Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amatora ya Amerika 2024: 'Yopfuma aba Joe Biden atsinda amatora hako aba Donald Trump' - Putin
- Umwanditsi, Jacqueline Howard
- Igikorwa, BBC News
Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya avuga ko yopfuma abona Joe Biden ari we atsinze amatora ategekanijwe muri Amerika muri Munyonyo (11) hako yoba Donald Trump.
Muri ano majambo biboneka ko azonegurwa na benshi, Putin avuga ko Biden ari inararibonye kandi akaba umuntu yoroshe kumenya iryo agona.
Imbere y’uko Trump atorwa mu kiringo ciwe ca mbere mu 2016, Putin yari yamushimagije nk’umuntu "w’akaroruhore kandi w’incabwenge".
Mu myaka itari mike, Biden yamye anegura Putin bikomeye, aho yamwita “umwicanyi”, imbere y’igitero kuri Ukraine.
Perezida Putin kandi yagize ico avuze ku kiganiro aherutse kugirana n’umunyamakuru w’Umunyamerika Tucker Carlson, avuga ko kitamunyuze kuko ibibazo bitari bitumbereye neza.
Mu kiganiro n’imboneshakure y’Uburusiya, ejo ku wa gatatu, Putin yavuze ko intwaro ya Biden yoba nziza ku Burusiya kubera ari “umuntu w’inararibonye, yoroshe kumenya iryo agona, ni umunyaporitike wo mu bihe vya kera".
Yaranse ibivugwa ku myaka n’ubuzima bwo mu mutwe vya Biden, aho yavuze ko igihe babonana ubwa nyuma mu 2021 i Genève mu Buswisi, ata kintu na kimwe yabonye kidasanzwe.
Ati: "Mbere n’ico gihe [imyaka itatu iheze] abantu bavuga ko atavyo ashoboye, ariko nta kintu nk’iki namubonyemwo.
"Ni vyo, yagumye yirabira ku mpapuro ziwe, ariko mvugishije ukuri na jewe nagumye nkora uko nyene. Rero nta na kimwe cihariye."
Putin asigura ko Uburusiya buzokorana n’uwo ari we wese "azokwizigirwa n’abanyagihugu ba Amerika" agatsinda amatora y’umukuru w’igihugu.
Ariko si ukuvuga ko ivyo yavuze vyose kuri Biden vyari ivyo kumushimagiza: Putin yavuze ko kubona umukuru w’igihugu ca Amerika yiyamiriza intambara yo muri Ukraine vyari “bibi cane kandi ni ukwihenda".
Igihe amatora ya 2016 muri Amerika yari yimirije, Trump yavuga ko we na Putin bari "gukorana neza".
Trump aherutse guteza uburakari aho yavuga ko yotera “intege” Uburusiya gutera igihugu ico ari co cose ca OTAN/NATO conanirwa no gutanga intererano y’amafaranga muri uru runani rwo kwivunira umwansi hamwe rurongowe na Amerika, imfashanyo ingana na 2% y’umutungo rusangi w’igihugu.
Mu kwishura kuri ano majambo, umukuru wa OTAN Jens Stoltenberg yasavye Trump "kudatesha agaciro" uru runani rw’umutekano rusangi.