Iran: Inyongwa rya Heidar Ghorbani ryateye kwiyamiriza reta vy'imbonekarimwe

Heidar Ghorbani
Insiguro y'isanamu, Igihano c'urupfu ca Heidar Ghorbani cari cagwanijwe cane ku mbuga hwaniro abantu basaba ko urubanza rwosubirwamwo

Mu bintu biba gake cane ku mugaragaro muri Iran, abantu bakoze imyiyerekano bashira ijwi hejuru bavuga amajambo yo kwiyamiriza reta hanze y'urugo rw'umugabo w'umu-Kurd yanyonzwe.

Abantu isinzi bakoraniye mu gisagara ca Kamyaran, Heidar Ghorbani yabamwo mu ntara ya Kurdistan, bamwita umumaratiri.

Ghorbani, yari afise imyaka 48, yagiriwe n'icaha co kwica abantu batatu bo mu rwego rw'ingabo za Iran ruzwi nka Revolutionary Guard Corps.

Ariko yagumye ahakana kuba hari aho ahuriye n'ubwo bwicanyi, abaharanira agateka ka zina muntu nabo bakavuga ko yari imfungwa ya poritike.

Ghorbani yanagiriwe kandi n'icaha co kuba umunywanyi w'umugwi witwaje ibigwanisho ukorera hanze - Parti Démocratique du Kurdistan d'Iran (PDKI) - ugwana kugira intara y'aba-Kurd ironke ububasha busumbirije bwo gutunganya ivyayo.

Yanyongewe mw'ibohero rya Sanandaj muri Iran y'uburaruko bushira uburengero ku wa Mungu.

Abanya-Iran bakoresha imbuga hwaniro barakoze ivyo bashobora kugira bagwanye iyicwa ryiwe, inyuma y'aho sentare ntahinyuzwa yemereje urwari rwaciwe imbere.

Imigwi igwanira agateka ka zina muntu yemeza ko yahamijwe icaha ku vyemezo bishobora kugirwako impari vyabonetse ariko araborezwa igufa kandi ko atemerewe kugira uwumwunganira mu mategeko igihe yariko arakorwako amatohoza.

Mu kwezi kw'icenda ONU yari yihanije Iran ko itokora iryo nyongwa kandi ngo imukureko ico gihano co gupfa.

Abahinga ba ONU mu bijanye n'agateka ka zina muntu bavuze ko "bibabaje kuba sentare zibandanya gutanga igihano co gupfa mu manza zitubahiriza ingingo mpuzamakungu z'iburanishwa ryiza, mbere n'amategeko yo mu gihugu asanzwe ategekanya".

Amnesty International nayo nyene yari yasavye abategetsi ba Iran "guheba ico gihano hanyuma agahabwa amahirwe y'ugusubiramwo urubanza neza".

Uretse Ubushinwa, Iran nico gihugu kinyonga abantu benshi buri mwaka muri iyi myaka ya vuba.

Amnesty igereranya ko abantu nibura 246 banyonzwe muri Iran mu 2020. Ivuga ko ico gihugu kiguma kirushirizaho gukoresha igihano co kwicwa "nk'ikigwanisho ca poritike co gucinyiza abatavuga rumwe n'ubutegetsi, abakora imyiyerekano n'abo mu migwi y'inkehwa".