Abunganira E.Nkunduwimye urubanza barugize urubuga rwo kunegura Urwanda

    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umumenyeshamakuru ari i Bruxelles

Abunganira Emmanuel Nkunduwimye batazira yagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu 1994 bavuga ko urubanza rwiwe ari urwo inzigo kuko ataco yagira ahubwo ari irementanya akorerwa n’ubutegetsi bw’Urwanda.

Muri urwo rubanza rubera mu Bubiligi muri sentare y‘abanyagihugu ica imanza zikomeye z’ivyaha, abunganira Emmanuel Nkunduwimye batazira Bomboko bahawe ijambo rya nyuma ryo gusozera imburano zabo, bavuga ko ibiri muri urwo rubanza biteye isoni.

Bemeza ko bigaragara ko vyateguwe n’ubutungane bw’Urwanda bavuga ko buzwi cane mu buhinga mu kwegeranya ivyagirizi vy’ibinyoma no guhatira abantu kwagiriza abandi babanje kubaboreza igufa, abandi bakabategeka kwagiriza Abahutu bakurikiranwa mu vyaha vya jenoside .

Maitre Dimitri de Beco, umwe mubaburanira Emmanuel Nkunduwimye, avuga ko uretse ko Nkunduwimye abesherwa ubutungane bw’Urwanda buhengamye ku manza za jenoside.

Uwo mushinrwamanza yatanze akarorero k’icegeranyo c’ishirahamwe Human Rights Watch co mu 2018 cerekanye ko ubutungane bw’urwanda ari abahinga mu binyoma, mu kuboreza igufa abantu no guca imanza za ngondangonde

Yagize ati: ''Kumbure mwebwe muzoca urubanza ntimuzi Urwanda, ariko nagira ndababwire ko abaje kwagiriza Bomboko benshi bavuye mu Rwanda. Nagira ndababwire ko muri ico gihugu ubutungane bugoyagoya, abantu bategekwa ivyo bavuga, abanse bagapfungwa, abndi bakigirirwa nabi.

Yabandanije avuga ati ''nabo mwabonye ngaha benshi barategetswe ivyo bavuze kugira bacungure agatwe.

''Iyo hageze ivy’imanaza za jenoside hoho ni ibara muritonda, nta burenganzira bwa muntu buhaba.''

Dimitri Beco yavuze ko uwo yunganira uretse ko yakijije abantu muri jenoside mu kubahungisha muri Hotel des Milles Collines ata muntu yishe n’abari bemeye kuza kuvyemeza batewe ubwoba.

Yagize ati: ''Ntimuzi uko bibabaje kubona abantu bari kuza kubera ivyabona Bomboko baratewe ubwoba, yakijije benshi bakiriho mu Rwanda harimwo n’imiryango y’abategetsi b’uno munsi mu Rwanda.

''Mugabo ku munota wa nyuma abari kuvyemeza barabivuyemwo, kubera batewe ubwoba, abandi babwirwa ko bazokwicwa, nimwumve namwe uburemere bw’ivyo bintu.''

Dimitri de Beco yasavye anazoca urwo rubanza ko borya umutima amenyo yemeza ko umuntu amaze kwagirizwa jenoside mu Rwanda bamucafuza, bakamwambika ibara, bakamusibanganya kugira bumvishe abandi ko ari umuntu mubi.

Yasavye ko yokwambikwa izera mu kwemeza ko ''uyu mugabo Bomboko ni intore, yabanye neza n’abantu kuva mu buto bwiwe,'' avuga ko muri sentare atawigeze avuga ko yamubonye ariko arica.

Mu rubanza rwo kuri uno wa gatatu Emmanuel Nkunduwimye yari muri sentare aho yaherekejwe n’abo mu muryango wiwe bakuranwa kuza kumushigikira kuva urwo rubanza rugitangura.

Abandi bitavye urwo rubanza ni abaserukira imiryango y’abacikacumu .

Emmanuel Nkunduwimye w’imyaka 65 afise ubwenegihugu bubiri bw’Urwanda n’Ububiligi, aburana ahakana ivyaha.

Ku munsi wa mbere w'indwi iza itariki zitatu z’ukwezi kwa gatandatu azohabwa ijambo rya nyuma urubanza ruce rusozerwa ruce ruja mu mwihorero aho ibizoruvamwo bizomenyekana inyuma y’amasaha 24.