Ukraine: Ni ikosa rinini ku Burusiya kwikura mu masezerano ku birwanisho vya nikleyeri - Biden

Ahavuye isanamu, KANCELARIA PREZYDENTA RP
Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko ingingo y’Uburusiya yo guhagarika amasezerano ya New Start ku birwanisho ruhonyanganda vy’ubumara ari ikosa rinini.
Perezida Vladimir Putin yatangaje iyi ngingo mw’ijambo yashikirije igihugu ciwe ku wa kabiri.
Aya masezerano yateweko igikumu mu 2010 ashinga ibitigiri ntarengwa vy’ibisasu vy’ubumara Amerika n’Uburusiya bitegerezwa gutunga, kandi agaha uburenganzira buri ruhande kugenzura ibirwanisho vy’urundi ruhande.
Biden yavuze aya majambo igihe yabonana n’umurwi w’ibihugu vyo ku ruhande rw’ubuseruko bwa Bulaya bihurikiye muri OTAN/NATO muri Pologne.
Uyu murwi ugizwe n’ibi bihugu bizwi nka Bucharest Nine (mu Kirundi twogereranya na Icenda vya Bucharest) wasubiye kwiyamiriza ushimitse igitero c‘Uburusiya kuri Ukraine kimaze hafi umwaka.
Ingingo ya Putin yo guhagarika uruhara rwiwe muri ano masezerano yaremejwe n’inama nshingamateka na kenguzamateka z’Uburusiya ejo ku wa gatatu.
Ariko ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe imigenderanire bwahavuye buvuga mu nyuma ko Moscou izobandanya kwubahiriza amasezerano ya New Start mu “nzira y’ubwitonzi”.
Umutegetsi mukuru mu gisirikare yabwiye inama nshingamateka y’Uburusiya ko igihugu kizobandanya gikurikiza ivyumvikanyweko ku bijanye n’ikoreshwa ry’ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara – ni ukuvuga ibisasu vya misire n’indege zikoresha ibisasu vy’ubumara.
Mw’ijambo yashikirije imbere y’uko abonana n’abategetsi b’ibihugu bihurikiye muri Bucharest Nine - ibihugu vya OTAN biri ku ruhande rw’ubuseruko bwa Bulaya – Biden yavuze ko guhagarika New Start ari “ikosa rinini”, aca ashimangira ko Amerika izobandanya yubahiriza ivyo yiyemeje muri urwo runani rwa gisirikare.
Avuga ati: "Ingingo ya gatanu ni icemezo cihariye kuri Reta Zunze Ubmwe za Amerika. Tuzokingira buri santimetero ya OTAN”. Ingingo ya gatanu ivuga ko igitero ku gihugu ico ari co cose ca OTAN ari igitero ku bihugu vyose gitegerezwa gutorerwa inyishu rusangi.
Muri iyo nama yabwiye abategetsi bari bakoraniye muri yo ko bari “ku rwasiro rwo kwivunira umwansi hamwe”.
Mw’itangazo rusangi inyuma y’iyi nama uyu murwi w’ibi bihugu wavuze ko wiyemeje kwongereza inguvu za gisirikare za OTAN ku butaka bwavyo.
Uburusiya buvuga ko OTAN – uru runani rugashobora mu misi iza kwakira Suède na Finland nk’ibihugu bishasha vyinjiye muri rwo – ari umwansi ku kubaho kwabwo.
Mw’ijambo yashikirije mw’ikoraniro ryo kwibuka umwaka urangiye w’intambara, Perezida Putin yavuze ko Uburusiya buriko burarwanira “ubutaka bwabwo bwo kuva muri kahise” muri Ukraine.
Ati: "Numvise mu buyobozi bukuru bw'ingabo z'igihugu ko intambara ibandanya muri iki gihe, turwanira ubutaka bwacu bwo kuva muri kahise, turwanira abanyagihugu bacu”.
Imbere y’aho, yarabonanye n’umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigenderanire Wang Yi i Moscou aho yavuze ko ugufashanya hagati y’Uburusiya n’Ubushinwa ari “ngombwa cane kugira ngo habe ituze ku bijanye n’umutekano ku rwego mpuzamakungu”.
Wang avuga ko Ubushinwa bwiteguye gukomeza ubucuti n’Uburusiya, aho mbere yavuze ko imigenderanire hagati y’ibi bihugu idashobora guhungabanywa n’igitsure c’ibindi bihugu.










