'Kuba ndi umugore yoza imiduga nta soni bintera'

Elcyne agira ati:"Nkibitangura, hari abatantahura. Hari abanca intege n'abantera intege.
Insiguro y'isanamu, Elcyne agira ati:"Nkibitangura, hari abatantahura. Hari abanca intege n'abantera intege.

Elcyne Nijimbere akora akazi ko kwoza imodoka akagusanga muhira canke ku kazi, utarinze guta umwanya [Car wash mobile].

Mu mwaka wa 2020, ni ho yashinga ishirahamwe SONEMU (Socièté de Nettoyage Multiservices), rikora akazi ko gufasha kugira isuku mu mazu no mu bibanza bitandukanye, harimwo no kwoza imiduga.

Akazi k'ububorayi kiganjemwo igitsina gabo. Avuga ko agitangura hari abagerageje kumuca intege.

Umubajije icatumye ahitamwo kuba umuborayi [uwukora umwuga wo kwoza imodoka], Elcyne Nijimbere w'imyaka 26 akwishura amwenyura ati "akazi kabi n'ako kwica, kwiba no kuroga gusa."

Elcyne agira ati: "Nkibitangura, hari abatantahura. Hari abanca intege n'abantera intege.

"Ubundi n'ivyo twishizemwo. Nta kazi k'abagabo canke k'abagore.

"Akazi abagabo bashoboye n'abagore baragashoboye kuko bafise amaboko abiri nk'ayo dufise."

Avuga kandi ko hari n'abandi bakobwa bamufata nk'umusazi ariko ko ubu batanguye kumutahura.

Uwo mugore w'umwana umwe arafise abakozi ariko ashima kuja muri bo na we akoza imodoka mu bandi.

Avuga ko ivyo abikora kuko "abo bakozi basanze ndabikora, nabarondeye kugira banyunganire".

Afise imodoka zibiri zigenda zitwaye ibikoresho vyose bakenera uhereye ku mazi, imashini yo gupuriza amazi, ... n'ibindi bikoresho vya nkenerwa.

Elcyne Nijimbere afise imodoka zibiri zigenda zikoreye ibikoresho vyose bakenera uhereye ku mazi, imashini yo gupuriza amazi, ... n'ibindi bikoresho vya nkenerwa.
Insiguro y'isanamu, Elcyne Nijimbere afise imodoka zibiri zigenda zikoreye ibikoresho vyose bakenera uhereye ku mazi, imashini yogusukira amazi, ... n'ibindi bikoresho vya nkenerwa.

Abifatanya gute n'amabanga y'urugo?

Elcyne Nijimbere arubatse akaba afise umwana umwe w'umukobwa w'imyaka 2.

Avuga ko akazi akora akarangurana ubwira kandi ko katamubuza kubanza gutunganya imirimo y'urugo.

Agira ati: "Ndi umupfasoni. Ndafise inshingano zo mu rugo, ariko kandi ndafise n'akazi, kandi vyose ndabikora neza.

"Ndavyuka mu gatondo nkitegura, ngategura umwana, nkamuha icayi hanyuma nkamujana kw'ishure, hanyuma ngatonda ku kazi.

"Ntashe ku mugoroba, ndabandanya inshingano z'urugo nk'uko bitegerezwa."

Mu ntango ngo umugabo wa Elcyne ntiyamutahura cane.

Agira ati: "Ntiyantahura cane, ariko buhoro buhoro yagiye arantegera.

"Ni co gituma ubu n'aho vyoshika nkagira akazi kenshi ngataha ntevye, ndamubwira akaja nko gutora umwana kw'ishure.

"Canke mfise nk'akazi nzindukako mu gatondo kare ko kwoza imodoka, ntikibuza ko ibikorwa nari gukora mu gitondo nko gutegura umwana canke kumujana kw'ishure, aheza akabikora."

Elcyne Nijimbere avuga ko umucance wiwe aramufasha mu gikorwa ciwe

Ahavuye isanamu, ELCYNE NIJIMBERE

Insiguro y'isanamu, Elcyne Nijimbere avuga ko umucance wiwe amufasha mu gikorwa ciwe

Ubutumwa ku bapfasoni bagaya akazi

Kubwa Elcyne Nijimbere ngo akazi kabi n'akari musi y'ako ukora.

Abandanya vuga ati "biraryoshe kurya amahera wakoreye utarinze kuyazera ku mugabo wawe."

Abandanya avuga ko kera, abantu baheza amashure bahita baronka ubuzi. Ubu ngo siko bimeze.

Ahanura avuga ati: "Amase ya kera ntagihoma urutaro, twugurure imitwe, impano turazifise, ivyo gukora birahari, twumvirize imitima yacu kandi ubwenge turabufise."

Kuba akora umwuga wo kwoza imiduga, ntibimubuza kwambara akaberwa nk'abandi bapfasoni

Ahavuye isanamu, ELCYNE NIJIMBERE

Insiguro y'isanamu, Kuba akora umwuga wo kwoza imiduga, ntibimubuza kwambara akaberwa nk'abandi bapfasoni