Kuki ibigo bihingura ubutare bw'ubumara vya Iran bishobora guterwa?

Irani yarakoresheje amafaranga menshi cane mu guhingura za misire kugira ikingire ikirere cayo

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Irani yarakoresheje amafaranga menshi cane mu guhingura za misire kugira ikingire ikirere cayo

Irangira ry'ubutegetsi bwa Trump ryatumye abanya Irani bumva agahengwe, ariko babandanya kwiyubara.

Hari bamwe mu Kigobe c'Abarabu bari bafise ubwoba ko muri ibi bihe vya nyuma vy'ubutegetsi bwiwe, Donald Trump yashobora guta ishavu kuri Irani agakora ibitero vy'indege kuri ibi bigo bivugwa ko bifise intumbero ya gisivire.

Amakuru yava i Washington yavuga ko iyi yari imwe mu nzira Perezida Trump yategura, bikaba vyagiye gusubirwamwo n'abahanuzi biwe.

Ku ruhande rwiwe, umukuru w'igihugu aherutse gutorwa yarerekanye neza ko yipfuza ko Amerika isubira mu masezerano ya 2015 ajanye n'umugambi wa Irani wo guhingura ubutare bw'ubumara.

Ibi bisigura ko ashobora gukuraho ibihano Amerika yafatiye Irani, kandi akarekura n'amafaranga y'imfashanyo mu gihe iki gihugu cokwemera gushira mu ngiro ivyo ciyemeje.

None ubu Irani yoshira agati mu ryinyo ko itagisubira guterwa?

Umushikiranganji wa Isirayeli ajejwe kwivuna abansi avuga ko ari ngombwa ko Isirayeli yitegurira inzira ya gisirikare

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa Isirayeli ajejwe kwivuna abansi avuga ko ari ngombwa ko Isirayeli yitegurira inzira ya gisirikare

Mw'ijambo rimwe, oya. Igihugu ca Isirayeli kibandanya gifise amakenga menshi, atari gusa kuri uwu mugambi wa Irani wo guhingura ubutare bw'ubumara, ariko ku mugambi wayo wo gukora ibirwanisho ruhonyanganda ugizwe na za misire zirasa kure.

Ku wa kane w'indwi iheze, umushikiranganji wa Isirayeli wo kwivuna abansi Benny Gantz yabibiwemwo avuga ati: "Ni ngombwa ko Isirayeli yitegurira inzira ya gisirikare. Bisaba uburyo bwinshi ariko ndiko ndakora kugira ngo ibi bibe".

Isirayeli, isanzwe ibona Irani nk'umwansi rutura, ibona ko mu gihe iki gihugu kigendera ku mategeko ya Isilamu coronka ibombe y'ubumara, ubuzima bwayo bwoba bubangamiwe, ikaba yasavye amakungu guhagarika uyu mugambi imbere y'uko amazi arenga inkombe.

Irani ibandanya ishimangira ko umugambi wayo wo guhingura ubutare bw'ubumara ari uwo amahoro, ariko ingingo yayo iheruka gufata yo kwongereza ubutare bwa uranium - kmwe mu biteye kubiri n'amasezerano ya 2015 - yatumye amakungu amera magabo.

Mu 1981, Isirayeli yariketse ko umukuru w'igihugu ca Iraki w'ico gihe, Saddam Hussein, yariko arategura ingene yohingura ibirwanisho vy'ubumara.

Mu gitero ciswe Operation Babylon, yafashe ingingo yo kwicungera itaraterwa, maze ikora igitero ku kigo gihingura ubutare bw'ubumara cari ahitwa Osirak, yifashishije indege zayo za F15 na F16, maze irasambura ico kigo.

Haciye imyaka 26, ni ukuvuga mu 2007, yakoze uko nyene muri Syria, mu gitero ciswe, Operation Outside the Box, maze isambura ikigo c'uguhingura ubutare bwa plutonium cakorera mu kinyegero hafi y'akarere ka Deir al-Zour kari mu bugaragwa.

Iragoye gushikira

Ariko Irani iragoye cane gushikira, uravye aho iherereye uvuye muri Isirayeli, ahaherereye ivyo bigo, n'ingene icungereye ikirere cayo.

Abatari bake baribaza nimba Isirayeli ishobora gukora igitero c'indege kikagenda neza idafashijwe na Amerika - ikintu ubutegetsi bwa Biden butipfuza gukora.

