Uburusiya nta mugambi bufise wo gutera ibihugu vy'Ubumwe bwa Bulaya canke vya OTAN - Lavrov

Umushikiranganji w'Ubursiya ajejwe imigenderanire Sergei Lavrov yariko ashikiriza ijambo mu nama rusangi igira 80 ya ONU

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji w'Ubursiya ajejwe imigenderanire Sergei Lavrov yariko ashikiriza ijambo mu nama rusangi igira 80 ya ONU
    • Umwanditsi, Kathryn Armstrong

Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe imigenderanire Sergei Lavrov avuga ko igihugu ciwe ata mugambi gifise wo gutera ibihugu vy'Ubumwe bwa Bulaya canke bihurikiye mu runani OTAN/NATO, ariko akagabisha ko uwohirahira agasotora Moscou yokwibonerako.

Mw'ijambo yashikirije ku bibazo bitari bike mu nama rusangi ya ONU nijoro ku wa gatandatu, Lavrov yavuze ko iterabwoba ry'ibihugu vy'Uburengero ku Burusiya "rirushirizaho kwiyongera".

Yaravuze kandi kuri Israel, avuga ko nubwo Uburusiya bwiyamirije ibitero vya Hamas vyo ku wa 7 Gitugutu (10) 2023, "nta nsiguro n'imwe" ku "bwicanyi bw'ubugome" bukorerwa Abanyapalestina muri Gaza, canke ku nteguro yo kwihagira Cisjordanie/West Bank.

Israel yoyo isanzwe ivuga ko ibitero vyayo kuri Gaza ari nkenerwa mu ntumbero yo gutuza Hamas.

Abantu nibura 65.926 baramaze kwicwa mu bitero vya Israel, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganni bujejwe amagara y'abantu mu butegetsi bwa Hamas. Mu gitero ca Hamas co ku wa 7 Gitugutu, abantu bababa 1200 barishwe, abandi 251 bafatwa bugwati maze batwarwa muri Gaza.

Yariyamirije ibitero vya Israel ku bindi bihugu vyo mu Buseruko bwo Hagati bishobora gutuma "ibintu biyangara" muri ako karere.

Israel yitwaza umugambi wo gusambura Hamas mu gukora ibitero vyayo vyo mu kirere ku bindi bihugu vyo mu Buseruko bwo Hagati, harimwo Qatar.

Kuri Irani, Lavrov yagirije ibihugu vy'Uburengero gutoba umugambi wa diporomasiya inyuma y'uko integuro y'Uburusiya n'Ubushinwa yo ku munota wa nyuma yari yfise intego yo kuzibira ingingo yo gusubizaho ibihano ipfiriye ku wa gatanu. Uno mushikiranganji w'Uburusiya ajewe imigenderanire yavuze ko iyi ngendo "iteye kubiri n'amategeko.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibi bihano vyategerezwa gushirwa mu ngiro kuva isaha zitandatu z'ijoro kuri uno wa Mungu mu masaha mpuzamakungu ya GMT.

Nayo ku vyerekeye icuka kibi kirangwa i Bulaya, Lavrov yagize ati: "Iterabwoba ryo gukoresha inguvu ku Burusiya bwagirizwa ko buriko butegura igitero ku runani OTAN ruhurikiyemwo ibihugu vy'akarere ka Atalantiki y'Uburaruko be n'Ubumwe bwa Bulaya rirushirizaho kwiyongera. Perezida Putin ntahengeshanya kwiyamiriza aka gasomborotso.

"Uburusiya ntibwigeze bugira imigambi nk'iyo kandi ntayo bufise, ariko uwo ari we wese yokwihenda agasotora igihugu canje yokwibonerako".

Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya) irahakana ko ata ruhara ifise mu kurungika za ndege zitajamwo abadereva (drone) hejuru y'ibibuga vy'indege vya Danemark. Iki gihugu co nyene ubwaco kivuga ko ivyabaye bisa n'ivyakozwe "n'umuntu abifisemwo ubuhinga" ariko ko ata cemezo na kimwe cerekana ko Uburusiya bubifisemwo uruhara.

Hagati aho, Estonia yagirije Uburusiya kuvogera ikirere cayo bukoresheje indege, mu gihe haheruka gutegurwa ibikorwa vya OTAN vyo kwivunira umwansi hamwe mu kirere ca Pologne mu rwego rwo guhangana n'amadrone y'Uburusiya mu kirere ca Pologne.

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yarashitse kure mu kuvuga ko ibihugu vya OTAN bikwiye kurasa indege z'Uburusiya zovogera ikirere cavyo, mu gihe OTAN ubwayo igabisha ko izokoresha "uburyo bwose nkenerwa bwa gisirikare n'ubutari ubwa gisirikare" mu kwivuna, inyuma y'ivyo bikorwa vy'agasomborotso.

Trump asa kandi n'uwahinduye imvugo ku bijanye n'intambara y'Uburusiya na Ukraine, aho muri ino ndwi yavuze ko Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) ishobora "kubohoza ubutaka bwose bwa Ukraine".

Lavrov yaravuze kandi ku migenderanire hagati ya Amerika n'Uburusiya, aho yagize ati: "Mu buryo ubutegetsi bwa Amerika bukoresha, ntitubona gusa icipfuzo co gutanga intererano mu gutorera umuti ikibazo ca Ukraine, ariko kandi ishaka ryo gukorana n'ibindi bihugu itagendeye ku marangamutima kanaka".

Mu kubandanya anegura Uburengero, Lavrov yibajije igituma ibihugu bimwe bimwe, harimwo Ubwongereza n'Ubufaransa, ubu ari ho vyemeye Palestina nk'igihugu – akavuga ko bisa nk'aho vyarindiriye igihe kirekire kubera vyari vyizeye ko igihe co kuyemera, Palestina yari kuba itakiriho, ko rero kuyemera ataco vyari kuba bitwaye.