'Abakuru b'interahamwe bari abagenzi...sinishe ahubwo narakijije abantu' - Nkunduwimye asozera imburano ziwe

    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umumenyeshamakuru ari i Bruxelles

Urubanza rwa Emmanuel Nkunduwimye batazira Bomboko, umunyarwanda w’imyaka 65 yagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda yo mu 1994 rwasozerewe mu Bubiligi.

Urwo rubanza rwari rumaze ikiringo kirenga ukwezi rubera muri sentare ica imanza zikomeye z’ivyaha i Buruseli mu Bubiligi (cour d’assise).

Rwasozerewe sentare iha uwuregwa, Emmanuel Nkunduwimye, ijambo, aho yahakanye yivuye inyuma ivyo yagirizwa vyose.

Mu gihe intahe yari itegekanijwe gutangura isaha zitatu zo mu gatondo, Emmanuel Nkunduwimye yahashitse imbere y’iminota 30 yambaye ishati yera itagira karuvati hamwe n'ikoti ya karokaro y'ibara rya kaki.

Uretse umuhungu wiwe yaje kumushigikira avuye mu Rwanda, Bomboko kandi yaje aherekejwe n’umugore wiwe n’abaryango biwe batari bake.

Iyo ntahe yo kuri uyu wa mbere itarengeje isaha imwe yari yitabwe kandi n’abatari bake bagizwe n’imiryango y’abacikacumu ba jenoside yo mu Rwanda hamwe na bamwe mu bahinga mu mateka y'akarere k’ibiyaga binini.

Isaha zitatu n'iminota 5 ni ho umukuru w'intahe yugurura intahe abwira ababuranyi ko ari umunsi wa nyuma w’urwo rubanza.

Yabajije uwagirizwa ivyaha ko ata jambo rya nyuma afise inyuma y’iminsi irenga 25 yumviriza imburano .

Emmanuel Nkunduwimye, mw’ijwi riri hasi yikirije avuga ''''egooo ndafise akajambo ka nyuma mbwira abazoca urubanza''.

Ni ko gusohora urupapuro yari afise mu mufuko asoma amajambo yari mu gifaransa agira ati: ''N’ukuri ndemera ko habaye jenoside yakorewe abatutsi mu Rwanda kandi birababaje.

"Ndanahojeje imiryango yabuze ababo, ariko jewe nta ruhara nayigizemwo.

"Ico nemera n'uko Georges Rutaganda, yari icegera ca kabiri c’umukuru w'Interahamwe, na Jean Marie Vianney Mudahinyuka batazira Zuzu, umwe mu bategetsi b’Interahamwe, bari abagenzi kandi bankijije, banakiza n’umuryango wanje.

"Ubugenzi twari dufitaniye bwatumye mpungisha umuryango wanje, mfasha no kurokora abandi bantu benshi mu gihe ca jenoside.''

Emmanuel Nkunduwimye yavuze kandi ko abavuze ko yakoze jenoside ari abamwitiranije n’abo bagendana.

Yagize ati: ''Birashika umuntu akabona abo muri kumwe agaca akwitiranya na bo.

"Ivyabaye, hari abambonye mu kibanza kitari co mu gihe kitari co [être au mauvais endroit, au mauvais moment] , ni co gituma baciye bibaza ko ndi mu bishe.

"Si vyo na gato ahubwo narakijije abantu''.

Inyuma yo kwumviriza uwuregwa, umukuru w'intahe yaciye asozera imburano, avuga ko inyankamugayo zatoranijwe ngo zice urwo rubanza n’abagize sentare bagiye mu mwiherero kugira baruce.

Ariko ntiyashimye kuvuga igihe uwo mwiherero uzomara, ashima kumenyesha ko nibaheza kuruca bazohamagara ku ma terefone abunganira ababuranyi.

Emmanuel Nkunduwimye batazira Bomboko -asanzwe afise ubwenegihugu bubiri, ubwo Urwanda n’ubwo Ububiligi- kuva urubanza rutangura aburana ahakana icaha.

Inyuma y’urubanza, yaciye ataha yihuta akaba yanse no kuvugisha abamenyeshamakuru bari bamurindiriye.