imyaka 80 yavuze ayo majambo ari ku musigiti wa Mosalla ku mugwa mukuru Tehran. Yaheruka mu 2012 igihe Irani yahimbaza imyaka 33 yari irangiye Idini rya Isilamu rifashe ubutegetsi.
Hampande yo gushigikira igisirikare, Ayatollah yaneguye kandi ubutegetsi "bw'ikibi" bwa Perezida wa Amerika Donald Trump, yise "umugesera".

Ahavuye isanamu, AFP
Yagirije ubutegetsi bwiwe ko ari ababeshi mu kuvuga ko bushigikiye abanyagihugu ba Irani, kandi ko bazobihinduka mu nyuma.
Mu gihe Amerika ifata ingabo zidasanzwe za Quds nk'umurwi w'iterabwoba, Ayatollah Khamenei azita ko ari "ingabo zijejwe ubutabazi kandi zigengwa n'ubuntu".
Mu kwishura kuri ivyo vyari bihejeje gushikirizwa, intumwa idasanzwe ya Amerika muri Irani, Brian Hook, avuga ko ico gihugu kizobandanya gishirwa ku ruhande "mu gihe cose ubutegetsi bwaco buzobandanya bubangamiye isi".
Abategetsi ba Irani babanje guhakana ko ata ruhara bagize mw'iraswa ry'iyo ndege, ariko mu nyuma igisata c' ingabo zijejwe gukingira ubutegetsi bwa ki isilamu kivamwo kiremanga ko ari co cayikoroye kiyitiranije ma misire ya Amerika.
Ico gihe icuka kibi hagati y'ivyo bihugu bibiri cari kigeze aho umwansi ashaka.
Imbere y'uko iryo bara rigwa, hari haciye amasaha make Irani iteye ibisasu bibiri vya misire ku birindiro vy'abasirikare ba Amerika muri Irak mu kwihora igandagurwa rya Jenerali Soleimani.
Mu ntango, Amerika yari yatangaje ko ata musirikare wayo yapfuye canke ngo akomereke, ariko mu nyuma ikaba yagiye kumenyesha ko hari abasirikare bayo 11 bariko baravurwa kubera bagize ibibazo vyo mu mutwe haciye iminsi ivyo bisasu bitewe.










