Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abakuru b'Interahamwe bari somambike ariko we ngo ntiyishe -Nkunduwimye
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru ari i Bruxelles
Urubanza rwa Emmanuel Nkunduwimye batazira Bomboko, yagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda mu 1994 rwabadanije ku munsi ugira kabiri muri sentare y’abanyagihugu ica imanza z’ivyaha bikomeye i Bruxelles mu Bubiligi.
Mu ntahe y’icese yo ku wa kabiri abacamanza batatu n’inyanakamugayo zibafasha guca urwo rubanza bacaniriye ibibazo uwo mugabo w’imyaka 65 ku ruhara rwiwe muri genocide na burya yiyemerera ko abakuru b’interahamwe zamaze abantu bari abagenzi biwe.
Umucamanza yatanguye abaza Emmanuel Nkunduwimye ubwoko bwiwe n’umugambwe yarimwo,yishuye agira ati :
Yishura ati: ''Maman ni umututsikazi hama Data ni umuhutu, urumva ko mfise ubwoko bwompi, ariko kubera mu Rwanda kuva kera umuntu yatwara ubwoko bwa se nakuze nitwa umuhutu.''
Ku bijanye n’umugambwe yavuze ko yari ashigikiye MDR wa Faustin Twagiramungu naho yemeza ko atigeze awinjiramwo, ivyo ngo akaba yabiterwa n’uko atemera intangondwa za MRND.
Umucamanaza ntiyashizwe. Yamubajije nimba hari abategetsi b’Interahamwe bari bazinanye, ivyo Nkunduwimye adahakana.
Yavuze ko yari abazi neza, ko benshi bari abagenzi biwe uhereye kuri Robert Kajuga yatwara interahamwe na Georges Rutaganda yari icegera ca kabiri c’umukuru w’interahamwe. Uwo wewe avuga ko yari somambike kuko bari bazinanye kuva mu myaka ya 1980. N'inzu Amagar Nkunduwimye yakoreramwo yavuze ko yari iya se wa Rutaganda, ari nawe yakurikirana ivyayo.
Yavuze ko na Mudahinduka Jean Marie -batazira Zuzu - yari ajejwe urwaruka mu nterahamwe we bari basangiye imitahe na garaje.
Umukuru wa sentare yabandanije amubaza nimba azi ko abo bakuru b'Interahamwe bishe Abatutsi n'uko batoba barakoranye.
Yishuye yemeza ko azi ko bishe ariko avuga ko we muri ubwo bwicanyi bamukoresha nk’umushoferi.
Nkunduwimye yerekanye ko azi vyinshi cane mu vyabaye ico gihe.
Yavuze ko Rutaganda yamuha interahamwe zimuherekeza kuja kuzana Abatutsi yahungishiriza muri mw’ihoteri Milles collines yatwarwa na Rusesabagina. Uwo ari mu bazoza kuva ivyabona muri urwo rubanza.
Ico Nkunduwimye yavuze ko atazi n’uko abo Batutsi boba bahungishwa babanje gusabwa amafaranga.
Nkunduwimye yavuze ko we atigeze yica ariko ko yagumye ari umugenzi w’abantu nka Rutaganda kuko yamukirije umuryango, na cane cane ko umugore wiwe yari mushiki w’umugwizatunga yari azwi ko afasha FPR.
Yasiguye uko yahunze mu kwezi kwa gatanu agashika muri Congo atwaye ikamyo yuzuye ivyo kurya n’interahamwe, ariko aho hose avuga ko ata muntu yigeze arya n'urwara.
Urubanza ruzobanadanya ku munsi wa gatatu Nkunduwimye yishura ku bibazo vy’abashingwamanza bo kumpande zose harimwo n’umushikirizamanza.