Ikigo ca Natanz

Ahavuye isanamu, Maxar Technologies via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amasanamu y'ikigendajuru asa n'ayerekana ibikorwa biheruka vyo kwubaka ikigo c'uguhingura ubutare bw'ubumara ca Natanz kiri mu bumanuko bwa Irani

Mu gihe kuva kera isanzwe izi neza ko ibigo vyayo bishobora guterwa na Amerika, Isirayeli canke mbere n'ibihugu bimwe bimwe vyo mu Kigobe c'Abarabu, Irani yakoresheje amafaranga menshi cane maze yubaka ibigo bimwe kure cane mu kuzimu, musi y'imisozi yayo.

Umugambi wa Irani wo guhingura ubutare bw'ubumara, n'ubwo uboneka ko ari uwa gisivire, urafatanye cane n'ibikorwa vya gisirikare.

Muvy'ukuri, Abanya Irani bamaze igihe kinini bitegurira igitero ku buryo ubu biboneka neza ko ibigo vyayo biri mu kuzimu bigenda bitoroha gushikirwa.

N'aho ibintu bimeze uku, ibigo vya Irani bihingura ubutare bw'ubumara biboneka ko umwanya n'umwanya bishobora guterwa ku mpande zitatu.

Ubwa mbere, ibitero ku bigo bihingura ubutare bw'ubumara

Mark Fitzpatrick umushakashatsi ku kigo mpuzamakungu kijejwe ubuhinga (International Institute for Strategic Studies, IISS) akaba n'umuhinga mu bijanye no gukurikirana ibirwanisho, avuga ati: "Si ukuvuga ko ibigo vya Irani bidashobora gushikirwa".

Asigura ko kimwe kiri ahitwa Natanz gishobora gushikirwa n'amabombe ashika mu kuzimu.

Ariko Irani ni igihugu kinini kandi ibigo vyayo bihingura ubu butare bikwiragiye irya n'ino kandi mu kuzimu.

Mu 2012, abahinga bavuze ko ikigo gihingura uranium kiri ahitwa Fordo, kikaba kiri ku metero 80 uja mu kuzimu hagati mu musozi, gishobora kudashikirwa, mbere n'ibibombe vya Amerika bishika mu kuzimu ngo ntaco vyokigira, gusa ibikorwa vyo kwonona vyovyo ntivyokwanka.

Fordo

Ahavuye isanamu, GeoEye Satellite Image

Insiguro y'isanamu, Mu ntango z'uku kwezi, Irani yarasubiye gutangura ibikorwa vyo kwongereza urugero rwa uranium gushika ku bice 20% ku kigo kiri mu kuzimu ca Fordo

Ariko gusa, kugira ngo ibi bigo bishikirwe, vyosaba urukurikirane rw'ibitero vy'indege zoshika hagati mu kirere ca Irani, ariko bikaba ngombwa ko zitabonwa n'abacungereye ibirere, canke naho zikabasumvya inguvu.

Irani yarashize amafaranga menshi mu guhingura za misire zigezweho, harimwo na Bavar-373, misire yakorewe muri ico gihugu, isubiyemwo misire y'Uburusiya S-300 ishobora guhiga no gukorora indege iri ku birometero 300.

Gutera abantu bakomeye muri uwo mugambi

Ibi ni ibintu bimaze igihe bikorwa.

Ikigo Mossad ca Isirayeli kijejwe igendereza carashoboye gushiraho umurwi wa ba maneko bakomeye hagati muri Irani.

Ni umurwi ukomeye ku buryo nk'igihe wa muhinga wa gisirikare yari akomeye Jenerali Mohsen Fakhrizadeh yariko aratembera kandi acungerewe i Teheran ku wa 27 z'ukwa cumi na rimwe, abamuteye bari bazi neza inzira yari gufata n'umwanya yari kuyifatirako.

Mohsen Fakhrizadeh

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mohsen Fakhrizadeh yari azwi nka "Sekuruza w'umugambi w'uguhingura ubutare bw'ubumara wa Irani"

Hari amakuru atandukanye ku kungene yatewe kuri uwo musi.

Irani ivuga ko yatewe hakoreshejwe inkoho ya rutura yari itezwe ku modoka hifashishijwe telecommande ikoreshwa n'ikigendajuru (satellite).

Abandi bavuga ko cakozwe n'akarwi ka Mossad kagizwe n'abantu batari bake kandi baronkejwe ubuhinga bwo kurwego rwo hejuru n'ubu batarashobora gufatwa.

