‘Ntivyoroshe guhuza Abakongomani, Abanyarwanda n’Abarundi’ mu Bubirigi, ariko imvyino zabishoboye

Abatamba

Ahavuye isanamu, BBC/Alain Majesté BARENGA

Insiguro y'isanamu, Abarundi, Abanyarwanda n’Abakongomani baba mu Bubirigi barashogoye guhuwa n'intambo ndangakaranga z'ibihugu vyabo
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umunyamakuru ari i Bruxelles

“Jewe ndazi ko hariya iwacu bokurikiza ivyo mbonye ngaha, nta ntambara yosubira kuko, kuko nimba hari abatarabana ryiza ni Abarundi, Abakongomani, n’Abanyarwanda baba mu Bubiligi: iki ni ikimenyetso ko amahoro arama ashoboka iwacu”.

Bivugwa na Muserebanyi Cyprien, umuganga w’Umurundi akorera mu Bubiligi, inyuma yo kwitabira igiteramo c’umuziki, intambo n’imvyino kama vy’Abarundi, Abanyarwanda n’Abakongomani baba mu Bubirigi, igikorwa catangujwe n’ishirahamwe Ubuntu International.

Agira ati: “Jewe ni ukuri sinari nzi ko nzopfa mbonye ko Abakongomani, Abanyarwanda n’Abarundi boja hamwe bakayaga ingorane zibahanze n’ibibazo bibatandukanya, ariko Ubuntu International yarabitweretse.

"Jewe naje nk’uwufyinata nsanga Abakongomani, Abanyarwanda hamwe n’Abarundi bafatanye amaboko, Abahutu, Abatutsi n'abava mu yandi moko ya Congo.

Muserebanyi Cyprien

Ahavuye isanamu, BBC/Alain Majesté BARENGA

Insiguro y'isanamu, Muserebanyi Cyprien ni umuganga w’Umurundi akorera mu Bubirigi, na we aritabira ibi biteramo vyama biba buri ku ndwi

“Baratamba inkungugu igatuma, mu nyuma bakaja hamwe bakayaga ku vyokorwa kugira ngo haboneke umuti w’indyane zirangwa mu karere kacu, barashoboye aho abategetsi bacu bananiwe”.

Ishirahamwe Ubuntu international - rigizwe n’Abarundi, Abanyarwanda, n’Abacongomani- ryatangujwe rifise intego yo guhuza, biciye mu karanga kabo, abamuka mu karere k’ibiyaga binini karangwamwo indyane, mu ntumbero yo gufasha mu kugarukana umwizero n’amahoro mu karere.

Aba Barundi, Abanyarwanda n’Abakongomani bahurikiye mw’ishirahamwe Ubuntu International bama bahura ku wa gatandatu wa buri ndwi mu giteramo cugururiwe bose, bagatambira hamwe bakanavyinira hamwe imvyino ndangakaranga z’ibihugu vyabo.

Aho bakunze guteramira mu gisagara ca Ottignies-Louvain-la-Neuve kiri hagati na hagati mu Bubirigi, biranagoye gutandukanya ubwenegihugu bw’umwe umwe.

Iyo hageze umudiho wa Rumba wa Republika ya Demokarasi ya Congo (RD Congo), bose batambira mu kivunga, hagera imvyino z’ikirundi n’ikinyarwanda bikagenda uko nyene. Ntawuba azi uwundi kandi bose ntawuba asangiye ubwenegihugu n’uwundi.

Abarorerezi

Ahavuye isanamu, BBC/Alain Majesté BARENGA

Insiguro y'isanamu, Abitabira ivyo biteramo barashima ko vyatumye bashira hamwe

Abitabira ivyo biteramo barashima ko vyatumye banywana, bibagira ibibatandukanya, bakayaga ku bibazo biri mu karere bamukamwo n’umuti bobitorera.

Ndushabandi Eric, ni Umunyarwanda yigisha ivyigwa vya politike ku makamuninuza mu Bubirigi, nawe nyene yitabira ivyo biteramo. Ku bwiwe, uno mugambi ni umuti nyawo ku bibazo biri mu karere.

Ati: “Harya ubiravye, umuziki, gutamba no kuvyina bifise inguvu zirengeye ibihugu, kuko bituma abinubana baja hamwe bagatamba, bakibagira ibibatandukanya.

"Ngaha dutambira hamwe tukamenyana, tugasangira. Kubera twatambiye hamwe duca tuyaga ata kurya umunwa, umwe wese akavuga akamubakiye hanyuma tukaronderera hamwe umuti”.

