Iran: Igisirikare ca Amerika cemeza ko cishe umukuru w’ingabo zidasanzwe za Quds, Qasem Soleimani

Pentagon yemeza ko ingabo za Amerika zishe Jen Soleimani

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY

Insiguro y'isanamu, Pentagon yemeza ko ingabo za Amerika zishe Jen Soleimani

Jenerali Qasem Soleimani, umukuru w'ingabo zidasanzwe, Quds, zo mu gisata c'igisirikare kijejwe gukingira ubutegetsi bwa ki isilamu (Iranian Revolutionary Guards'), yishwe n'ingabo za Amerika muri Irak.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika, Pentagon, bwemeza ko yishwe "kw'itegeko ry'umukuru w'igihugu".

Igihe yahitanwa n'ico gitero c'indege za Amerika, Jenerali Soleimani yari mu modoka imureruye imukura ku kibuga c'ingege ca Baghdad, ari kumwe n'umurwi w'abarwanyi ushigikiwe na Irani.

Indongozi nkuru ya Irani, Ayatollah Ali Khamenei, avuga ko "igihugu kizokwihora bikomeye inkozi z'ikibi" zakoze ico gitero.

Yatangaje kandi ikigandaro c'iminsi itatu.

Jen. Soleimani yari umuntu akomeye mu butegetsi bwa Irani. Ingabo ziwe, Quds, zakukira Ayatollah Ali Khamenei ubwiwe kandi yafatwa nk'incungu y'igihugu.

Hagati aho, Amerika yafata ingabo za Quds n'umukuru wazo nk'umurwi w'iterabwoba, kandi ikabagiriza ko aribo bishe abanyamerika baharurwa mu majana.

Aciye ku rubuga rwa Twitter, umukuru w'igihugu ca Amerika Donald Trump yakwiragije ibendera rya Amerika iyo nkuru imaze kumenyekana.

Inyuma gato y'ico gitero, ibiciro vy'igitoro vyaciye biduga gushika ku bice birenga 4%.

Vyagenze gute?

Ibinyamakuru vya Amerika bivuga ko Jen. Soleimani n'abategetsi b'umurwi w'abarwanyi ushigikiwe na Irani bariko bava ku kibuga c'indege ca Baghdad bari mu modoka zibiri igihe baterwa n'indege hafi y'ahashikira imizigo.

Jen. Soleimani avugwa ko yoba yari avuye muri Libani canke Syria.

Ibisasu vya misire bitari bike vyateye abari muri urwo rugendo, bikavugwa ko abantu bashika batanu ari bo baguye muri ico gitero.

Igisirikare kijejwe gukingira ubutegetsi bwa ki isilamu muri Irani kimenyesha ko umukuru w'umuhari w'abarwanyi ba Irak, Abu Mahdi al-Muhandis, ari mu bahitanywe n'ico gitero.

Itangazo rya Pentagon rivuga riti: "Kw'itegeko ry'umukuru w'igihugu, igisirikare ca Amerika cakoze igitero gikomeye co kwivuna kugira ngo gikingire abanyamerika bakorera mu mahanga mu kwica Qasem Soleimani".

Ryongerako riti: "Iki gitero cari gifise intumbero yo gusambura integuro z'ibitero vyategurwa na Irani. Amerika izobandanya ifata ingingo zikenewe kugira ngo ikingire abanyagihugu bacu n'inyungu zacu aho zizoba ziri hose kw'isi".

Habonetse ibisigarira vyariko birasha hanze y'ikibuga c'indege ca Baghdad

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Habonetse ibisigarira vyariko birasha hanze y'ikibuga c'indege ca Baghdad

Ico gitero ca drone cabaye inyuma y'aho abari mu myiyerekano batereye ibiro vy'ubuserukizi bwa Amerika ku mugwa mukuru Baghdad, aho batanye mu mitwe n'ingabo za Amerika zicungereye ivyo biro.

Pentagon ivuga ko Jen. Soleimani yatanze uruhusha rw'ivyo bitero kuri ivyo biro vy'ubuserukizi.

Ubutegetsi bwa Perezida Trump bwagiriza ingabo za Quds ko ari "umurwi nyamukuru wa Irani ukwiragiza ukanafasha" imirwi y'iterabwoba irwanya Amerika mu karere k'Uburasirazuba bwo hagati, mu kuyiha ibirwanisho, amahera, imyimenyerezo n'ibindi.

Muri iyo mirwi harimwo Hezbollah yo muri Libani, hamwe na Islamic Jihad yo muri Palestina,

Irani yabifashe gute?

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Irani, Javad Zarif, avuga ko ivyabaye ari "igikorwa c'iterabeoba mpuzamakungu", akavuga ko Amerika "ariyo izobazwa ibizokurikira ico gitero c'ubuhimbiri".

Mohsen Rezaei yahoze arongoye igisata kijejwe gukingira ubutegetsi bwa ki isilamu, avuga ko Irani "izokwihora Amerika bikomeye".

Uumvugizi wa leta ya Irani amenyesha ko igisata c'igihugu kijejwe umutekano gitegura kubonana mu nama yo "kwihwereza hamwe ivy'ico gitero".

Kuva mu 1998, Jenerali Majoro Qasem Soleimani yari arongoye ingabo za Quds, ingabo zidasanzwe z'igisata kijejwe gukingira ubutegetsi bwa ki isilamu, zisanzwe zikora ibitero vyo mu kinyegero hanze ya Irani.

Zagize uruhara rudasanzwe mu ntambara ya Syria, aho zafashe mu mugongo ingabo za Perezida Bashar al-Assad w'ico gihugu, zongera zifasha mu buryo bwa gisirikare abarwanyi ibihumbi n'ibihumbi b'aba Isilamu bari kumwe muri iyo ntambara.

Eka no muri Irak uwo murwi usanzwe ufasha abarwanyi b'aba Shia bafashije kurwanya umurwi Etat Islamique.

Izo ntambara nizo zatumye Jen. Soleimani aba rurangiranwa muri Irani.