Mu mafoto: Raba ingene vyagenze Trump amaze kuraswa agakomereka

Donald Trump yakuwe vyihuta aho yariko aremeshereza imyiyamamazo i Butler mu ntara ya Pennsylvania inyuma y'aho umuntu yari afise inkoho amurasiye ahagaze hejuru ku nzu yari hafi yaho.

Uno Murepubulika ariko yiyamamariza ikibanza c'umukuru w'igihugu yaciye aryama hasi, akaba yabonetse ariko ava amaraso ku ruhande rw'i buryo. Avuga ko yumvise urusasu ruhurira, hanyuma rumutobora ugutwi.

Igihe abajejwe umutekano bashwara ikibanza yariko yiyamamarizamwo, Trump yagaranzuye igipfunsi mu kirere mu gihe yariko avanwa muri ico kibanza.

Abari mu myiyamamazo baciye baryama hasi mu gihe amasasu yariko arasirana, mu nyuma bamwe baca batangura guhunga.

Umwe mu babibonye yabwiye BBC ko yabonye umugabo yari afise inkoho ku gisenge c'inzu yari mu micungararo akanya gato imbere y'uko Trump araswa.