Zelensky agabisha ko Uburusiya buzoshikana intambara kure ya Ukraine ari nka hamwe butohagarikwa

Yambaye ijaketi n'ishati vyirabura, Perezida Zelensky Volodymyr ashikiriza ijambo inama ya ONU.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Zelensky avuga ko ari nka hamwe ibihugu vy'incuti bitofata ingingo zikomeye, Uburusiya bushobora kubangamira ibindi bihugu
    • Umwanditsi, Ruth Comerford
    • Igikorwa, BBC news

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine agabisha ko Vladimir Putin azobandanya akwiragiza intambara kandi ayigire ndende gusumba, mu gihe atoturuzwa.

Mw'ijambo yashikirije inama nkuru y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU i New York, Zelensky yavuze ko intambara y'Uburusiya ishobora gushika mu bihugu vyinshi ari nka hamwe ibihugu vy'incuti bitokwunga urunani bikanongereza inguvu mu bufasha bwavyo kuri Ukraine.

Yavuze ko ibihugu vyose bigeramiwe n'umuvuduko wo guhingura ibirwanisho kw'isi yose, mu gihe ubuhinga mu vya gisirikare buriko butera imbere, akongerako ko "ibirwanisho bifata ingingo ku wurokoka", anasaba ko haba amategeko yogenga isi yose ku bijanye n'ubwenge bw'ubukorano, (ikizwi nka intelligence artificielle, IA).

Avuze aya majambo inyuma y'uko Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ahinduriye imvugo yiwe ku bijanye n'intambara hagati y'Uburusiya na Ukraine, aho yavuze, ku ncuro ya mbere, ko Ukraine ishobora kubohoza ubutaka bwayo bwose.

Zelensky yaneguye inzego mpuzamakungu, avuga ko "zigoyagoya cane" ku buryo zidashobora kwizeza Ukraine umutekano wayo, akongerako ko - asa n'uwufatira kuri OTAN/NATO - kuba muri uru runani rwa gisirikare rumaze igihe kirekire bidaca "bisobanura ko ufise umutekano".

Ati: "Ubu turi mu gihe c'akaga kabi cane ko gusiganwa mu guhingura ibirwanisho kurusha ibindi bihe vyose muri kahise ka kiremwa muntu."

Yavuze ko "kuzibira Uburusiya ubu" biri ku giciro gito kurusha "kwiyumvira ku wuzoba uwa mbere mu gukora indege isanzwe itajamwo umudereva [drone] izoba yikoreye igisasu ca nikleyeri".

Zelensky asaba ko haba amategeko mpuzamakungu agenga ubuhinga bwa IA n'uruhara rwabwo mu bijanye n'ibirwanisho, akavuga ko guhingura ama-drone yigenga hamwe n'indege z'intambara zitajamwo abadereva ari ko kaga ka mbere kabi cane kurusha uburyo bw'intambara busanzwe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iyi ndongozi ya Ukraine yagabishije kandi ko Ubulaya butohirahira ngo butakaze Moldavie/Moldova – iri hagati ya Ukraine na Roumanie/Romania, iki gihugu kikaba kiri mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya – ngo ihave yisanga yinjiye mu bihugu bigendera ku mabwire y'Uburusiya. Yavuze ko Uburengero bwatakaje amahirwe yo gukiza Georgia na Biélorussie/Belarus kugira ngo ntibigwe mu maboko ya Putin.

Kuri uno wa kane, Perezida Maia Sandu wa Moldavie yegamiye ku ruhande rw'Ubumwe bwa Bulaya, yagirije Uburusiya "gusukira amamiriyoni amajana n'amajana y'ama-euro" muri Moldavie mu kugerageza guteza umudugararo no gukwiragiza ubwoba.

Kuri uyu wa Mungu, abanyagihugu bashikanye imyaka yo gutora muri iki gihugu kiri mu vyahoze bigize Ubumwe bw'Abasoviyeti bazokwitabira amatora, mu gihe amatohoza ya BBC yerekana isekeza ryo gukwiragiza ibinyoma rikorwa n'imbuga zifitaniye ubucuti na Moscou (ubutegesi bw'Uburusiya).

Mu ndwi iheze, Estonia na Pologne vyasavye umubonano n'ibindi bihugu bigize OTAN inyuma y'aho Uburusiya buvogerereye ikirere cayo mu bihe bitandukanye. Roumanie, ikindi gihugu ca OTAN, na co nyene cavuze ko ama-drone y'Uburusiya yavogereye ikirere cayo.

Ku wa kabiri, inyuma y'ijambo yashikirije muri ONU, Trump yavuze ko ibihugu vya OTAN bikwiye kurasa indege z'Uburusiya zivogera ibirere vyavyo, inyuma y'iri vogera riherutse gukorwa n'indege z'intambara n'ama-drone vy'Uburusiya.

Zelensky yarashimagije Donald Trump, avuga kandi ko yagiranye "umubonano mwiza" n'uno mukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ku wa kabiri, yabwiye abanyamakuru ko yatahuye ko Amerika yiteguye gukingira umutekano wa Ukraine intambara ni yamara kurangira.

Abajijwe ku kungene ibi bishobora kuba bimeze, yavuze ko ata makuru yihariye abifiseko, ariko yumvikanye asa n'uwuvuga ko ashobora kuronswa ibindi birwanisho, uburyo bwo gukingira ikirere hamwe n'ama-drone.

Amajambo Trump yavuze ku wa kabiri, ko Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) ishobora gutsinda, mu gihe yofatwa mu mugongo n'Ubumwe bwa Bulaya hamwe na OTAN, yagaragaje ko imvugo ihindutse inyuma y'ayo yahora avuga ko bishobora kuba ngombwa ko Ukraine yemera guheba ubutaka kugira ngo amahoro aboneke.

Perezida Trump yavuze ko Uburusiya ari "ingwe y'igipapuro", imaze igihe "irwana ata ntego ifise muri Ukraine".

Mu kwishura kuri aya majambo, umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) Dmitry Peskov yavuze ko ayo ari amajambo y'agakengere adakwiriye ku Burusiya.

Peskov yabwiye abanyamakuru ko Trump asa n'uwavuze aya majambo "afatiye ku mbono ya Zelensky".

Yagize ati: "Iyi mbono iratandukanye cane n'ukungene twebwe tubona ibintu."

Ejo ku wa gatatu, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Marco Rubio yaragiriraniye umubonano na mugenziwe w'Uburusiya Sergei Lavrov, umubonano wa mbere wo ku rwego rwo hejuru ubaye hagati ya Amerika n'Uburusiya kuva igihe Trump yatumira Putin bagahurira muri Alaska mu kwezi guheze.

Nk'uko biri mw'itangazo rito ry'ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire, Rubio yashimangiye akamo ka Trump asaba ko ubwicanyi buhagarara kandi ko Moscou ikeneye gutera intambwe zigaragara kugira ngo intambara hagati y'Uburusiya na Ukraine itorerwe umuti urama.

Kremlin ntiyashotse igira ico ivuga kuri uno mubonano.