Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Biden yanduye Covid, nk’uko Maison Blanche ibivuga
- Umwanditsi, Ana Faguy
- Igikorwa, BBC News, Washington
- Umwanditsi, Tom Bateman
- Igikorwa, BBC State Department correspondent
- Yakoze inkuru ari, Travelling with President Joe Biden
Joe Biden basanze yanduye Covid-19 akaba afise ibimenyetso bidakaze, nk’uko bitangazwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu Maison Blanche/White House.
Karine Jean-Pierre, umunyamabanga wiwe ajejwe kumenyesha amakuru, avuga ko uno mukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yacandazwe. Imbere y’aha, yari amaze kwandura Covid incuro zibiri.
Biden w’imyaka 81 yari yabonetse ejo ku wa gatatu yagendeye abanywanyi biwe i Las Vegas aranashikiriza ijambo mw’ikoraniro. Vyabaye ngombwa ko ahagarika ijambo ry’ukwiyamamaza yari yateguye gushikiriza mw’ijoro.
Yanduye ino ngwara mu gihe abamusaba gukinjura kubera imyaka yiwe bagenda biyongera.
yiwe bagenda biyongera.
Ibinyamakuru vya Amerika bivuga ko Chuck Schumer arongoye nyarwinshi mu nama nkenguzamateka hamwe na Hakeem Jefferies arongoye inkehwa mu nama nshingamateka, bompi babonanye umw’umwe ukwiwe na Biden, bakaba bamweretse ko ukwitoza kwiwe gushobora kubangamira abandi bashingamateka n’abakenguzamateka bazoba bariko baritoza.
Umupfasoni Jean-Pierre avuga ko Perezida Biden ategekanya kwitaramurira muhira iwe i Delaware mu gihe azoba ariko arangura “amabanga yiwe yose muri ico gihe”.
Umuganga akurikirana umukuru w’igihugu, Kevin O'Connor, avuga ko Biden yerekanye ibimenyetso vyo kudahema neza, harimwo ibicurane n’inkorora, hanyuma ahabwa umuti wa Paxlovid.
Yatonye mitende mu masaha ya mbere y’umusi, ariko mu nyuma baza gusanga afise Covid-19, nk’uko bivugwa na Dr O'Connor.
Abanyamakuru bari kuri urwo rugendo i Las Vegas bavuga ko baciye banyarukanwa ku kibuga c’indege c’iki gisagara inyuma y’iyi nkuru.
Videwo yerekana Biden agenda bukebuke n’ukwinengesera igihe yurira mu ndege. Nta gapfukamunwa yari yambaye.
Igihe yurira indege irerura umukuru w’igihugu (Air Force One) yumvikanye avuga ati: "Mana, numva meze neza".
Umukuru w’igihugu vyabaye ngombwa ko aheba ijambo yari gushikiriza mw’ikoraniro rya UnidosUS, ishirahamwe riharanira agateka k’aba-Latino.
Biden afashwe n’iyi ngwara mu gihe abatari bake babandanya bamusaba kuva mw’ihiganwa.
Muri izi ndwi ziheruka, abanyaporitike bo mu mugambwe w’aba-Democrats bagiye bamusaba gukinjura, harimwo Adam Schiff, umushingamateka wa California, uno musi akaba yavuze ko afise amakenga akomeye ku bushobozi bw’umukuru w’igihugu bwo guhangana na Donald Trump.
Yateye akamo Biden guhebera uwundi.
Schiff avuga ko Biden “yabaye umwe mu bakuru b’igihugu bagize uruhara rudasanzwe muri kahise k’igihugu cacu”, ko rero “ashobora gusiga iragi ryiza ry’uburongozi” mu kurekera uwundi mu Democrat akabandanya urugamba.
Schumer na Jeffries – abakuru b’aba-Democrats mu nama nkenguzamateka na nshingamateka – baherutse kubonana na Biden mu mwiherero bakaba berekanye amakenga y’abashingamateka n’abakenguzamateka bagenzi babo ko ari nka hamwe yoba ari we abarongoye mu matora yo muri Munyonyo bishobora gutuma batakaza amahirwe yabo yo kwigarurira igisata na kimwe muri ibi, nk’uko vyandikwa n’ibinyamakuru ABC News, Washington Post na Politico.
Inyuma y’aya makuru, umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu Andrew Bates avuga ko “Umukuru w’igihugu yishuye aba bategetsi bompi ko ari we yagenywe n’umugambwe ngo yitoze ku giti cawo, ategura gutsinda, kandi ko yiteze gukorana na bo bompi mu kwemeza integuro yiwe y’imisi 100 yo gufasha imiryango ikora”.
Umuvugizi wa Jeffries avuga ko, "cari ikiyago co mw’ibanga kandi kizobandanya ari ibanga". Ibiro vya Schumer bivuga ko aya makuru ari "urusaku ataco rumaze" ariko akongera ko y’uko uno mutegetsi w’aba-Democrats "yashikirije Perezida Biden ivyiyumviro vy’umurwi w’abashingamateka arongoye".
Mu kiganiro na BET cari gitegekanijwe kwerekanwa ku wa gatatu ku mugoroba, Biden yavuga ko atumva ko yohava ahereza uwundi mu gihugu “ciciyemwo kubiri gutya”.
Ku ncuro ya mbere, Perezida Biden yavuze kandi ko ashobora kuraba ko yova mw’ihiganwa mu gihe mu baganga biwe hogira uwumubwira ko afise “ikibazo c’amagara”.