Irani irahanzwe n'imigumuko kubera ingingo y'ukugaburira igitoro abagikeneye n'iduzwa ry'igiciro

Imyiyerekano mu gisagara ca Isfahen

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Imyiyerekano mu gisagara ca Isfahen

Igihugu ca Irani kirangwamwo imyiyerekano mu bice bitari bike vy'igihugu inyuma y'aho leta itangarije giturumbuka ingingo yo kugaburira igitoro abagikeneye n'iduzwa ry'ibiciro vyaco.

Nk'uko bitangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru ry'ico gihugu, Irna, igiciro c'ibitoro caradugijwe ku bice 50% ku munsi wa gatanu.

Ubutegetsi bwafashe kandi ingingo yo kugabanya igitoro umuntu yemerewe kugura, bakavuga ko ari mu ntumbero yo kurondera amafaranga yo gufasha abakene.

Irani yarafatiwe ibihano mu vyerekeye igurishwa ry'igitoro hanze y'ico gihugu inyuma y'aho Leta Zunze Ubumwe za Amerika zivumburiye mu masezerano yerekeye umugambi w'ico gihugu wo guhingura ubutare bw'ubumara mu mwaka wa 2018.

Imyiyerekano yadutse ku munsi wa gatanu amasaha makeya inyuma y'aho iyo ngingo nshasha itangarijwe.

Iyindi myiyerekano yaradutse ejo ku munsi wa gatandatumu bisagara bimwe bimwe.

Ejo ku wa gatandatu, mu kiganiro yahaye televiziyo y'ico gihugu, umushikiranganji w'intwaro yo hagati, Abdolreza Rahmani-Fazli, yaragabishije ko bishobora kuba ngombwa y'uko abajejwe umutekano bafata ingingo yo kugarukana ituze mu gihe ibikorwa "bitemewe n'amategeko" vyobandanya.

Bwana Rahmani-Fazli aranegura "akarwi k'abantu bari ku rushi" yagiriza ko bifatira mu gahanga abanyagihugu mu ntumbero yo "gutera ubwoba".

Igihe iyo myiyerekano yaduka ku munsi wa gatanu, umuntu umwe yarishwe mu gisagara ca Sirjan nk'uko bishikirizwa n'ubutegetsi.

Irna ivuga ko habaye imishamirano n'igipolisi igihe abari mu myiyerekano bagerageza gutera ububiko bw'igitoro ku wa gatanu bashaka kubuturira.

Abanyagihugu barihaye amabarabara ejo ku wa gatandatu mu gisagara ca Shiraz

Ahavuye isanamu, Social media

Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu barihaye amabarabara ejo ku wa gatandatu mu gisagara ca Shiraz

Ejo ku wa gatandatu, iyindi myiyerekano yaradutse mu bisagara vya Doroud, Garmsar, Gorgan, Ilam, Karaj, Khoramabad, Mehdishahr, Qazvin, Qom, Sanandaj, Shahroud na Shiraz nk'uko bibandanya bivugwa na Irna.

Hari amareresi yahererekanywe ku mbuga hwaniro yerekana ko hari abandi bantu boba barishwe ejo ku wa gatandatu.

Ikinyamakuru gisa n'icegamiye ubutegetsi Isna kivuga ko abajejwe umutekano bagabisha ko bashobora gukurikirana abakoresha imbuga hwaniro mu gukwiragiza ayo mareresi.

Hari itangazo ryasohowe n'ikigo kijejwe umutekano cegukira ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati ryagiriza bamwe mu bakoresha izo mbuga ko bakwiragiza "ibihuha n'ibinyoma" ku vyerekeye iyo myiyerekano.

Iryo tangazo rivuga ko izo reresi zikwiragiza ivyabaye muri kahise mu ntumbero yo guteranya abajejwe umutekano n'abanyagihugu be no guhuganbanya umutekano w'igihugu.

Hari amakuru yakwiragijwe kuva ku wa gatanu haduka iyo myiyerekano yavuga ko abagendesha imiduga bazimya amamodokari bakayataho mu mabarabara mu ntumbero yo kuzibira uruja n'uruza.

Amareresi yakwiragijwe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana abadereva ku mugwa mukuru Tehran bazibira uruja n'uruza, bongera bahamagarira igipolisi kubashigikira.

Hari n'ayandi yerekana imishamirano hagati y'abajejwe umutekano n'abari mu myiyerekano, amabanki nayo mu bisagara bitari bike ariko arasha.

