Qasem Soleimani: Abantu baje ari benshi i Baghdad mu muhango wo kumwunamira

Ahavuye isanamu, Reuters
Isinzi ry'abantu ku murwa mukuru wa Irake, Baghdad, bitabiriye umuhango wo guherekeza umugaba w'ingabo wo muri Irani, Qasem Soleimani, yiciwe mu gitero c'indege za Amerika ku wa kane.
Soelimani niwe yari kw'isonga mu gutegura ibikorwa vya gisirikare vya Irani mu karere k'uburasirazuba bwo hagati, kandi Irani yararahiye ko itegerezwa guhorera urupfu rwiwe.
Ikiziga ciwe vyitezwe ko gisubizwa muri Irani kugira ashingurwe mu muji yavukiyemwo.
Iryo sinzi ry'abantu i Baghadad ryari ryaje kandi kwunamira Abu Mahdi al-Muhandis, umugaba w'ingabo w'umunye Irake yatwara umugwi ushigikiwe na Irani wa Kataib Hezbollah.
Uwo mugwi niwo wavuyemwo utugwi tuzwi nka Popular Mobilisation units, dufashe mu mugongo imigwi y'abarwanyi muri Iraki yiganjemwo iyishigikiwe na Irani.
Abaje kwunamira abo bishwe, imbere y'uko umuhango utangura, baza barazungagiza amabendera ya Irake n'ay'imigwi y'abarwanyi baririmba bati "urupfu kuri Amerika".
Bakoze urugendo rwakwiragiye mu mabarabara, bamwe bitwaje amasanamu ya Soleimani abandi bitwaje ay'umukuri w'ikirenga wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei.
Amakuru avuga ko ibiziga vy'abanye Irani bishwe bica bijanwa muri Irani ku mugoroba, ico gihugu kikaba cashizeko iminsi itatu yo kugandarira uwo mu jenerale yagandaguwe.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ipfubwa ryiwe rizoba kuwa kabiri mu muji yavukiyemwo wa Kerman mu ntara yo hagati muri Irani.
Ariko hari abanye Irake bo banezerewe barigina mu mabarabara ya Baghdad bumvise amakuru y'urupfu rwa Soleimani.
Yagirizwa kuba yarateguye ibikorwa vyo guhasha abantu bari mu myiyerekano mu mutekano yo gusaba umuzo wa demokrasi mu mezi aheze.

Ahavuye isanamu, AFP
Ibindi bitero vy'indege muri Irake
Televiziyo ya leta ya Irake ku wa gatanu yavuze ko habaye ikindi gitero c'indege mu gihugu, amasaha 24 nyuma y'iyicwa rya Soleimani.
Umwe mu basirikare ba Irake yabwiye ibiro ntaramakuru Reuters ko abantu batandatu biciwe muri ico gitero kindi, cagabwe ku rukurikirane rw'imiduga y'abarwanyi bo muri Irake mu masaha ya kare mu gindo co kuwa gatandatu.
Umuvugizi w'isigirikare ca Amerika yahakanye ivy'uko boba ari bo bagize uruhara muri ico gitero kindi.
Leta Zunze Ubumwe za Amerika zavuze ko zarungitse abandi basirikare ibihumbi bitatatu mu burasira zuba bwo hagati gufasha mu gihe hogira ikiba kubera igitero c'indege cagabwe.










