Burkina Faso yiteguriye gushingura bushasha Sankara

Ahavuye isanamu, Getty Images
Reta ya gisirikare ya Burkina Faso iritegurira gusubira gushingura ibisigarira vy'uwahoze ari prezida Thomas Sankara kuri uyu wa kane n'aho umuryango wiwe wanse kwitaba ico gikorwa.
Ivyo birori vyo mw'ibanga biza kubera aho Sankara yarasiwe ari kumwe n'abandi 12 mw'itembagazwa ry'ubutegetsi rya gisirikare mu 1987.
Umuryango wiwe uvuga ko ushobora kutitaba ivyo birori kubera ko udashimishwa n'ico kibanza, ariko reta ivuga ko iyo ngingo yafashwe hishimikijwe amategeko agenga "imibano n'akaranga, umutekano hamwe n'inyungu z'igihugu".
Sankara aracari intwari kuri benshi ku mugabane wa Afrika kubera aho yari ahagaze ku kwiganza kw'ibihugu ku bindi bihugu hamwe no kuba mu buzima busanzwe.
Sankara yashitse ku butegetsi mu 1983 aca yicwa inyuma y'imyaka ine afise imyaka 37 mw'itembagazwa ry'ubutegetsi ryagizwe n'incuti yiwe magara Blaise Compaore.
Compaore yaciye arongora igihugu mu kiringo c'imyaka 27 imbere y'uko akurwa ku butegetsi mu 2014 inyuma y'imyiyerekano y'urutavanako y'abanyagihugu.
Yaciriwe urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose adahari mu 2022 kubera urupfu rwa Sankara.






