Iran: Ingona zahindukiriye kurya abantu kubera ubukene bw'amazi

- Umwanditsi, Na Sarbas Nazari
- Igikorwa, BBC News
Aryamye hasi muhira iwe, Siahouk yari mu bubabare butagira izina kubera igikomere co ku kuboko kw'i buryo yanduye mw'ijoro yaboneyemwo amarushwa atazigera yibagira.
Hari haciye imisi ibiri, mu kwa munani, inyuma y'umutaga hari izuba rimena imbwa agahanga, aho uyu mwungere, afise intege nke, yaja kuvoma mu kidengeri c'amazi, ubwo nyene, gando, izina ry'ingona zo mu ntara ya Baluchistan muri Iran, imusimbirako.
Yibutse amagorwa yagize mu myaka ibiri iheze, n'umubabaro mwinshi, mu maso yiwe aboneka ko ataratahura ivyamubayeko, avuga ati: "Sinabonye n'ingene caje".
Mu kuvuga ivyamubayeko ariko yihanagura mu maso n'ukuboko kwiwe kw'ibubamfu (kw'ibumoso mu Kinyarwanda) kwuzuye iminkanyari, Siahouk avuga ko yashoboye kuva mu vyara vyayo abanje gufata igicupa ca plastiki akakivyigintiza mu misaya yayo.
Amaraso Siahouk yatakaje yatumye ata ubwenge mu kiringo c'inusu y'isaha. Bagiye kumurondera babonye intama yari aragiye zitashe zonyene mu kigwati ca Dombak.
Kubana n'amakuba
Ivyabaye kuri Siahouk bisa n'ivy'abandi batari bake bahuye n'ivyo vyago, abenshi muri bo bakaba ari abana. Akenshi amakuru ateye ikigongwe y'abana b'aba Baluchi (abantu baba mu ntara ya Baloutchistan) bakomeretswa n'izi nyamaswa ararwiriye mu binyamakuru vya Iran, ariko kandi akamara umwanya urume rumara.
Mu 2016, umwana w'imyaka icenda yitwa Alireza yaramizwe n'imwe muri izo ngona. Hanyuma mu 2019, Hawa w'imyaka 10 yaratewe maze atakaza ukuboko kwiwe kw'i buryo. Mu gihe yariko aravoma amazi yo kumesa, yacakiwe n'ingona iramukwega, maze aza kurokorwa na bagenziwe habanje kuba intambara ikomeye.

Ibi bitero biriko biba mu gihe Iran ifise ikibazo gikomeye c'amazi, gituma izi ngona zizwi nka gando zitaronka ivyo zirya. Izi nyamaswa zihanzwe n'inzara zifata abantu begera uturere twazo nk'imfungurwa canke ko baziteye ku bibanza vyazo bigenda bigabanuka.
Ubu bwoko bw'izi ngona zisanzwe zikwiragiye muri Iran yose hamwe no muri Aziya y'ubumanuko, bufatwa n'ishirahamwe ryo gukingira ibidukikije, International Union for Conservation of Nature (IUCN), ko ari ubwoko "bugeramiwe". Iran ifise hafi 400, ibice hafi 5% vy'ubu bwoko. Ikigo ca Iran kijejwe ibidukikije kivuga ko kiriko kirakora ivyo gishoboye vyose kugira ngo habe uburinganire hagati yo gukingira ubu bwoko bw'izi ngona hamwe no gukingira abanyagihugu.

N'ubwo ubu bukene bw'amazi bumaze gutera ibi vyago vyose muri ino myaka ya vuba, nta kimenyetso cerekana ko uwu mugambi uriko urashirwa mu ngiro. Uciye ku ruzi Bahu-Kalat, aho izi gando zituye muri Iran, nta vyapa biboneka vyo kugabisha abantu.
Bitumwe n'uko ata mugambi uboneka wa reta, abakorerabushake nibo bahagurutse mu kugerageza kurokora ubwoko bw'izi nyamaswa mu kuziha amazi n'ivyo zifungura.
I Bahu-Kalat, ikigwati citiriwe uru ruzi, nicaranye na Malek-Dinar kw'ibarabara riva Dombak, uyu akaba abanye n'izi ngona za gando imyaka itari mike.
Avuga ku bijanye n'amatongo yiwe yigeze kuba yuzuye ibitoke, indimu n'imyembe, agira ati: "Amatongo yanje narayishe ndonderera amazi ibi biremwa".

