Bishasha hagati ya Ukraine n'Uburusiya: Nta gahengwe kuri Kyiv, incuti zayo zirongereza igitsure kuri Putin

Ahavuye isanamu, t.me/dsns_telegram
Mw'ijoro buca ari kuri uyu wa gatandatu, Uburusiya bwarekuriye kuri Ukraine ibisasu vya misire biraswa kure vyo mu bwoko bwa Iskander-M icenda bivuye mu ntara za Rostov na Kursk, hamwe na za ndege zitajamwo abadereva (drone) 62, nk'uko bitangazwa n'igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere.
Gushika isaha zitatu z'aka gatondo, ibisasu bine vya misire hamwe n'amadrone 50 vyari "vyarasiwe mu kirere birasamburwa", mu gihe ibisasu vya misire 12 biraswa kure hamwe n'amadrone 12 vyateye mu bibanza 11, nk'uko iki gisirikare cabitangaje.
Igisirikare ca Ukraine ntikivuga aho ibi bindi bisasu bitanu vya misire vyaguye.
Mw'ijoro ryakeye, humvikanye ibibombe bikomakomeye ku mugwa mukuru Kyiv. Umukuru w'iki gisagara Mayor Vitali Klitschko yatangaje ko iki gisagara cariko kiraterwa "ibisasu vya misire biraswa kure", ni inyuma y'aho ingabo zirwanira mu kirere zatangaza ko hari ibisasu binyaruka cane vyariko bitera bija i Kyiv.
Abajejwe ubutabazi bavuze ko abantu babiri ari bo bahitanywe n'ibi bitero, icenda nabo bakaba bakomeretse ku mugwa mukuru wa Ukraine. "Hari ibitero vyabaye" mu turere twa Desnyansky, Dniprovsky, na Darnytskyi muri Kyiv, hakaba "hadutse n'umuriro ku nzu itagiramwo abantu muri kimwe mu bibanza vyatewe".
Uburusiya ntaco bwavuze kuri iki gitero.
Hagati aho, ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi butangaza ko amadrone 121 ya Ukraine yarashwe arasamburwa mw'ijoro ryakeye.
Nk'uko igisirikare c'Uburusiya kibivuga, amadrone icenda yasamburiwe mu kirere c'intara ya Moscow, harimwo indwi zariko zitera zija ku mugwa mukuru.
Buvuga kandi ko ayandi ma-drone 20 yasamburiwe mu kirere c'intara ya Rostov, 19 mu kirere ca Volgograd, 17 nazo mu kirere ca Bryansk. Izindi 12 nazo zarasiwe mu ntara ya Kaluga, 11 nazo i Smolensk, hakaba n'izindi icenda zarasiwe mu ntara ya Belgorod.
Iki cegeranyo kivuga kandi ko ayandi ma-drone umunani yasamburiwe mu ntara za Voronezh na Leningrad, izindi zikaba zakororewe mu ntara za Novgorod, Ryazan, Tambov, Tver hamwe na Tula.
Ni inyuma y'uko ku wa kane naho, uruganda rugira kane rw'Uburusiya mu nganda z'Uburusiya zihingura igitoro ahitwa Ryazan rwarugaye inyuma y'igitero ca drone ya Ukraine, nk'uko isoko ryo muri urwo ruganda ryabibwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ejo ku wa gatanu.
Ukraine yarongereje ibitero ku bigo vy'amasoko ntanganguvu vy'Uburusiya mu gihe ata kigenda mu biganiro vy'amahoro bihagarariwe na Perezida Donald Trump.
Ibiro bikuru vy'igisirikare ca Ukraine vyatangaje ko ingabo za Ukraine zakoze igitero ku ruganda rw'igitoro rwa Ryazan.
Nk'uko amasoko ya Reuters abivuga, uru ruganda ELOU-4 rwarugaye vyihuta inyuma y'umuriro waturutse ku gitero ca drone.
