Trump avuga ko ibiganiro na Putin ata 'na hamwe bishika' aca afata ibihano bishasha

Trump na Putin i Alaska

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Trump na Putin babonaniye i Alaska muri Myandagaro hakaba hari icizere ko intambara ya Ukraine yari kurangira. Umubonano wa kabiri washizwe ku ruhande.
    • Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr
    • Igikorwa, Muri Maison Blanche
    • Umwanditsi, Max Matza

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zafatiye ibihano bishasha amakompanyi abiri y'igitoro y'Uburusiya – azwi nka Rosneft na Lukoil – mu ntumbero yo guhatira Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya) kwitaba ibiganiro vy'amahoro na Ukraine.

Inyuma y'umubonano wiwe na Mark Rutte, umunyamabanga mukuru w'urunani OTAN/NATO rujejwe kwivunira umwansi hamwe, kugira ngo bavugane ibijanye n'ibiganiro vy'amahoro, Donald Trump yagize ati: "Buri gihe mvuganye na Vladimir, tugirana ibiyago vyiza cane ariko ataho bishika. Ikiriho gusa, ntaho bishika".

Ibi bihano bifashwe inyuma y'uko Trump atangaje ko umubonano wari utegekanijwe na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya i Budapest (umugwa mukuru wa Hongrie) wungururijwe ku gihe kitazwa.

Imbere y'aho ejo ku wa gatatu, Uburusiya bwacucagiye ibibombe kuri Ukraine vyahitanye nibura abantu indwi, harimwo abana.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe ikigega, Scott Bessent, avuga ko ibi bihano ari nkenerwa kubera "Putin adashaka kurangiza iyi ntambara itagira mvura". Avuga ko aya makompanyi y'igitoro aha Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihuu c'Uburusiya) "ubushobozi bw'intambara".

Mw'itangazo, Bessent yagize ati: "Ubu harageze guhagarika ubu bwicanyi n'iyi ntambara bidatevye".

Ari kumwe na Rutte muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) nijoro ku wa gatatu, Trump yaneguye Putin ko adashaka amahoro kandi ko ibi bihano bizofasha kugira ngo inyishu iboneke.

Trump ati: "Niyumvira ko hari hageze. Twararindiriye bikwiye".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Avuga ko ibi bihano "bikomeye", kandi akaba yizeye ko bitazoteba gukurwaho mu gihe Uburusiya bwokwemera guhagarika intambara.

Rutte na we nyene yashimye iyi ngingo, avuga ko ije "kwongereza igitsure" kuri Putin.

Agira ati: "Ni ngombwa gutera igitsure. Ibi ni vyo yakoze uno musi".

Iyi ngingo ije mu gihe muri iyi ndwi habandanije hibonekeza ukutabona kumwe hagati ya Amerika n'Uburusiya ku bijanye n'amahoro. Trump avuga ko ikintu gikomeye kiboneka ari uko Moscou iterekwa ivyo guhagarikira intambara aho igeze ubu ku rubuga.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Marco Rubio avuga ko Amerika n'ubu yipfuza kubonana n'Uburusiya.

Mu ndwi iheze, Ubwongereza bwarafatiye ibihano nk'ibi nyene aya makompanyi Rosneft na Lukoil.

Igihe yatangaza iyi ngingo, Rachel Reeves, umushikiranganji w'ikigega w'Ubwongereza, yagize ati: "Nta kibanza c'igitoro c'Uburusiya kikihari ku masoko mpuzamakungu".

Mu kwishura Ubwongereza, ubuserukizi bw'Uburusiya i Londres (umugwa mukuru w'Ubwongereza) bwavuze ko gufatira ibihano aya makompanyi nyamukuru y'igitoro bizohungabanya itangwa ry'igitoro kw'isi kandi bitume ibiciro biduga kw'isi yose.

Bwavuze kandi ko ibi bihano bizogira "ingaruka mbi ku masoko ntanganguvu" mu bihugu bikenye n'ibikiri mu nzira y'amajambere, yongerako kandi ko "igitsure gituma gusa umugambi w'amahoro ucumbagira mbere bikanashobora gutuma ibintu biyangara".

