'Ubuguzi bw'ubusazi' canke 'amasezerano ya mbere meza muri kahise': Igihe Amerika yagura intara ya Alaska ku Burusiya

Ahavuye isanamu, Hulton Archive/Getty Images
- Umwanditsi, Waleed Badran & Maria Zaccaro
- Igikorwa, BBC World Service
Umubonano w'ejo ku wa gatanu i Alaska hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'Uburusiya mu ntumbero yo kuvugana ukungene intambara yo muri Ukraine yorangira, nta nkeka ko ari kimwe mu bintu bidasanzwe mu bijanye na diporomasiya muri ino myaka mike iheze. Aha hantu hazobera uno mubonano ni ikibanza kidasanzwe kandi muri kahise.
Bitegekanijwe ko Perezida Donald Trump wa Amerika na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya bazohurira ku butaka bwa Amerika ahitwa Anchorage, igisagara ca mbere kinini c'iyi ntara ya Alaska.
Ariko ico womenya ni uko iyo iyi nama iza kubera muri iki kibanza nyene imyaka yababa 150 imbere y'aha, cari kuba ari ubutaka bw'Uburusiya.
Ibi biri uku kubera Alaska – ubu ikaba ari yo ntara ya mbere nini ya Amerika, ifise uburinganire bwababa hafi ica gatanu c'igihugu cose – yigeze kuba yegukira Uburusiya.
Ni ikibanza 'kibereye'
Iyi ntara ya Alaska iri hirya mu buraruko bushira uburengero bw'umugabane wa Amerika, ikaba itandukanijwe n'Uburusiya n'umuhora (Détroit/Strait) wa Bering – upima ibirometero birenga gato 80.
Igihe Perezida Trump yatangaza ko uno mubonano uzobera muri Alaska, umuhanuzi mu biro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya Yuri Ushakov yavuze ko bisa n'uko "bibereye" kubona intumwa z'Uburusiya "zizojabuka gusa umuhora wa Bering, kandi iyi nama ihambaye kandi irindiranywe igishika hagati y'abategetsi b'ibi bihugu bibiri ikazobera muri Alaska".
Ubucuti bwo kuva muri kahise hagati y'Uburusiya na Alaska buhera mu ntango y'imyaka ya 1700, igihe abasangwabutaka bo mu karere ka Siberia bivugwa ko ari ho batanguye kuvuga ku ncuro ya mbere ivy'akarere kanini kari mu buseruko.

Urugendo rwari rurongowe n'umuhinga w'umunya-Danemark yitwa Vitus Bering, mu ntumbero yo kurondera kumenya ivy'aka karere gashasha rwasanze kadafatanye n'ubutaka bw'Uburusiya. Gusa kubera ikirere kibi, uru rugendo ntirwashoboye kurangira neza.
Mu 1741hatunganijwe urundi rugendo, rwari rurongowe na Bering nyene, rworwo rukaba rwagenze neza kuko abari muri rwo bashoboye gushika i musozi.
Haciye hakurikira ingendo zitari nke zifise intego z'ubudandaji, maze igihe batwara ubwoya bw'udukoko two mu mazi tuzwi nka loutres/otters mu Burusiya, vyatumye hatangura urudandaza rukomeye cane rw'ubwoya hagati y'Uburaya, Aziya n'inkengera y'ibahari Pasifike muri Amerika y'Uburaruko.
Hagati aho, mu kinjana ca 19, abadandaza b'ubwoya b'Abongereza n'Abanyamerika barabangamiye cane abadandaza b'Abarusiya.
Igihe ubu bukeba bukomeye bwarangira mu 1824 – Uburusiya bugatera ibikumu ku masezerano atandukanye na Amerika hamwe n'Ubwongereza – izi mbeba/imende zo mu mazi nazo ziri ku mushiro, hamwe n'inkurikizi y'intambara ya Crimea/Crimée ( (1853– 1856), vyatumye Uburusiya bwipfuza kugurisha Alaska kuri Amerika.
Ubuguzi bw''ubusazi'
William Seward yari umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire ico gihe, ni we yarongoye ibiganiro vyo kugura ubu butaka, kandi yongera ashika ku masezerano n'Abarusiya.
Inyuma y'impari nyinshi, inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika zahavuye zemeza amafaranga angana n'imiriyoni 7.2 z'amadorari y'Abanyamerika Seward yari yemeye gutanga, maze ku wa 18 Gitugutu (10) 1867 ibendera rya Amerika riraduzwa mu gisagara ca Sitka cari umugwa mukuru wa Alaska ico gihe.
Mu ntango, abatabona ryiza igura rya Alaska babona ko ata nyungu ubu butaka bwari buzanye baryise "Ubusazi bwa Seward".
Tugereranije ico gihe, izi miriyoni 7.2 z'amadorari zatanzwe na Amerika ubu zorenga gato imiriyoni 100 z'amadorari – igiciro gito cane kuri iyi ntara ya mbere nini ubu ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Kuva mu mpera z'ikinjana ca 19, Alaska yahavuye itangura gutorwamwo inzahabu, igitoro na gaze vyaciye bitangura gutanga inyungu zifadika.
Igikorwa ca Seward caragaragaye ko cazanye inyungu, maze bituma mu 1959, Alaska yemezwa ku mugaragaro nk'intara ya 49 ya Amerika.

Ahavuye isanamu, Hasan Akbas/Anadolu via Getty Images
Nk'isoko rikomeye ry'umutungo kamere, Alaska ifise inzuzi zirenga 12.000 hamwe n'ibiyaga binini bitari bike.
Umugwa mukuru wayo Juneau, ni wo mugwa mukuru wonyene muri Amerika ushikwako hakoreshejwe gusa ubwato canke indege. Ikiyaga Hood kiri ahitwa Anchorage ni kimwe mu bigo bifise ibibuga vy'indege vyo mu mazi, aho indege zababa 200 zihagurukira buri musi.
Perezida Trump na Perezida Putin bazohurira ku kigo Joint Base Elmendorf-Richardson, ikigo ca mbere kinini ca gisirikare muri iyi ntara. Iki kigo, gifise uburinganire bwa hegitare zababa 25.900, ni ngirakamaro cane mu myiteguro ya gisirikare kuri Amerika mu karere ka Arctique.
Ubu si bwo bwa mbere Alaska ifashe ikibanza ca mbere mu bijanye n'imigenderanire ya Amerika. Muri Ntwarante (3) 2021, abari bagize umurwi mushasha wa Perezida Joe Biden wari ujejwe imigenderanire be n'umutekano w'igihugu barahuriye i Anchorage na bagenzi babo b'Ubushinwa.
Nta nsiguro z'uno mubonano zirashirwa ku mugaragaro, ariko Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) ivuga ko ibiganiro vya Alaska bizoba "umwimenyerezo wo kwumviriza" kuri Trump kandi ko uzomuha "inzira nziza y'ukungene ino ntambara yorangira".
Igihe yatangaza uno mubonano mu ndwi iheze, Trump yerekanye ko ino nama ishobora kuzovamwo intambwe nyazo ziganisha ku mahoro.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yaramaze kumenyesha ko amasezerano ayo ari yo yose igihugu ciwe kitazogiramwo uruhara azoba ari "ingingo zipfuye".










