US-Ukraine: Biden yagize urugendo rutari rwitezwe i Kyiv

Joe Biden and Volodymyr Zelensky

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Imbere y'uko haba ikiganiro kigenewe abamenyeshamakuru, Joe Biden yicaye araganira na Volodymyr Zelensky avuga ko "ashaka ko bavugana ivyerekeye isi".

Prezida wa Reta zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden yashitse i Kyiv - urugendo rwa mbere agize muri Ukraine kuva Uburusiya buteye ico gihugu haraciye hafi umwaka.

Urwo rugendo rutari rwitezwe rubaye mu gihe yariko araja mu gihugu kibanyi ca Pologne kubonana na prezida Andrzej Duda.

Biden yabonanye na prezida Volodomyr Zelensky ku musi Ukraine yibuka iyicwa ry'abantu 107 bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza reta haraciye imyaka icenda.

Ukraine isanzwe imenyereye kwakira abategetsi bakomeye, ariko uru rugendo rutandukanye n'izindi.

Kuba prezida wa Amerika abonanye n'uwa Ukraine ku mugwa mukuru hagati na hagati mu ntambara iriko irabica bigacika bifise insiguro kandi n'ikimenyetso gikomeye.

Hafi umwaka habaye ibitero bikomeye, ibi ni nk'ubutumwa butaziguye ku Burusiya - ko Amerika n'Uburaya butazohigimanga mu gufasha Ukraine.

Hari habaye ibihuha hakiri kare uyu musi ko hari umushitsi ahambaye yashitse ku mugwa mukuru wa Ukraine; umunye politike Lesia Vasylenko akaba yemeje ko yari Biden.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: BBC ntibazwa ibiva ku zindi mbuga.

Impera ya X ubutumwa

Mu ndwi zike ziheze, Zelensky yaragize urugendo rutari rwitezwe i Washington kubonana na mugenzi we Biden, no gusaba inama nshingamateka ya Amerika gutanga ibindi bigwanisho vyinshi mu gufasha igihugu ciwe mu ntambara yo gusubiza inyuma abarusiya.

Urugendo rwa Biden rwagizwe ibanga kubera ibibazo vy'umutekano, ariko amabarabara menshi mu gisagara ca Kyiv yari yugaye muri kino gitondo, ivyatumye hongerekana ibihuha ko hari ikintu gikomeye gishobora kuza kuba.

Biden arahayagiza 'ubutwari' bw'abanye Ukraine

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Imbere y'uko haba ikiganiro kigenewe abamenyeshamakuru, Joe Biden yicaye araganira na Volodymyr Zelensky avuga ko "ashaka ko bavugana ivyerekeye isi".

Yashimagije kandi abanyagihugu ba Ukraine ku "butwari" bwabo mukugwana n'ubwo ata burambe bafise mu ntambara.

Yagize ati:"Turasubiye gutangarira abanye Ukraine, abanyagihugu basanzwe n'abakozi, batigeze bakora imyimenyerezo ya gisirikare, ariko uko bitavye akamo ko kugwana birenze kure ubutwari kandi isi yose ni ko ibibona."

Mu kiganiro batangiye hamwe ku mboneshakure, bari kumwe na Biden, Zelensky yavuze ko "isi irangwa na demokrasi" itegerezwa " gutsinda iyi ntambara y'akataraboneka."

Zelensky yagize kandi ati:"N'urugendo rukomeye cane muri kahise kose k'imigenderanire ya Amerika na Ukraine.

"Biza gushimangira ivyo tumaze gushikako vyose.

"Uyu musi ivyo twaganiriye vyashitse ku mwumvikano."

Yongeyeko ko, ivyavuye muri uru rugendo ata nkeka ko bizogaragara kandi bizogira n'ico biterereye ku rubuga rw'intambara.

Ingingo ya Amerika yo guha Ukraine ibimodoka vy'intambara bitamenwa vyo mu bwoko bwa Abrams mu ntango y'ukwezi kwa mbere, biza vyaramaze gufasha Ukraine mu kwikingira ibitero, nk'uko Zelensky yabandanije abivuga, yongerako ko we na Biden bavuganye ivyerekeye ibigwanisho birasa kure.

Zelensky yagize ati:"Ndazi ko hazoba ugufatwa mu mugongo kwinshi kuri Ukraine ... kikaba ari ikimenyetso ko ubusotoranyi bw'Uburusiya ata mahirwe bufise.

"Ukraine irabakuriye ubwatsi prezida!"