US-amatora 2024: Amareta 7 akunze kubamwo ba 'Mahindagu' mu gutora, ni yo azoca urubanza

    • Umwanditsi, James FitzGerald
    • Igikorwa, BBC News

Miliyoni 240 ni bo bageze gutora muri aya matora yimirije, ariko ni bake muri bo bashobora kuba bamaze guhitamwo uwo bazoha ijwi.

Abahinga baremeza ko ari ama leta make cane amaze kugaragara neza ko ashobora kwegukira Kamala Harris canke Donald Trump, n'ukuvuga azwi neza ko ari ku ruhande rw'aba Demokarate canke rw'aba Repubulikani.

Indwi muri ayo ma leta - Arizona, Georgia, Michigan, Nevada, Carolina ya ruguru, Pennsylvania na Wisconsin - ashobora kuba ari yo afise urupfunguruzo rwo kwinjira ingoro y'umukuru w'igihugu White House.

Rero, muri kino gihe hasigaye amezi make ngo amatora abe, impande zompi ziri mu myiyamamazo zigerageza uko zishoboye kwigarurira ba 'mahindagu' mu mareta arimwo abatarahitamwo uwo bazotora.

Arizona

Aba Demokarate baronse intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu 2020, bashigikiwe na reta ya Grand Canyon, yazanye ubudasa bw'amajwi make cane mu gushigikira umu kandida wabo ubwa mbere kuva mu myaka ya za 90.

Iyi reta ihana urubibe na Mexico, ku kirere ca birometero biharugwa mu majana, aho yabaye ishingiro ry'ibiganiro n'impari zerekeye ikibazo c'abimukira.

Abajabuka baragabanutse cane muri aya mezi ashize, bava ku rugero rwari rwatumye iki kibazo gihakwa kuba umwitwarariko nyamukuru ku batora.

Trump yarakoresheje amajambo ameze nk'ayo 'kugaba ibitero' kuri Madame Harris ku kibazo c'abimukira, kubera yari yahawe umurimo na perezida Joe Biden wo kugerageza kugabanya ubukana bw'ico kibazo co kujabuka ku bwinshi kw'abimukira.

Yiyemeje kandi igikorwa co 'gusubiza iwabo ku gahato' ibitigiri vy'abantu benshi bitari bwaboneke muri kahise ka Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Arizona kandi ni ho habereye impari zikaze ku kibazo c'uburenganzira bwo gukorora inda, inyuma y'aho aba Repubulikani bageragereje gusubizaho itegeko ryari rimaze imyaka 160 ribuza mu gihugu hose gukorora inda ku mpamvu hafi izo arizo zose, ariko bikabananira.

Ico kibazo cabaye igikomeye mu gihugu cose kuva mu 2022, igihe sentare ntahinyuzwa yasubiza ibuti ingingo ikomeye yaha uburenganzira abagore bwo gukorora inda bushingiye kw'ibwirizwanshingiro.

Georgia

Urutonde rw'amaleta arimwo abadashoka bagaragara aho bahagaze mu gutora, bashobora gushigikira umu Demokarate canke umu Repubulikani rurasa gose n'urutonde rw'uturere twatwarwa n'abashigikiye umu Repubulikani Trump bagerageje gutangiriza ko Biden atsinda mu 2020.

Ikirego c'akarere ka Fulton County muri Georgia, cavuga ko kwivanga mu matora, ari kimwe mu vyaha bine vyatumye Trump akurikiranwa n'ubutunange (Trump amaze gutsindwa kuri kimwe muri ivyo birego, izindi manza ziracabandanya)

We n'abandi 18 baregwa kuja inama yo guhindura ivyari vyavuye mu matora aho yari yabuze amajwi make cane ngo atsinze Biden muri iyo leta.

Trump arahakana ko hari amakosa yoba yarakoze, kandi bitera bigaragara ko ata rubanza ruzoshobora gusasa imbere y'amatora.

Ica gatatu c'abanyagihugu baba muri reta ya Georgia ni abakomoka ku birabure b'Abanyamerika, ari naco gice kinini c'abirabure bo muri ico gihugu, kandi vyagaragaye ko uwo muce w'abanyagihugu wagize uruhara runini cane ku kubona Biden yarigaruriye amajwi y'abo muri iyo leta mu 2020.

Vyari vyavuzwe ko hari abari bazerutse mu birabure, ko Biden adashobora gutsinda, ariko muri rino sekeza rya Harris, vyitezwe ko icizere gishobora kugaruka muri ako gace.

