NASA yatangaje umugore n'umwirabure ba mbere bimirije kuja mu butumwa bwo ku kwezi

Ahavuye isanamu, NASA
- Umwanditsi, Jonathan Amos
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru wa BBC kuri siyanse
Ikigo ca Amerika kijejwe ikirere, NASA, catangaje amazina y’abantu bane bimirije gusubira ku kwezi, inyuma y’imyaka 50.
Christina Koch azoba ari we mugore wa mbere azoba agiye mu butumwa ku kwezi, mu gihe Victor Glover na we azoba abaye umwirabure wa mbere ashitse ku kwezi.
Bazoba bari kumwe na Reid Wiseman hamwe na Jeremy Hansen muri ico kigendajuru kizobashikana ku kwezi mu mpera z’umwaka uza canke mu ntango za 2025.
Aba bahinga ntibazoshika neza na neza ku kwezi, ariko ubutumwa bwabo buzokwugururira inzira uwundi murwi uzokurikira ugashikako.
Aba banyamerika batatu n’umunya-Canada bashikirijwe imbere y’abanyagihugu mu birori vyabereye i Houston muri Texas.
Ubu bagiye gutangura igihe c’imyimenyerezo yo kwitegurira ubu butumwa.
Mu guhitamwo umugore hamwe n’umwirabure, NASA yubahirije ivyo yiyemeje vyo gushira ubudasa mu bikorwa vyayo vy’ubushakashatsi. Abaheruka muri ivyo bikorwa vy’ubutumwa bwo ku kwezi bari bagizwe n’abazungu gusa.
Aba bahinga bagiye muri ubu butumwa ni bantu ki?
Reid Wiseman (w’imyaka 47): Umudereva w’igisirikare ca Amerika kirwanira mu mazi yahoze ari umukuru w’ibiro vy'abahinga b’ikirere ba NASA. Aherutse gutwara ikigendajuru kimwe giheruka mu kirere, ku kirindiro mpuzamakungu c’ikirere mu 2015.
Victor Glover (w’imyaka 46): Umudereva wo mu gisata c’igerageza mu gisirikare ca Amerika kirwanira mu mazi. Yinjiye muri NASA mu 2013 akaba yafashe urugendo rwiwe rwa mbere mu kirere mu 2020. Ni we munyamerika wa mbere yamuka muri Afrika yagumye ku kirindiro c’ikirere mu kiringo kirekire c’amezi atandatu.
Christina Koch (w’imyaka 44): Umufundi mu vy’umuyagankuba. Ni we mugore wa mbere yamaze igihe kirekire mu kirere, imisi 328. Ari kumwe n’uwundi muhinga wa NASA akora ingendo zo mu kirere, Jessica Meir, ari mu bagore bakoze urugendo mu kirere ari abagore gusa muri Gitugutu (10) 2019.
Jeremy Hansen (47): Imbere y’uko yinjira mu kigo kijejwe ikirere ca Canada, Canadian Space Agency, yari umudereva w’indege y’intambara y’igisirikare ca Canada kirwanira mu kirere (Royal Canadian Air Force). Ntiyari bwigere aja mu butumwa bwo mu kirere.
Bill Nelson, umukuru wa NASA, ati: "Uyu murwi w’ubu butumwa Artemis-2 userukira abantu ibihumbi n’ibihumbi bakora bazitiganya kugira ngo badushikane ku binyenyeri. Uwu ni umurwi wabo, uwu ni umurwi wacu, uwu ni umurwi w’isi yose”.
Aba bahinga bane basubiyemwo cane cane ubutumwa bwo mu 1968 bwakozwe n’ikigendajuru Apollo 8, ari na co ca mbere cashikanye kiremwamuntu ku kwezi.
Abari muri ubu butumwa bafashe isanamu karuhariwe yiswe "Earthrise" yerekanye umubumbe wacu wiburuka uva inyuma y’ukwezi.
Vanessa Wyche ni umukuru w’igiko ca Johnson Space Flight Center cegukira NASA. Avuga ati:
"Muri bano bagize ubutumwa [bwa Artemis-2] harimwo umugore wa mbere, umuntu wa mbere atari umuzungu, hamwe n’umunya-Canada wa mbere mu butumwa bwo ku kwezi, kandi aba bahinga bane bose bazoba bariyo ku neza ya kiremwamuntu mu gihe bazoba bariko bakora ubushakashatsi ku nyungu za bose”.










