Ico buri ruhande rushaka mu biganiro kuri Ukraine muri Maison Blanche

Trump na Zelensky

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    • Umwanditsi, Laura Gozzi na Tom Geoghegan
    • Igikorwa, BBC News

Witezwe kuba umunsi udasa n'iyindi muri Maison Blanche mu masaha ari imbere, igihe abategetsi b'isi baja guhurira icarimwe mu rugendo rw'imbonekarimwe mu biganiro kuri Ukraine.

Icari citezwe kuba umubonano w'abakuru b'ibihugu babiri, Donald Trump na Volodymyr Zelensky, ubu ryabaye ikoraniro.

Abategetsi b'Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudagi, Finlande, Ishirahamwe rya Bulaya na Otan bose bajabutse Atlantique kugira baje kugira ico bavuze ku buryo intambara imaze imyaka itatu n'Uburusiya yorangira.

Ni icerekana ingene ibintu bikomeye n'amakenga yiyongeye mu banyabulaya ku kuntu Amerika yahindukije aho ihagaze mu nzira idashira imbere cane inyungu za Ukraine.

Aha tugerageje kuraba ico umukuru umwe umwe - n'uwutari we - yobona nk'intsinzi niyo izuba - ry'uwo munsi muremure w'ibiganiro - ryarenga.

Amerika - amasezerano, ayo ariyo yose

Aciyamamaza, Trump yari yiyemeje ko yorangiza intambara ku munsi wiwe wa mbere atanguye amabanga y'umukuru w'igihugu ariko inyuma y'mezi atatandatu ashitse muri Maison Blanche ntaco arashikako.

Ivyoba biri mu masezerano ayo ariyo yose ubu bisa n'ibidahambaye kuri Trump kuruta amasezerano ubwayo, n'ibisabwa kugira ashikweko vyagiye birahinduka uko umwanya uhaca.

Kuva abonanye na perezida w'Uburusiya Vladimir Putin muri Alaska ku wa gatanu, Trump asa n'uwahamvye ibineguro yahorana ku Burusiya n'ugukangisha ibihano, ubu yahisemwo gutera igitsure cose Zelenky.

Ku wa Mungu ku mugoroba yavue ko umukuru wa Ukraine yokwibagira ivyo kwinjira muri Otan kandi ko azotegerezwa guheba Crimee, intara Putin yometse ku Burusiya mu buryo bunyuranye n'amategeko mu 2014.

Intumwa ya Trump Steve Witkoff yavuze ko Amerika izoha Ubulaya ivyizeza umutekano vyobuza Uburusiya gusubira gutera. Ariko ido n'ido ryavyo ntirizwi.

Gushika ubu, Amerika yagumye inana ku bisabwa n'Abanyabulaya ko yokwiyemeza gukingira umutekano wa Ukraine muri kazoza. Uyu munsi isi ahanze amaso Maison Blanche ngo ije kuraba ko hari ikizoba cahindutse.

Ukraine - kwirinda guheba igice c'igihugu

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Zelensky ari aho atowokwifuza ho kwihagararako imbere ya Donald Trump aguma asa n'uwarambiwe, ubu asa n'uwahindukijwe na Putin kandi amaze kwagiriza Zelensky ko ari we azibiye inzira y'amahoro.

Trump ashobora kuja kubwira Zelensky ko yoheba intara. Ibi biraza kuba ingorahabahizi y'akataraboneka ku mukuru w'igihugu ca Ukraine kuko vyoca bisigura guheba Donetsk na Luhansk, intara ibihumbi n'ibihumbi vy'abasirikare ba Ukraine bagwaniye kandi bagapfa kugira bazikingire kuva mu 2022.

Vyoca kandi biha Uburusiya kugenzura ibindi bice vyinshi vy'intara yokoresha muri kazoza mu kugaba ibinti bitero.

Gutyo Zelensky ntashobora kwemera guheba intara ataco ahawe kimwizeza umutekano coheza kigakoreshwa hamwe Uburusiya bwokwongera gutera. Ico cari gutangwa na Otan, ariko Trump yavuze mu majambo adaciye hirya no hino ko Ukraine itazokwigera yinjira muri urwo runani.

Integuro y'izindi nzira zo kwizeza Ukraine umutekano ishobora kuba itarigwa, kandi atayihari vyogorana ko Zelensky hagira ivyo yiyemeza.

Ukraine ifise kandi impungenege zo kubona Trump yavuye ku kurondera guhagarika intambara ahubwo akarondera ko haba amasezerano y'amahoro yuzuye. Ivyo bishobora gufata igihe kirekire cane, bigatuma habandanya ibitero vy'Uburusiya, hicwa abanyagihugu basanzwe n'ugutakaza vyinshi ku ruganba.

Ubulaya - Amerika itegerezwa kwizeza umutekano wa Ukraine

Abategetsi ba Bulaya baja kugerageza gusunika Trump kugira yerekane uko Amerika yokwizeza Ukraine umutekano.

Amajambo adatomoye ya Amerika kuri ico kibazo arateye umutima uhagaze abanyabulaya babona ko ugukinga ko muri kazoza hatazongera kuba ibitero vy'Uburusiya bitegerezwa kuva mu nshingano zitomoye za Amerika.

No kuba honyene hari iciyumviro ko Amerika ishobora gushimika ngo Ukraine ihebe ubutaka birashangashira abanyaburaya, Uburaya bufise kahise karekare nk'intambara zasheshe amaraso cane kandi abategetsi bashaka kwirinda ivyoshika aho imbibe z'igihugu cigenga zihindurwa biciye ku gikenye.

Izi mpungenge nizo zatumye iyo ngingo itari bwigere ibonbeka y'abategetsi bangana uko bagira urugendo muri Maison Blanche ku munota wa nyuma.

Ku ndwi iheze, inama yo ku buhinga bwa video hagati y'abategetsi ba Bulaya na Amerika imbere y'umubonano wa Alaska yasa n'iyatumye Trump akomeza aho ahagaze mu kunegura Uburusiya; mu gihe ubu bisa n'uko ibintu vyasubiye kuja mu ruhande rw'Uburusiya, ubu abo bategetsi baja kugerageza kumwumvisha ko impungenge bafise ku mutekano w'umugabane wabo n'ubu zitarahinduka.

Russia - kwimanyurira kuri Ukraine hanini gusumba

Nta ntumwa y'Uburusiya izoba iri muri Maison Blanche uyu munsi. Ivyo bishobora kuba ata kibazo biteye: bisa n'uko Putin yumvishije ivyiwe Trump bihagije ku ndwi iheze ku buryo Uburusiya bushobora kwizera ko aho buhagaze haja guserukirwa neza.

Trump aja yaramaze kuvuga ko Ukraine itazokwinjira muri Otan - kandi Uburusiya bushaka ko ivyo bishimangirwa kandi bikemezwa. Bushaka kandi kugenzura intara yose ya Donbas, vyoca bisaba ko Ukraine iheba igice igenzura mu ntara za Donetsk na Luhansk.

Kumbure igihambaye cane ni uko Uburusiya bushobora kuba bwarumvishije Trump ko ubu ikibazo co kurangiza intambara gisigaye mu minwe ya Zelensky - kandi azi neza ko adashobora kwemera guheba igice c'igihugu uko nyene.

Intsinzi y'Uburusiya ishobora kuva muri uko kutabona ibintu kumwe n'Abanyabulaya kwoca gutuma Trump ava mu biganiro burundu maze agaca areka abanyabulaya na Ukraine ngo bigwaneko.

Ikarata ya Ukraine yerekana aho igisikare c'Uburusiya kigenzura