Iran yateye ibisasu vya misire ku birindiro vy’abasirikare ba America muri Iraq

misire

Ahavuye isanamu, IRIB

Insiguro y'isanamu, Ivyo birindiro bibiri vyatewe ari ibiri ahitwa Irbil na Al Asad

Ibirindiro bibiri vy'abasirikare ba Amerika muri Iraki vyatewe ibisasu birenga cumi vya misire ziraswa kure, nk'uko bitangazwa n'ibiro vy'umunyamabanga wa Amerika ajejwe kwivuna abansi.

Televiziyo y'igihugu ca Irani ivuga ko ico gitero cakozwe mu guhora umutegetsi mukuru mu gisirikare ca Irani, Qasem Soleimani, yagandaguwe mu ndwi iheze n'igitero ca drone i Baghdad, kw'ibwirizwa rya Perezida Donald Trump wa Amerika.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika, Pentagon, bumenyesha ko ivyo birindiro bibiri vyatewe ari ibiri ahitwa Irbil na Al Asad.

Ntibiramenyekana nimba hari abahasize ubuzima canke bahakomerekeye.

Umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika, Stephanie Grisham, avuga ati: "Umukuru w'igihugu yamenyeshejwe ivyabaye akaba ariko arabikurikiranira hafi yongera avugana n'abajejwe umutekano w'igihugu".

Igisirikare ca Irani kimenyesha ko ico gitero cakozwe mu kwihora igitero ca drone cakozwe na Amerika muri Irak ku wa gatanu w'indwi iheze, cahitanye umuhisi Soleimani.

Mw'itangazo ryasohowe n'abarongoye igisirikare ca Irani rigatangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru, IRNA, ryegukira rela, bavuga bati:

"Turagabishije incuti za Amerika zose, zizocumbikira ico gisirikare c'iterabwoba, ko igihugu kizoba cavuyemwo ibitero bizokorwa kuri Irani kizoterwa".

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Javad Zarif , yasohoye itangazo abicishije ku rubuga rwa Twitter, aho amenyesha ko ico gitero cakozwe mu kwivuna, anahakana amakuru avuga ko ibintu vyayangaye".

Perezida Trump na we nyene yamenyesheje aciye ku rubuga rwa Twitter ko "ibintu bimeze neza", akavuga ariko ko bataramenya nimba hari abahasize ubuzima canke bahakomerekeye.

Ibintu ntivyifashe neza na gato inyuma y'aho Qasem Soleimani agandaguriwe.

Qasem Soleimani yafatwa nk'incungu y'igihugu ariko Amerika yamufata nk'umuntu akora ibikorwa vy'iterabwoba

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY

Insiguro y'isanamu, Qasem Soleimani yafatwa nk'incungu y'igihugu ariko Amerika yamufata nk'umuntu akora ibikorwa vy'iterabwoba

Jen. Soleimani yari umuntu akomeye mu butegetsi bwa Irani, kandi yafatwa nk'uwihebeye igihugu.

Amerika yamufata nk'umuntu akora ibikorwa vy'iterabwoba.

Mu gihe Irani yatangaje ko itegerezwa kwihora, Perezida Trump agabisha ko igitero ico ari co cose co guhora Jen. Soleimani kizokwishurwa mbere hakoreshejwe inguvu zirengeye cane izizoba zakoreshejwe na Irani.

Ariko yiregura ku ngingo yiwe yafashe yo kumwica, avuga ati: "Yari igisigo. Ubu rero ntakiri igisigo. Yarapfuye".

"Yariko ategura igitero gikomeye cane, kibi cane kuri twebwe. Sinibaza ko hari umuntu yoba ababajwe n'ivyabaye".

Umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Adel Abdul Mahdi, avuga ko igitero cahitanye Soleimani ari "ihonyangwa ryeruye ry'ubwigenge n'iteka vya Iraki".

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw'u Bwongereza bwabwiye BBC ko buriko burihweza ingene ibintu bimeze ku rubuga.

Ati: "Icihutirwa ni umutekano w'abakozi bacu".

Ubwongereza buragabirije n'ubwato bwabwo bw'intambara hamwe na za kajugujugu za gisirikare kugira bakingire abantu babo ari nka hamwe ibintu vyoyangara mu karere k'Uburasirazuba bwo hagati, nk'uko vyatangajwe n'umunyamabanga ajejwe kwivuna abansi Ben Wallace.