Umurundikazi yorora akanabaga ibitungwa mu Bubirigi - "Inyama zanje ntiziribwa gusa ahubwo ziranahuza"

- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru mu Bubirigi
Merida Nyabenda ni umurundikazi w’imyaka 61 aba mu Bubiligi kuva mu 1987. Uwo mupfasoni naho agaragara nk'uwukuze mu myaka umuravye mu maso, ibikorwa vy’inguvu akora biruta kure ivyoshobora abari munsi y'imyaka yiwe.
Merida Nyabenda ni umworozi wa kijambere, akaba umuyangayanga akongera akaba akora akazi ko kwotsa inyama.
Uwo mugore yahoze akora akazi k’ubukarani (secrétaire) mu bitaro bikomeye mu Bubiligi, ariko inyuma y’imyaka cumi yaciye akikuramwo atangura umwuga w’ukworora no kuyanga inyama. Ico gihe benshi bamufashe nk’umusazi.
Agira ati: “Babonye ngiye kwiga ivyo kubaga intungwa no kuzidandaza bibajije ko nsaze. Ariko umugabo wanje yaranshigikiye mbona kubandanya.
“Ubu turafise uruhongore rukomeye rurimwo impene nyinshi n’intama, kandi naruguruje amacuniro yanje n’inzu idandaza inyama nise Saveur d’Afrique, aho abantu bo mu mihingo yose baza kugura inyama. Sinonabaharura ni benshi gose.”

Usanze uwo mugore aho akorera uratangara, kuko ataruhuka mu kwikorera ibitungwa bibaze yambaye itabuliya (tablier) ijejeta amaraso.
Nyabenda Merida kenshi aba ari hagati y’abakozi biwe afise ikibugita kinini mu kuboko kw’iburyo akeba inyama yongera azipima, yakira n’abaje kugura inyama.
Nta karuhuko agira kuko telefone yiwe ntigira agahengwe mu gihe aguma yitaba abakeneye inyama abashira ku muhana iwabo.
Merida agira ati: “Ndarengerwa na jewe kuko barakunda inyama zanje, kuko n’inyama zifise akanovera zitarimwo ubumara bita produits chimiques.
“Nyinshi ndazikura mu ruhongore iwanje, izindi aborozi nkanje barazinzanira nkasuzuma ko zujujuje ubuziranenge. Ni naco gituma abantu basitana kuza kugurira iwanje.”
Uwo mukamakare yemeza ko inyama ziwe zigurwa n’abavuye henshi ku mugabane wa Bulaya.

Ati: “Jewe nko ku minsi mikuru irangiza umwaka nko muri Kigarama kuri Noheri canke ubunani hari aho ngurisha intungwa zirenga amajana atanu (500).
“Ni co kimwe n’iyo abava mw’idini rya Islamu bagize iminsi mikuru bavuye mu mafungo. Hari aho banshorera intama zirenga 500, nayo abanshorera bava hose.
“Hari abava muri Hollande, mu Bufaransa mu Budagi; hari aho baba benshi hanyuma nkazipakira imodoka yanje ikanyisha inyama bita camionnette frigorifique, kandi ni jewe ndayitwarira nkaheza nkabashira tugahurira i Buruseli ku murwa mukuru bakazitwara mu bihugu baje bavamwo”.
Nyabenda Merida ni bitumwako mu kwotsa inyama aho yanuguruje n’ikirabo gikomeye mu gisagara ca Charleroi, ku birometero 60 uvuye ku murwa mukuru i Buruseli.

Muri ico kirabo niho agorobereza avuye kuyanga inyama; ahasanga isinzi ry’abantu bakinje bamurindiriye ngo abokereze akanyama aho benshi baba bagodotse ku buzi bacambaye n’inkima (impuzu z’akazi).
Betrand Bigingo ni umwe muri abo, asanzwe akora akazi ko kwubaka, avuga ko akanovera k’akanyama gatuma atotaha atahaciye.
Agira ati: “Murabona ko ncambaye impuzu z’akazi, sinshobora gutaha ntaciye ngaha ngo ndye akanyama kokejwe na Merida.
“Dukeneye umutima, igitigu n’izindi zifise akanovera nyako nka za ntungwa z’iwacu ni ngaha tuzisanga kandi zotswa n’umugore ziba zitondewe neza.
“Ikindi ni uko muri kino kirabo twabaye abavukanyi mu budasa bwacu. Twararengeye ibidutanya kandi tubikesha uwu mupfasoni kuko ubu twabaye umuryango.”

Nayo Philippe Niyongabo, umugabo wa Merida Nyabenda, avuga ko umugore wiwe akwiye kubera akararorero abandi.
Arayaga ati: “Ndamuha amanota 10/10 kuko ni igitangaza. Mu gihe abagore n‘abakobwa bazi ko umugore ari ugusiga gusa iminwa n’inzara, uyu mupfasoni wanje yobabera akarorero kuko akora akazi k’inguvu agaha akazi benshi.
“N’abandi bapfasoni, n’abigeme bomurabirako akarorero. Na twebwe abagabo tudasigaye inyuma kuko iyo ntaja kumushigikira ntiyari gushika aho ageze uyu munsi.
“Nsabe nshimitse abandi bagabo bashigikire abagore babo, nta nkeka ibihugu vyacu bizotera imbere kuko urugo ni babiri kandi abagore barashoboye”.
Si umuryango wiwe gusa kuko n’abakozi biwe baramushimagiza. Nikolas ni umwe mu bakozi biwe yamuka mu gihugu ca Roumanie mu mu buseruko bw’umugabane wa Bulaya. Avuga ko umukoresha wiwe Merida Nyabenda ari akarorero.

Ku myaka 61 naho asa n’uwegereje izabukuru, Merida Nyabenda ntarota afata akaruhuko. Avuga ko igikorwa ciwe kirengeye urudandazwa.
Agira ati: “N’ukuri jewe ndiyumva ko nkishoboye naho mubona ko nshaje. Ariko ikibintuma ni uko ng'aha nabaye umuhuza-barundi, Abanyekongo, Abanyarwanda n’abandi.
“Ndabicarika hamwe bagasangira, bakibagira ivy’amoko, n’abatase (abashwanye) ni jewe ndabanywanisha. Urumva ko ntarota mpeba kano kazi kuko ndi sahwanya”.
Merida Nyabenda mw’ijwi ririmwo ibigumbagumba avuga ko mu gihe vyomukundira yoshima kwugurura mu gihugu yamukamwo c’u Burundi ishure ryigisha kuyanga inyama, kuzotsa no kworora intungwa zigenewe kubagwa.