Michigan

Leta ya Great Lakes, uwo yahitamwo mu ba kandinda mu kibanza ca perezida ni we yaca atahukana intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu abiri aheruka. N'ubwo bari bashikiye Biden mu 2020, iyo leta yabaye ikimenyetso canke ishingiro ry'abamwiyamiriza ku rwego rw'igihugu cose, ku ngingo yiwe yo gushigikira Israel mu ntambara yo mu karere ka Gaza.

Mu gihe c'amatora y'ibanze muri leta ya Michigan mu kwezi kwa kabiri, abatora barenga 100.000 bashize akamenyetso aherekana ko bahisemwo kuba barabangiriye kugira uwo begurira amajwi yabo (uncommitted) ku ikarata yabo y' itora, bashingiye kw'isekeza ry'abaharanira ko reta ihagarika imfashanyo ya gisirikare igenera Israel.

Biragaragera ko reta ya Michigan ari yo irimwo Abanyamerika benshi b'Abarabu, umuce w'abantu vyari bibangamye kugirango ushobore gushigikira Biden.

Ariko umupfasoni Harris yahagaze mu ruhande rukomeye ku kibazo ca Israel, kandi bamwe mu biyamiriza ibiba mu karere ka Gaza bavuga ko bizeye ko azobatega amatwi.

Trump yaravuze ashimitse ku kamaro k'iyi reta muri runo rugamba rwiwe rwo kurondera instinzi.

Avuga ku bibera mu karere k'uburasirazuba bwo hagati, yahamagariye Israel kurangiza intambara yayo kuri Hamas mu karere ka Gaza, ariko ngo 'barangize vuba'.

Nevada

Iyi leta yahawe agatazirano ka 'Silver State' kubera ubutunzi bw'ibirombe vy'ifeza vyahigeze, yari yashigikiye aba Demokarate mu matora menshi atandukanye yabaye muri kahise, ariko birashoboka ko bahindukirira ku gushigikira uruhande rw'aba Repubulikani.

Ibiharuro ngereranyo biheruka gutangazwa n'ikigo gikurikirana uko abifuza gutora bahagaze, kigaragaza ko hari igihe Trump yarusha Biden kure, ariko uwo mwitangigwa uramaze kugabanuka cane kuva aho Kamala Harris amusubiriye nk' umu kandida mu kibanza c'umukuru w'igihugu.

Aba Demokarate bafise icizere ko umukandida wabo ashika ku mitima y'abakiri bato benshi n'abandi batora batandukanye, ku buryo bishobora kugabanura ubwo budasa.

Abo bakandinda bompi bariko barwanira kwigarurira abantu batari bake bo muri iyo leta bafise inkomoko za Amerika y'amaj'epfo, bazwi nk'aba Latino.

N'ubwo ubutunzi bwa Leta zunze Ubumwe za Amerika bwagaragaje ko buriko buratera imbere, kandi ubuzi bukaba buriko buriyongera kuva Biden agiye ku butegetsi, ukwo kunaguka kwatanguye kugaragara inyuma y'ikiza ca Covid-19 kwagiye buke buke muri leta ya Nevada ugereranije n'ahandi.

Urugero rw'abatagira akazi muri iyo reta rubarizwa muri 5.1 %, ni rwo runini mu gihugu cose, inyuma ya reta ya California na Distrct of Columbia, nk'uko ibiharuro vyegeranijwe n'ikigo ca reta gishinzwe kwegeranya ibiharuro vyifashishwa mw'iteganya n'itunganywa ry'imigambi (statistics).

Hamwe Trump yosubira ku butegetsi kandi, yihaye intego yo kuzogarukana umugambi wo kugabanya amakori ku vyambu vyo ku mbibe, n'uko bicungerwa.

Carolina ya Ruguru

Ibiharuro vy'igendereza biregeranye cane muri leta ya Tar Heel, kuva aho Harris afatiye ikibanza co kwiyamamaza, kw'izina ry'aba Demokarate, bamwe mu bihweza ubintu n'ibindi bakahafata nk'aho ishobora kuvyara inyana canke ishuri (gutomboza / gutera urusenga).

Ibi vyagaragariye kumbure mu guhitamwo kwa Trump kuba ari ho ahera mw'isekeza ryiwe ryo kuja hanze kwiyamamaza, kuva aho ahakiwe kugandagurwa mu kwezi kw'indwi.

"Iyi ni leta nini, nini cane kuyitsindira" uko niko Trump yabwiye isinzi ryari aho.

Ku ruhande rwabo, aba Demokarate bafashe ingingo yo guha urubuga bulamatari w' iyo leta, Roy Cooper, ku mugoroba wa nyuma w'ikoraniro ryabo.

