Amnesty: Iran, Egypt, Iraq na Saudi Arabia ku rutonde rw'ibihugu vyanyonze abantu benshi mu 2020

Imurika risaba ko inyongwa rihagarara muri Iran ryabereye i Londres mu kw'icumi

Ahavuye isanamu, NurPhoto

Insiguro y'isanamu, Imurika risaba ko inyongwa rihagarara muri Iran ryabereye i Londres mu kw'icumi

Bine mu bihugu bitanu vya mbere kw'isi vyanyonze abantu benshi mu 2020 ni ivyo mu burasirazuba bwo hagati, nk'uko bivugwa na Amnesty International.

Iran, Misiri, Iraq na Arabia Saudite vyanyonze ibice 88% vy'abantu bose 483 bamenyekanye ko banyonzwe kw'isi yose, nk'uko icegeranyo c'iri shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu kibivuga.

Iri shirahamwe ryagiriza ibi bihugu ko ari "ruburakigongwe" mu gihe ibihugu nka vyose kw'isi vyitayeho gushira imbere gukingira ubuzima bw'abantu umugera ruhonyabantu.

Iki gitigiri c'abanyonzwe kw'isi yose nico gito mu myaka cumi irangiye, ariko Ubushinwa ntiburimwo.

Ubushinwa buzwi ko bunyonga ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu buri mwaka, ariko amakuru y'ingene hatangwa iki gihano c'urupfu reta yabigize ibanga.

Ntivyashobotse kandi ko ivyegeranyo vya Korea ya ruguru na Vietnam vyihwezwa neza kubera ibi bihugu bikorera mw'ibanga.

Igitigiri c'abantu 483 banyonzwe mu bihugu 18 mu 2020 cerekana ko abanyonzwe bagabanutse ku bice 26% ugereranije na 2019 aho bageze kuri 657.

Bagabanutse kandi ku bice 70% ugereranije na 2015 aho abashika 1634 banyonnzwe, nk'uko Amnesty International yabitangaje kuri uyu wa gatatu mu cegeranyo cayo c'umwaka ku gihano c'urupfu.

Mu burasirazuba bwo hagati, ico gitigiri camanutse kuva kuri 579 mu 2019 kija kuri 437 mu 2020. Ibi vyatumwe n'uko igitigiri c'abanyonzwe muri Arabia Saoudite cari cagabanutse gushika ku bice 85%, aho 27 gusa ari bo banyonzwe, hamwe kandi no muri Iraq bari bagabanutse ku bice 50%, aho 45 ari bo bari banyonzwe.

Hagati aho, ico cegeranyo kivuga ko iri gabanuka ryagiye kwononwa n'iyongerekana ry'abanyonzwe gushika ku bice 300% muri Misiri, aho abashika 107 banyonzwe, ivyatumye ico gihugu kiba ica gatatu kw'isi mu bihugu binyonga abantu.

Kuyonga abantu

23 muri abo baciriwe urwo gupfa hari abagirijwe ivyaha bijanye n'imigumuko ya poritike, inyuma y'ico Amnesty yise imanza z'akarenganyo karenze urugero zatewe n'ivyo "bemeye" ku gahato hamwe nibindi vyaha.

Ibirigiri vy'abanyonzwe kandi vyariyongereye cane gushika ku 57 mu kw'icumi no mu kw'icumi na rimwe igihe haba igerageza ryo gutoroka ibohero rya al-Aqrab aho abaporisi batari bake n'abari baciriwe imanza zo gupfa bahasize ubuzima.

Iran, igihugu canyonze abashika 246, kibandanya kiza ubwa kabiri kw'isi inyuma y'Ubushinwa.

Amnesty ivuga ko abategetsi ba Iran bakoresheje cane igihano c'urupfu "nk'ikirwanisho mu gutuza" abatavuga rumwe mu vya poritike, abari mu myiyerekano hamwe n'abanyagihugu bo mu murwi y'inkehwa.

Baranyonze kandi abantu batatu ku vyaha bagirijwe bakiri musi y'imyaka 18, iri rikaba ari ihonyangwa ry'amategeko mpuzamakungu ajejwe agateka ka muntu.

Amnesty iragiriza Qatar gufata "ingingo zisubiza inyuma igihugu mu buryo bubabaje" mu kunyonga umuntu wa mbere inyuma y'imyaka 20. Umuntu yakomoka muri Nepal yari yagirijwe ubwicanyi yararashwe n'umurwi wa gisirikare ujejwe kurasa abaciriwe izo gupfa, hari mu kwa gatanu umwaka uheze.

Urwego rwegamiye reta muri Arabia Saoudite ruvuga ko kimwe mu vyatumye haba iri gabanuka rinini ry'abanyongwa ari "ingingo yo kubuza inyongwa ry'abagiriwe n'ivyaha bifitaniye isano n'ibiyayuramutwe". Ariko Amnesty yoyo ibona ko bishobora kandi kuba vyavuye ku kuntu ubwami bw'ico gihugu bwariko burondera ko butobandanya bucishwamwo ijisho nk'igihugu cari kirongoye inama y'ibihugu 20 bitunze kurusha ibindi kw'isi (G20).

Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ubutegetsi bwa Trump bwagarukanye ibihano vyo kwica inyuma y'imyaka 17 ata muntu yari bwanyongwe, aho musi y'amezi atandatu gusa bwanyonze abantu cumi.

Kuyonga abantu

Ubuhindi, Oman, Qatar na Taiwan navyo vyagarukanye ibihano vyo gupfa.

Mw'itangazo yashize ahabona, Agnès Callamard, umunyamabanga mukuru wa Amnesty yavuze ati: "Mu gihe isi ihanzwe n'ikibazo co gukingira abanyagihugu ca kiza ca Covid-19, hari ibihugu bitari bike vyerekana ko ahubwo birajwe ishinga no kwifashisha igihano c'urupfu kandi bikanyonga abantu ataco vyinona".

"Igihano c'urupfu ni igihano kibi cane kandi kubandanya inyongwa ry'abantu muri kino gihe c'ikiza karanda vyerekana ubugome".

Umupfasoni Callamard avuga ko abantu bari baciriwe ibihano vy'urupfu ata burenganzira bari bafise bwo guserukirwa n'abanyamategeko, kandi ko abo bose berekana ko bashaka kubafasha bisanga bashobora guhura n'ingaruka ku buzima bwabo.

Yongerako ati: "Gukoresha igihano c'urupfu muri ibi bihe ni ihohoterwa rirengeje urugero ry'agateka ka zina muntu"..