Uru ruzi muri ako karere ruhaye indaro ingona z'ubu bwoko zitari nke yama ariko aragaburira, aziha inkoko kubera "ubu bushuhe budasanzwe bwatumye ibikere n'ibindi bikoko zihereza bikena".
Malek-Dinar yaguma ahamagara izi ngona ati: "Ingo, ingo", gusa jewe yambwira ko nokwigira inyuma. Ubwo nyene zibiri zaciye ziseruka, zirindiriye kugaburirwa inkoko yari afise mu gikapo cera co muhira.
'Ni nde yobaho ata mazi?'
Ikibazo c'amazi nti kiri mu ntara ya Baluchistan honyene. Mu kw'indwi, haradutse imyiyerekano yahitanye ubuzima bw'abantu mu ntara ya Khuzestan itunze igitoro, iri mu bumanuko bushira uburengero bwa Iran. Mu mpera z'ukwa cumi na rimwe kandi, igipolisi kijejwe gutuza imigumuko mu gisagara ca Isfahan kiri hagati mu gihugu cararashe abari mu myiyerekano biyegeranirije ku ruzi Zayandeh-Roud rwumye.
Mu gihe ubushuhe bw'isi bubandanya bwerekana isura mbi muri Iran, ingaruka mbi ku ntara ya Baluchistan, zifatanye n'imyaka mirongo yaranzwe no gukoresha amazi nabi, zishobora kwiha inkumbi.
Ngeze mu kigwati ca Shir-Mohammad Bazar, narahagaze kugira nikinge igihuhusi c'ivumbi, ari ho nabonana n'abagore bariko bamesera hanze.

Malek-Naz, w'imyaka 35, yambwiye ati: "Hano hariho imiringoti ariko nta mazi arimwo". Umugabo wiwe, Osman, yitwengera ku kibazo nari ndamubajije ku bijanye n'ingene boga, yanyeretse umugore yariko aroza umwana wiwe w'umuhungu mu combo kirimwo amazi arimwo umunyu mwinshi hafi yaho.
Osman, se w'abana batanu, na muvyarawe, Noushervan, yahavuye yinjira mu kiyago, babeshejweho no kugurisha igitoro mu gihugu kibanyi ca Pakistan, aho kigurishwa ku giciro co hejuru gusumba mu gihugu cabo.
Noushervan yiyemerera ati: "Ingorane ni nyinshi. Ariko niko bitegerezwa kugenda iyo ata kazi kahari". Kandi rero ibibazo vyabaye vyinshi. Mu kwa kabiri, abajejwe umutekano wo ku mipaka bararashe umurwi w'"abakora magendo y'igitoro", bicamwo n'imiburiburi cumi.
Uruhigi nk'uru rurarwiriye muri aka karere gakomeye ko ku rubibe, aho intwaro za Iran zagiye zikurikirana zamye zifise impungenge ku mutekano.

Osman agira ati: "Barirengaziza akababaro kacu n'ibigirankana. Unyizere, twebwe ntabwo turi abansi b'igihugu". Aridogera ico we na bagenziwe benshi b'aba Baluchi babona ko ari "ubutegetsi butabitaho".
Hanyuma kandi, kuri we n'abandi ba Baluchi benshi, ubushomeri ni ikibazo gito cane ugereranije n'ubukene bw'amazi bwatumye n'izi ngona zo mu bwoko bwa gando - ibi biremwa "biryoheye ijisho" vyahoze bibana nabo mu mahoro - zibahinduka.
Noushervan ati: "Nta mfashanyo twiteze ku ntwaro n'imwe. Nta kazi twiteze ko bazotuzanira. Twebwe aba Baluchi turashoboye kubeshwaho n'umukate mu bugaragwa [ubutayu mu Kinyarwanda]. Ariko amazi ni bwo buzima. Ntidushobora kubaho tutayafise, none ni nde yoshobora kubaho adafie amazi?"