Aya makompanyi y'igitoro y'Uburusiya ashora hanze utugunguru tw'igitoro imiriyoni 3.1 ku musi. Rosneft ijejwe hafi ica kabiri c'igitoro cose cimburwa n'Uburusiya, kingana na 6% y'icimburwa kw'isi yose, nk'uko biri mu biharuro vya reta y'Ubwongereza.

Igitoro na gaze (gas) ni vyo bidandazwa nyamukuru Uburusiya bushora hanze, abakiriya nyamukuru ba Moscou bakaba ari Ubushinwa, Ubuhindi na Turukiya. Trump asaba kandi ibi bihugu guhagarika kugura igitoro c'Uburusiya mu ntumbero yo gutera igitsure Kremlin.

Iyi ngingo ya Trump yashimagijwe n'umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire Yvette Cooper, avuga ko ibi bihano vya Amerika ari "nkenerwa cane".

Umukuru w'Inama nkuru y'Ubumwe bwa Bulaya Ursula Von der Leyen yanditse kuri X ko yavuganye na Bessent kuri terefone ejo ku wa gatatu ku bijanye "n'ukungene Uburusiya buterekwa umugambi w'amahoro".

Yashimagije kandi ibihano bishasha vyemejwe n'Ubumwe bwa Bulaya ejo nyene ku wa gatatu, birimwo guhagarika kugura gaze y'Uburusiya.

Yanditse ati: "Mu gihe Ubumwe bwa Bulaya bugomba bwemeze ibi bihano bigira 19, iki ni ikimenyetso kigaragara ko impande zompi za Atlantiki zigiye kubandaniriza hamwe gutera igitsure kuri iki gihugu gisotorana".

Mu ntango z'uno mwaka, Ubwongereza na Amerika vyafatiye ibihano amakompanyi y'igitoro akomeye y'Uburusiya Gazprom Neft na Surgutneftegas.

Muri Maison Blanche, Rutte yiteze kuganira ku nteguro y'ibice 12 yatanzwe na OTAN hamwe na Ukraine, irimwo uguhagarikira intambara aho impande zompi zigeze, gutahukana abana banyazwe n'Uburusiya hamwe n'uguhanahana impfungwa hagati y'ibi bihugu bibiri bihanganye.

Iyi nteguro irimwo ikigega kigenewe ugusanura Ukraine , hamwe kandi na kazoza k'umutekano wa Ukraine n'inzira itomoye y'ukungene yozokwinjira mu Bumwe bwa Bulaya, harimwo kandi n'ukwongereza imfashanyo ihabwa Ukraine no kwongereza ibihano ku butunzi bwa Moscou.

Mu ntango z'ino ndwi, Trump yavuze ko adashaka "umubonano ataco uvamwo" na Putin i Budapest, avuga ko ikibazo nyamukuru ari uko Moscou idashaka guhagarikira aho igeze ku rubuga rw'intambara.

Yaheruka kubonana nawe i Alaska mu nama Maison Blanche yari yiteze ko yari kuganisha kw'irangira ry'ingwano. Ahubwo intambara yarabandanije.

Trump yamye ashigikira iciyumviro c'uko intambara yohagararira aho igeze.

Ku wa mbere, yavuze ati: "Reka tuyihagarikire aho igeze. Mvuga nti: hagarare aho mugeze. Mutahe. Hagarike intambara, reke kwica abantu".

Uburusiya bwamirira kure iki ciyumviro, umuvugizi wa Kremlin Dmitry Peskov akavuga ko Uburusiya budahindura aho buhagaze – ashaka kuvuga ko bukeneye ko ingabo za Ukraine ziva mu karere ka Donbas mu buseruko bw'igihugu.

Ejo ku wa gatatu, yahakanye inkuru yanditswe n'ikinyamakuru Wall Street Journal yavuga ko Amerika yari yahaye uruhusha Ukraine rwo kurasa hagati ku butaka bw'Uburusiya ikoresheje ibisasu vya misire biraswa kure, avuga ko ari "amakuru y'ibinyoma".

Perezida Volodomyr Zelensky wa Ukraine aripfuza ko ingabo ziwe zoronswa vya bisasu vya misire rutura vya Amerika vyo mu bwoko bwa Tomahawk, akavuga ko Uburusiya buramutse bumenye ko ibi bisasu bigeye gukoreshwa mu ntambara bwoca bwemera kuja ku meza y'ibiganiro.

Pritti Mistry na Danielle Kaye baterereye muri iyi nkuru