Eka hari n'ayandi masanamu yekerana ibirindiro vyo mu gisagara ca Shiraz mu bumanuko bw'igihugu biriko birasha.

Mw'ijambo yashikirije kuri televiziyo y'igihugu, umushikirizamanza mukuru wa Repubulika, Mohammad Jafar Montazeri, yariyamirije abo yita "akarwi gatoya k'inkozi z'ikibi" ko ariko katanguje iyo myiyerekano.

Ahamagarira abanyagihugu kwitandukanya n'abo - nk'uko abivuga mu majambo yiwe - bashaka kurwanya ubutegetsi bushingiye kw'idini rya Isilamu.

Arongera akagiriza abari muri iyo myiyerekano ko "bafise amamuko haze y'igihugu".

Mbega ni ibiki biri muri iryo tegeko?

Muri iryo tegeko rishasha, umudereva umwe umwe wese yemerewe kugura ilitiro 60 z'igitoro ku kwezi ku giciro ca 15000 y'amariyali kw'ilitiro (amafaranga yo muri ico gihugu, ni ukuvuga idolari 0.13). Uwuzorenzako azotegerezwa kuriha amariali 30.000 kw'ilitiro.

Imbere y'aho, abadereva bari bemerewe kugura amalitiro 250 ku giciro c'amariyali 10.000 kw'ilitiro nk'uko bimenyeshwa n'itororokanirizo ry'amakuru Associated Press.

Leta ivuga ko amahera azova muri iryo duzwa ry'ibiciro vy'igitoro azokoreshwa mu gufasha ba ntahonikora.

Eka n'umugwa mukuruTehran nawo nyene ntiwasigaye inyuma

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Eka n'umugwa mukuruTehran nawo nyene ntiwasigaye inyuma

Umukuru w'ikigo kijejwe itunganywa ry'ikoreshwa ry'amafaranga muri Irani, Mohammad Baqer Nobakht, avuga ko kuva muri kuno kwezi, imiryango iharurwa kuri miliyoni 18 izoronswa amafaranga y'ukwibeshaho azoba avuye muri iryo duzwa ry'ibiciro vy'igitoro.

Ejo ku wa gatandatu, umukuru w'ico gihugu, Hassan Rouhani, yatangaje ko abanya irani bagera ku bice 75% bari mu ngorane muri kino gihe, ko rero inyungu izova muri iryo duzwa ry'ibiciro vy'igitoro zizoba ari izo kubafasha, atari izizoja mu kigega c'igihugu.

Ingaruka z'ibihano vyafashwe na Amerika

Igihugu ca Irani kiri mu bihugu bifise igiciro c'ibitoro kiri hasi kubera amafaranga leta yashize muri ico gisata, be n'itituka ry'agaciro k'ifaranga ryaco.

Kiri kandi mu bihugu vyimbura ibitoro vyinshi kw'isi, kikaba cunguka amamiliyaridi menshi cane uko umwaka utashe.

Hagati aho, gifise ubushobozi buke bwo guhingura ico gitoro, mu gihe ibihano cafatiwe na Amerika navyo bikagira ingaruka mbi ku mahinguriro make y'igitoro ico gihugu gifise.

Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yasubiye gufatira ibihano igihugu ca Irani mu mwaka uheze inyuma y'aho yivumburiye mu masezerano Irani yari yagiraniye n'ibihugu vya rutura bitandatu ku vyerekeye umugambi waco wo guhingura ubutare bw'ubumara.

Muri ayo masezerano, Irani yari yemeye kugabanya ibikorwa vyayo vy'uguhingura ubutare bw'ubumara, yemera kandi abagenzuzi mpuzamakungu kuja muri ico gihugu gucungera ivyo bikorwa, hanyuma nayo igatezurirwa ibihano.

Kuva rero Amerika yivumbuye, Irani yaciye isubira kubandanya umugambi wayo yirengagije ivyo yari yemeye muri ayo masezerano, n'aho yama ihakana ko ata mugambi ifise wo guhingura ibirwanisho vy'ubumara.

Ivyo bihano vyaragize ingaruka mbi cane ku butunzi bwa Irani, vyanatumye ifaranga ryayo rita agaciro ku rugero rutari bwaboneke, abanyamitahe mpuzamakungu nabo barakura meza, ivyatumye haduka imigumuko.