Carolina ya ruguru ihana urubibe na Georgia, ikaba kandi isangiye ibibazo n'iyo leta ku bijanye n'amatora, kumwe n'abo muri leta ya Arizona, iyindi leta iri mu gitigiri c' izigize akarere bita Sun Belt (kubera ikirere caho kirimwo akazuba n'akayaga gasusurutse)

Trump yarigaruriye Caroline ya ruguru mu 2020, ariko na ho nyene yahatwaye asumbije aba Demokarate amajwi atarenga 70.000, ibituma bibaza ko iyi leta yitiriwe ibara ry'ishurwe ry'umuconge (purple) (bafatiye kuko ishobora kuja mw'ibara ritukura mu gutora aba Repubulikani canke mu ibara ry'ubururu mu kwigarurirwa n'aba Demokarate) bashobora kuryigarurira uyu mwaka.

Pennsylvania

Impande zompi zikomeza kwiyamamaza ubudahumeka muri leta ya Keystone, aho Donald Trump yarokokeye urusasu rwahatswe kumuhitana.

Iyi leta na yo nyene yariyerekanye ko guhitamwo kwayo guhindagurika mu 2020, aho bashigikiye Biden.

Afitaniye imigenderanire ya hafi n'abo mu miryango y'abakozi basanzwe bo mu gisagara ca Scranton, aho yakuriye.

Ubutunzi muri ako karere n'ikibazo gikomeye, kimwe no mu bindi bibanza vyinshi.

Ibiciro vyaraduze cane hirya no hino mu gihugu, ku butegetsi bwa Biden, imbere yo kwongera kumanuka buke buke.

Si ababa muri Pennsylvania bonyene mu Banyamerika bumva ko ubuzima busigaye buzimvye, kubera iduga ry'ibiciro.

Ariko igiciro c'ibifungurwa carihuse kuduga muri leta yabo kuruta ahandi hose, nk'uko bitangazwa n'ikigo Datasembly cerekana ibiharuro bijanye n'uko isoko ryifashe.

BBC yaheruka gutangaza inkuru yerekana uko abantu vyabagoye guhangana n' ubuzima muri Erie, akarere gafatwa nk'urufatiro rw' ibibera muri Pennsylvania, aho abantu bagera kuri 1/8 bafatwa nk'ababangamiwe no kutabona ibifungurwa mu buryo bwuzuye.

Iduga ry'ibiciro rishobora kuba ikibazo ku mupfasoni Harris hirya no hino mu gihugu, kubera rituma abazotora batabona neza ibi bihe ubutunzi butifashe neza.

Trump yagerageje kumufatira aho nyene, kuri ico kibazo c'ubutunzi butifashe neza ku butegetsi bwa Biden.

Wisconsin

Leta ya Badger na yo nyene yatoye uwatahukanye intsinzi mu 2016 na 2020, ku budasa bw'amajwi make cane arenga gato 20.000 ivyo bihe vyompi.

Abahinga bavuga ko ari muri bene aya ma reta atari muri izo mpande zompi nk'iyi ya Wiscionsin, kwiyamamaza kw'abakandida bandi bariko bamamaza kubuza abantu guha amajwi abo bakandida babiri bakomakomeye, gushobora kugira ingaruka.

Ibiharuro bigendereza uko abantu bashobora gutora, vyerekana ko abatari bake bashigikiye umukandida yigenga Robert F Kennedy, ibi bigashobora kubangamira amajwi yagereranywa ko ashobora kwegukira umupfasoni Harris canke Trump.

Aba Demokarate barwaniye kuva kera ko umu kandida w'umugambwe Green Party Jill Stein akurwa ku rutonde rw'abari kw'ikarata y'itora muri iyi leta, aho bavuga ko uwo mugambwe utakurikije amategeko agenga amatora muri iyo leta, ndetse banatanze n'ikirego kuri Cornel West yanonosoye /umuhinga mu nyigishi zegamiye ku vyiyumviro vy'ibubanfu.

Trump yavuze ko iyi ari reta "ihambaye cane'...turamutse dutsinze Wisconsin, twoba dustinze vyose. " Ikoraniro kaminuza ry'aba Republicains ku rwego rw'igihugu ryabereye muri Milwauklee .

Umupfasoni Harris na we yari kwiyamamaza muri uwo muji nyene igihe umugambwe wiwe wamugena ku mugaragaro nk'umukandida w'aba Demokarate ku mwanya w'umukuru w'igihugu, aho yagaragaye ikibiriraho, hakoreshejwe itumatumanako.