Russia-Ukraine: Mw'ijambo ku gihugu Putin yerekanye ishaka ryo gukomeza intambara

Ahavuye isanamu, SHUTTERSHOCK
- Umwanditsi, Steve Rosenberg
- Igikorwa, Umwanditsi mukuru, Ikirusiya, BBC
Gukomeza umurindi. Ni ryo jambo risigaye ari intumbero ya Putin.
Kandi vyigaragaje uno munsi.
Uyu murongonzi w’i Kremlin yatangaje ati "Uburusiya burahagaritse kugira uruhara mu masezerano azwi nka New Start", mw’ijambo yashikirije ku gihugu. Nk’uko bisanzwe yegetse amakosa ku bihugu vy’uburengero.
"New Start" niyo masezerano yari asigaye agamije kugabanya igwirirana ry’ibirwanisho ruhonyanganda hagati y’Uburusiya na Amerika. Ashinga igitigiri ntarengwa c’ibirwanisho nk’ivyo, bifiswe n’ivyo bihugu bibiri.
Ariko hari n’ibindi.
Umurongozi w’Uburusiya yatangaje ko yashize umukono kw’itegeko "rishirako ingingo nshasha ngenderwako zijanye n’ingene urugamba ruguma rwiteguriwe".
Yagabishije yuko Uburusiya bwiteguriye gusubira gutangura kugerageza ibirwanisho vya nucleaire.
Prezida Putin yongeyeko ati "Vyumvikane ko atari twebwe tuzotangura. Ariko Amerika niyakora amagerageza na twebwe tuzoyakora".
Umasezerano ya "New Start" yari mu ngorane. Mu kwezi guheze Washington yaragirije Moscow kuba yararenze kuri ayo masezerano mu kwanka kwemera ko haba ibikorwa vy’ubugenduzi ku butaka bwabwo.
Ihagarika rya Moscow ryo kugira uruhara muri ayo masezerano ryakweze ikibazo.
Andrei Kolesnikov wo mu kigo Carnegie Endowment for International Peace yagize ati "Ibi bisa n’ugukangisha ibirwanisho ruhonyanganda, ariko birahambaye cane. Kuko ntidushobora kumenya ingene Putin azokwigenza muri kazoza hamwe n’ikiri mu mutwe wiwe".
Yongeyeko ati "kugira hirindwe intambara ruhonyanganda, ni vyiza kugira urwego rwo gukorera hamwe".
"Urwo rwego ruvuyeko, bica vyigaragaza ko ivyago vy’intambare ruhonyanganda bica vyiyongera".

Ahavuye isanamu, AFP
Turiko turabona umurongozi wa Kremlin ata kwicuza canke kubabazwa no gutera Ukraine afise.
"Igikorwa kidasanzwe" ciwe nticagenze nk’uko yagiteguye, biteza amahano Ukraine, impfu nyinshi z’abasirikare b’Uburusiya bituma Prezida Putin abwirizwa kwinjiza mu gisirikare ibindi bihumbi vy’Abarusiya.
None, igitero kuri Ukraine ryoba ryari ikosa rihambaye? Guharura nabi kutagira uko kungana? Ntuzokwigera wumva Putin yemera na kimwe miro ivyo. Abandanya kuvuga yuko ibihugu vy’uburengero ari vyo nkwezi y’iyi ntambara.
Yagize ati "Nshaka kubisubiramwo. Ni [Uburengero] bo batanguje intambara. Twakoresheje inguvu kandi turiko turakoresha inguvu kugira tubihagarike."
"Ibihugu vy’ibihangane vy’Uburengero ntibinyegeza intego yavyo yo gutsindisha Uburusiya urwenge. Ivyo bisigura iki? Bisigura kuturangiza, ubutakivyura agatwe.
"Bisigura yuko bashaka guhindura intambara y’akarere ikaba intambara y’isi. Uko ni ko tuvyumva neza na neza. Tuzovyitwaramwo mu buryo bikwiranye. Kubera yuko muri ico gihe bisigura uburamuko bw’igihugu cacu."
Prezida Putin yerekanye icizere ko Uburusiya bushobora kurinda ibihano mpuzamakungu – naho Uburengero bushigikiye Ukraine – bikabuviramwo intsinzi. Nta kurekura na gutoyi yigeze avuga. Nta na kimwe cerekana ko yoba ashaka guhosha ibintu.
Bwana Kolesnikov aheraheza agira ati "Yibaza yuko afise ibigega bikwiye kugira abandanye intambara hamwe n’agasomborotso. Ni ikimenyetso kibi".
"Yarahungabanije isano ry'imigenderanire iryo ari ryo ryose n’ibihugu vy’Uburengero. Ntiyiteguriye guheraheza aya amahano ubu bwa vuba. Azobandanya."













