Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Jenoside - Rwanda: Yari anyegeye, ariko yahavuye afatwa mu Bubiligi – ni Stanislas Mbonampeka
- Umwanditsi, Na Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru ari i Bruxelles
Ubutungane bw’Ububiligi bwemeza ko bwahagaritse Stanislas Mbonampeka, Umunyarwanda w’imyaka 82 yahoze ari umushikiranganji w’ubutungane mu Rwanda yagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu 1994.
Parike nkuru y’Ububiligi yemeje inkuru yavugwa mu ntamatama ko Mbonampeka yahoze ari umushikiranganji w’ubutungane yafatiwe muri ico gihugu.
Ku mugoroba w’ejo ku wa kane, umutegetsi muri biro vy’umushikirazamanza kizigenza w’Ububiligi yatangaje ko ku wa 24 Ntwarante (3) 2024, “ubutungane bw’Ububiligi bubicishije ku gipolisi c’iki gihugu bwahagaritse i Buruseli, Umunyarwanda w’imyaka 82 azwi kw’izina rya Stanislas Mbonampeka yahoze ari umushikiranganji w’ubutungane mu Rwanda yari amaze imyaka aronderwa ku vyaha vya jenoside yoba yarakoze mu 1994”.
Uwo mutegetsi yemeje ko inyuma y’isuzuma ryimbitse ry’umwidondoro wiwe basanze koko uwafashwe ari Mbonampeka.
Avuga ati: “Naho yagiye arahindagurika kubera haciye imyaka myinshi, ubuhinga bw’igipolisi cacu n’ubutungane vyaragaraje ko uwo turondera ari we, ni na co gituma twemeza neza ko uwahagaritwe ari Stanislas Mbonampeka.
“Yari amaze igihe asa n’uwari anyegeye abifashijwemwo na bamwe mu bamwegereye”.
Abajijwe igihe azorengukishirizwa imbere y’ubutungane, yishuye ko muri uno mwanya ari mu miwe y’ubutungane kandi ko abajejwe amatohoza bahawe ukwezi kwose ngo begeranye ibirego, mu nyuma azoheze arungikwe imbere y’ubutungane.
Uno mutegetsi wo muri parike avuga ati: “Mbonampeka aronderwa kuva kera n’ubutungane mpuzamakungu yagirizwa ivyaha bifitaniye isano na jenoside yo mu 1994 mu Rwanda aho yagirizwa uruhara mu bwicanyi bw’ikivunga bwahitanye abashika ibihumbi 21 ku bitaro vy’abagendana ingwara zo mu mutwe vy' i Ndera ku mugwa mukuru Kigali.
“Yagirizwa kugomora interahamwe n’abari abasirikare b’ico gihe kwica abari bahahungiye, inyuma yaho ku wa 17 Ndamukiza (4) 1994 bamwe mubahakora bafise ubwenegihugu bw’Ububiligi bahakuwe n’abasirikare b’iki gihugu bari mu butumwa bw’amahoro kuko hari hitezwe igitero gikomeye cashobora kurigita abari bahahungiye”.
Avuga ko ivyo bitaro vyahavuye biterwa maze abari bahahungiye bararobanurwa hanyuma Abatutsi baricwa kw’itegeko rya Mbonampeka.
Stanislas Mbonampeka yahoze ari intwanzangabo mu gisirikare c’Urwanda gushika mu 1978 aho yagisezera aca abandanya amashure ya kaminuza mu gisata c’amategeko, mu nyuma akaba yarabaye umushingwamanza mu Rwanda.
Aho haziye intwaro ishingiye ku migambwe myinshi, Mbonampeka yagiye mu mugambwe PL (Parti Libéral), aho yanabaye icegera c’umukuru w’uyo mugambwe, hanyuma agahava agenwa nk’umushikiranganji w’ubutungane mu 1992.
Mu gihe vyitezwe ko ku wa mbere igenekerezo rya 08 Ndamukiza 2024 hazotangura urubanza rwa Emmanuel Nkunduwimye, Umunyarawanda w’imyaka 65 yagirizwa ivyaha vya jenoside, umutegetsi mu biro vy’umushikirizamanza yemeza ko n’abandi barenga 40 bariko bakorerwa ama dosiye.