Iran: Abantu bashika 50 baguye mu birori vyo kwunamira Soleimani

Abantu isinzi bari baje kwunamira uyo mutegetsi mukuru wo mu gisirikare ca Irani Qasem Soleimani yagandaguwe na Amerika

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abantu isinzi bari baje kwunamira uyo mutegetsi mukuru wo mu gisirikare ca Irani Qasem Soleimani yagandaguwe na Amerika

Abantu bashika 50 basize ubuzima mu musunikano w'abantu isinzi bari mu birori vyo gushingura umutegetsi wa gisirikare wa Irani yishwe n'igitero ca drone y'abanyamerika mu ndwi iheze.

Abashika 200 nabo bakomeretse. Vyari vyitezwe ko Soleimani ashingurwa uno munsi ku wa kabiri mu gatondo.

Ivyo vyatumye ifubwa ry' uyo mutegetsi, Qasem Soleimani, ribanza kuba rirahagaritswe umwanya mutoya.

Soleimani azoshingurwa mu gisagara yari asanzwe avukamwo ca Kerman, aho abantu baharurwa mu mamiliyoni bavugwa ko bamaze kwuzura amabarabara mu birori vyo kumushingura.

Igandagurwa ryiwe ryatumye haba ubwoba ko hashobora kwaduka intambara hagati ya Amerika na Irani.

Soleimani yafatwa nk''umutegetsi agira kabiri havuye indongozi nkuru ya Irani Khamenei. Amerika yoyo yamufata nk'umuntu akora iterabwoba kandi abangamiye ingabo za Amerika.

Icateye uwo musunikako gushika ubu ntikiramenyekana neza, ikizwi gusa ni uko amabarabara ya Kermen yari yuzuye abantu isinzi.

Muri ivyo birori vyo kumushingura vyari vyitezwe havugiwe amajambo menshi akomeye, aho abategetsi ba Irani basubiye gutangaza ko batetegerwa kwihora.

Jenerali-Majoro Hossein Salami, umwe mu bategetsi ba gisirikare yabwiye isinzi ryari aho ati: "Incungu yacu Qassem Soleimani ni umuntu akomeye…raba rero yapfuye!"

Nk'uko bivugwa n'abamenyeshamakuru bari aho, abari ku kigandaro baririmba ngo "Amerika uragapfa" hamwe na "Trump uragapfa".

Umunyeshure w'imyaka 18 yari aho yabwiye umumenyeshamakuru wa AFP ati: "Soleimani yari umuntu akomeye cane yari yiteguye gukorera igihugu…uko bizogenda kwose azohorwa".

Ejo ku wa mbere, Ayatollah Khamenei niwe yarongoye igisabisho a Tehran, harageze igihe arakorora amosozi yegamiye kw'isandugu irimwo ikiziga ca Soleimani.