Iki kigo cimbura amatone imiriyoni zine z'igitoro ku mwaka, ni ukuvuga utugunguru 80.000 ku musi. Ikompanyi Rosneft, ikaba iherutse gufatirwa ibihano na Tump, ari nayo kandi nyen'uru ruganda rwa Ryazan ntaco yashikirije igihe yasabwa kugira ico ivuga kuri iki gitero.

Ahavuye isanamu, State Emergency Service of Ukraine/Telegram
Mu gihe intambara zibandanya utwigoro twa Amerika two kurondera ko yohagarara tukaba ataco turashikako, Perezida Donald Trump avuga ko yizeye ko ashobora kuzovugana na Perezida Xi Jinping w'Ubushinwa ingene yohagarara, mu mubonano wimirije hagati y'aba bategetsi babiri.
Trump yabivuze igihe yariko yurira indege y'umukuru w'igihugu Air Force One atera aja muri Aziya, aho agiye kumara imisi itanu. Ategekanya kuzogendera ibihugu vya Malaysia, Ubuyapani na Korea y'Epfo, akaba kandi azokwitaba n'inama y'ishirahamwe ry'ibihugu vy'ubumanuko bushira ubuseruko bwa Aziya (ASEAN) itegekanijwe gutangura ejo ku wa Mungu i Kuala Lumpur.
Trump yari abajijwe nimba yizeye ko Ubushinwa bushobora gufasha kugira ngo intambara hagati y'Uburusiya na Ukraine itorerwe umuti.
Yishuye ati: "Turipfuza ko Ubushinwa budufasha ku Burusiya. Ni vyo twarafatiye ibihano bikomeye Uburusiya. Kandi ndibaza ko ibi bihano bizobugondoza. Ariko nipfuza ko Ubushinwa budufasha".
Ubushinwa buvuga ko ataho bwegamiye kuri iyi ntambara y'Uburusiya kuri Ukraine, ntibwifatanya n'ibihugu vy'Uburengero mu gufatira ibihano Uburusiya, kandi bubandanya buha Moscou ibikoresho bishobora gukoreshwa mu buryo bwinshi harimwo n'ubwa gisirikare, kandi bukabandanya bugura igitoro c'Uburusiya.
Mu nama iheruka y'Ubumwe bwa Bulaya i Bruxelles mu Bubirigi, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yavuze ko itarajwe ishinga n'intsinzi ya Kyiv canke kubona Moscou itsinzwe.
Ibihugu barenga 20 bifashe mu mugongo Ukraine vyiyemeje "gukura igitoro na gaze vy'Uburusiya kw'isoko mpuzamakungu" nka bumwe mu buryo bwo gutera igitsure Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya guhagarika intambara.
"Turiko turaca inzira z'amafaranga afasha Uburusiya mu ntambara yabwo", niko umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Sir Keir Starmer, yavuze, inyuma yo kwakira inama y'ihuriro ryiswe "urunani rw'abashaka" i Londres.
Ubwongereza na Amerika biherutse gufatira ibihano amakompanyi y'Uburusiya ya mbere manini yimbura igitoro, mu gihe Ubumwe bwa Bulaya butegura guhagarika kugura gaze y'Uburusiya.
Mu kiganiro rusangi n'abanyamakuru inyuma y'iyo nama yariko Ibera i Londres mu Bwongereza, Sir Keir yavuze ko Putin aterekwa umugambi w'amahoro, ko rero incuti za Ukraine zumvikanye ku "nteguro itomoye mu kiringo gisigaye c'uno mwaka" yo gushigikira Ukraine.
Uru "runani rw'abashaka" rwiyemeje kandi gukomeza uruhande rwa Ukraine rwo kwikingira ibitero vyo mu kirere" mu gihe Uburusiya hafi uko bukeye uko bwije budasiba gucucagira ibisasu ku basivire ka Ukraine no ku bigo ntanganguvu vyayo.