Uko vyagenze kwose, Fakhrizadeh - yari asanzwe azwi nka "sekuruza w'umugambi w'uguhingura ubutare bw'ubumara wa Irani", umuntu yafatwa na Amerika ko ari we mutwe w'ibikorwa vyose vy'uguhindura ibirwanisho vy'ubumara - yaragandaguwe.

Isirayeli ntirashobora gutangaza icese uwakoze ico gitero.

Imbere y'aho, hagati ya 2010 na 2012, abahinga bane bakuru bakuru ba Irani mu mugambi wayo wo guhingura ubutare bw'ubumara, bariciwe muri Irani nyene, bamwe bakaba bishwe n'ibibombe bitezwe ku modokari.

N'aho nyene, Isirayeli ntiyigeze yemeza canke ngo ihakane uruhara yoba yarabigizemwo.

Ariko gusa, ubu bwicanyi bwerekana ko n'aho inzego zijejwe umutekano za Irani zicungereye bikomeye igihugu, abicanyi bashobora guhikira neza abo bipfuza, ibi bigasubiza inyuma ubuhinga bwa Irani mu bijanye n'ubuhinga bwo guhingura ubu butare bw'ubumara.

Ibitero kuri mudasobwa

Hari ntambara yinyegeje ibandanya muri mudasobwa, ku ruhande rumwe hakaba hari Irani, ku rundi ruhande hakaba hari Amerika, Isirayeli na Arabia Sawudite.

Mu 2010, umugera wo ku rwego rwo hejuru wataziriwe Stuxnet warinjijwe mu mpisho mu nyabwonko zigenzura ikigo ca Irani gihingura ubutare bwa uranium kiri i Natanz.

Ingaruka zabaye akaga, ibikono vyayo ntivyashobora gukurikiranwa, ivyatumye umugambi usubira inyuma imyaka myinshi.

Iran ivuga ko umuriro wadutse ku kigo ca Natanz mu kw'indwi kwa 2020 wari umugambi "w'ubwononyi"

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Iran ivuga ko umuriro wadutse ku kigo ca Natanz mu kw'indwi kwa 2020 wari umugambi "w'ubwononyi"

Iki gitero ca mudasobwa caravuzwe cane ko cakozwe na Isirayeli, n'aho abahinga ba Amerika na Isirayeli bazwi ko bafatanije mu guhingura uwu mugera wa Stuxnet.

Ubwo nyene Irani yaciye yihora, maze nayo yinjiza umugera wo ku rwego rwo hejuru wataziriwe Shamoon mu nyabwonko z'ikompanyi yimbura igitoro, Saudi Aramco ya Arabia Sawudite. Inyabwonko 30.000 zikaba zarononekaye, ivyagize ingaruka mbi ku mwimbu w'igitoro wa Arabia Sawudite.

Hari n'ibindi bitero vyinshi vyakurikiye.

Ibitero bizokwama vyitezwe kuri Irani

Amasezerano ya 2015 yari afise intumbero yo guhagarika ibikorwa vya Irani vyo guhingura ubutare bw'ubumara kugira ibihugu vy'abakeba ntibihave bifata inzira y'ibitero vya gisirikare.

Reta ya Irani ishimangira ko umugambi wayo wo guhingura ubutare bw'ubumara ari uw'amahoro

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Reta ya Irani ishimangira ko umugambi wayo wo guhingura ubutare bw'ubumara ari uw'amahoro

Ariko Isirayeli na Arabia Sawudite vyagumanye amakenga kuri aya masezerano kubera vyabona ko yorohereza Irani kandi ko ari ayo igihe gito.

Ibi bihugu bibona ko aya masezerano ataco yakoze kugira ngo ihagarike umugambi wa Irani wo guhingura za misire zirasa kure.

Uno musi, ntivyishimiye umugambi w'ubutegetsi bwa Biden wo gusubiza Amerika muri ayo masezerano kiretse ashoboye gutorera umuti aya makenga ibi bihugu bifise.

Nta muntu n'umwe yipfuza gusubira kubona iyindi ntambara mu kigobe c'Abarabu. Eka mbere n'igitero ca misire cakozwe mu 2019 ku kigo c'igitoro ca Arabia Sawudite, igitero cagirijwe Irani n'incuti zayo, cagiye uko nyene.

Hagati aho, mu gihe cose hazoba hari amakenga ko Irani iriko ikorera mu mpisho kugira ironke ubushobozi bwo guhingura ibirwanisho vy'ubumara, izokwama yitezwe guterwa kugira ngo bazibire amazi atararenga inkombe.