Ku bwa Ndushabandi Eric, umuziki, gutamba no kuvyina bifise inguvu zirengeye ibihugu

Ahavuye isanamu, BBC/Alain Majesté BARENGA

Insiguro y'isanamu, Ku bwa Ndushabandi Eric, umuziki, gutamba no kuvyina bifise inguvu zirengeye ibihugu

Ndushabandi avuga ko iki gikorwa catumye havaho ukwinubana, hakomera urukundo kubera intambo n’imvyino, vyatumye banywana bahujwe n’ibikorwa vy’akaranga.

Ati: “Rero mu gihe abategetsi hariya iwacu boza bakaturabirako, intambara zohera, eka mbere n’abanyagihugu bobona ko ataco bapfa. Naho ibiganiro bicumbagira, mu gihe boza bakaraba ingene dushize hamwe n'ingene tuganira, ntacobuza ko tunywana tugasezera intambara”.

Christian Chiza ni Umunyekongo yamuka muri Kivu y’Epfo, avuga ko ivyo Ubuntu International yashitseko mu guhuza abamuka mu karere k’ibiyaga binini hakoreshejwe imvyino n’intambo arı imbonekarimwe.

Ati: “Si ikintu coroshe guhuza Abakongomani, Abanyarwanda n’Abarundi mu gikorwa icari co cose. Ariko ushitse aho bose batambira hamwe indirimbo n’imvyino zabo si ikintu gisanzwe.

“Twebwe ubwacu twaragize urunani rwo kurwanira amahoro, kandi turabishikako vuba ata mbunda dukoresheje”.

Christian Chiza avuga ko urunani rwabo vuba rushika ku mahoro "ata mbunda dukoresheje"

Ahavuye isanamu, BBC/Alain Majesté BARENGA

Insiguro y'isanamu, Christian Chiza avuga ko urunani rwabo vuba rushika ku mahoro "ata mbunda dukoresheje"

Ildephonse Ngarigari, umukurambere w’Umurundi na we nyene aba mu Bubiligi, ashimangira ko iyi nzira iri mu za mbere zishobora gushikana ku mahoro arama mu karere k’ibiyaga binini.

Ati: “Ni ukuri imvyino n’intambo vyaratumye abatase badafatana mu mazosi, kuko bijana n’ibiyago. Harya nta gihugu na kimwe kidafise amoko y’abantu, ariko ikintu nyamukuru ni uko ayo moko yose ashira hamwe mu bihugu vyacu, agafatana mu nda, akabana mu mahoro”.

“Ubu rero, umugambi ni ukubahuza biciye mu mvyino n'umuziki nkuko twabitanguye, kandi turizeye ko bizozana amahoro arama”.

Ildephonse Ngarigari abona ko umugambi batanguje wo guhuza abamuka mu karere k'ibiyaga binini uzoshika ku mahoro arama

Ahavuye isanamu, BBC/Alain Majesté BARENGA

Insiguro y'isanamu, Ildephonse Ngarigari abona ko umugambi batanguje wo guhuza abamuka mu karere k'ibiyaga binini uzoshika ku mahoro arama

Eka n’abakiri bato bitabira ivyo biteramo bavuga ko bibashimisha kuko ariyo nzira babona yonyene yotsimbataza amahoro.

Aurore Icitegetse, umwigeme w’imyaka 21 arishimira iki gikorwa, akabona ko kirenze ukwemera.

Ati: “Aha iyo turiko turatamba ntawumenya iyo uwundi ava, twese tuba turi umwe, n’ibidutanya biravaho. Biraryoshe ubonye n’abavyeyi bakuze ejo haheze batahana yambu ariko ubu bakaba basigaye bicarana bagasangira, ni ikimenyetso ko ejo ari heza mu karere k’ibiyaga binini”.

Urwaruka rwitabira ibi biteramo ruvuga ko vyatumye abahora barabana urunuka ubu banama rimwe

Ahavuye isanamu, BBC/Alain Majesté BARENGA

Insiguro y'isanamu, Urwaruka rwitabira ibi biteramo ruvuga ko vyatumye abahora barabana ribi ubu banama rimwe

Ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu Fondation Roi Baudouin ryo mu Bubiligi ryerekana ko abarenga ibihumbi 100 bamuka mu bihugu vya RD Congo, Urwanda n’Uburundi baba mu Bubiligi.

Ubuntu International uno munsi rifise abanywanyi barenga 250 bava muri ivyo bihugu, n’abandi amajana basavye kwinjira bataremererwa.

Abarirongoye bavuga ko bagiye kubandandaniriza ibikorwa vyabo mu karere k’ibiyaga binini kugira banywanishe abadacana uwaka.

Bazobicisha mu muziki, intambo, imvyino n’ibiganiro mu ntumbero yo gutuza imvugo zibiba urwanko n’intambara z’urutavanako.