Football: Abahoze bakina umupira w’amaguru mu Rwanda no mu Burundi bari mu zabukuru baributswe mu Bubirigi

"Abawigeze" benshi bahanzwe n’ubuzima butoroshe bwa minsi yose

Ahavuye isanamu, BBC/Alain Majesté Barenga

Insiguro y'isanamu, "Abawigeze" benshi bahanzwe n’ubuzima butoroshe bwa minsi yose
Abahoze bakina umupira w’amaguru mu Rwanda no mu Burundi bari mu zabukuru baributswe mu Bubirigi
    • Umwanditsi, Na Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umunyamakuru ari i Bruxelles

Mu mupira w’amaguru dukunze kuvuga ibigezweho. Ariko mu mpera z’indwi iheze abawigeze mu Burundi no mu Rwanda nabo bari bagarutse mu kibuga ku munsi wa gatandatu mu Bubiligi.

Cane cane, kari akaryo ko gutororokanya uburyo bwo gufasha abo bakinyi ba kera benshi bashitse mu za bukuru impano yabo yo gukina ata kinini ibasigiye mu kubaho kwa minsi yose.

Bagenzi babo baronse amahirwe yo gukina mu migwi mpuzamakungu nibo batunganije iryo higanwa.

Kari akanyamuneza mu gisagara ca Anvers mu Buraruko bw’igihugu c’Ububiligi, ahari hakoraniye abakunzi b’umupira w’amaguru, barwiriyemwo abarundi n’abanyarwanda.

Mu mpera z’indwi iheze hatunganijwe urukino rwo gutororokanya uburyo bwo gufasha abo bakinyi ba kera benshi bashitse mu za bukuru

Ahavuye isanamu, BBC/Alain Majesté Barenga

Insiguro y'isanamu, Mu mpera z’indwi iheze hatunganijwe urukino rwo gutororokanya uburyo bwo gufasha abo bakinyi ba kera benshi bashitse mu za bukuru

Bari baje kurorera ihiganwa ry’abakinyi bahoze babica bigacika mu Burundi no mu Rwanda; barimwo Même Tchite, Juma Mossi, Musaba Selemani n’abandi benshi bavuye mu bindi bihugu 6 vy’Ubulaya, bigeze kuba rungiranwa mu mirwi ya Vital’0, Inter, Mukura Victoire, Rayon Sports n’iyindi.

Barongeye guhurira mu kibuga mw’iryo higanwa rya kivandimwe. Ariko benshi bahanzwe n’ubuzima butoroshe bwa minsi yose.

Saidi Juma w’imyaka irenga 60 yahoze ari bitumwako mu migwi ya Union Sporting na nserukiragihugu mu Burundi mu myaka y’1970.

Avuga ko ubuzima atari bwiza ku bawigeze ariko batagize amahirwe yo gukina mu mahanga.

Saidi Djuma yahoze ari rurangiranwa muri Union Sporting n'umurwi nserukiragihugu mu Burundi

Ahavuye isanamu, BBC/Alain Majesté Barenga

Insiguro y'isanamu, Saidi Djuma yahoze ari rurangiranwa muri Union Sporting n'umurwi nserukiragihugu mu Burundi
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Agira ati: “Uwutagize amahirwe ngo aje gukina i Bulaya canke muri Aziya, ari mu bukene bwokora amakara bugata, kuko hari abavunikiye mu kibuga batigeze bavuzwa ubu ni ibimuga ntawubitaho.

“N’abahejeje gukina ubabonye barateye ikigongwe, ntibagira ico bafungura, ntibagira naho bakika umusaya mu gihe benshi bateye iteka igihugu mu gukinira imigwi nserukiragihugu, ubu ni ba ntahonikora.”

Nayo Juma Mossi yahoze ari kizigenza mu mirwi ya Vital’o na nserukiragihugu mu Burundi nyene.

Avuga ko uretse ko naho bamwe muri bo batavyifashemwo neza mu buzima, gufashwa nk’abateye iteka ibihugu vyari ngomba.

Agira ati: “Si ibanga bamerewe nabi, barahebwe, amashirahamwe y’inkino na leta vyarabibagiye, hari abatiyumviriye gutegura kazoza, bibagira ko inkoni ugenderako mu busaza uyica mu busore.

“Twebwe twagize amahirwe yo gukina hanze ya Afrika turagerageza kubitaho kuko bose barabahevye, turabaha imitahe ariko ntitwobakwiza nico gituma turi ngaha ngo twegeranye uburyo bwobamaza kabiri.”

Umunyarwanda Mouhamed Tchite Benshi bita Meme, yahoze abica bigacika mu mirwi Prince Louis mu Burundi na Mukura Victore mu Rwanda.

We yaragize amahirwe kurusha bagenzi we. Yahavuye aja kubandaniriza mu mirwi nka Standard de Liège mu Bubiligi na Rancing Santander muri Espagne mu ntango y’imyaka y’2000.

Mouhamed Tchite Benshi bita Meme, yahoze ari rurangiranwa muri Prince Louis mu Burundi na Mukura Victore mu Rwanda

Ahavuye isanamu, BBC/Alain Majesté Barenga

Insiguro y'isanamu, Mouhamed Tchite Benshi bita Meme, yahoze ari rurangiranwa muri Prince Louis mu Burundi na Mukura Victore mu Rwanda

Avuga ko bagerageza kwitaho abo bakinana kera bakiri mu Burundi no mu Rwanda naho bigoye kubamara ubukene agasaba n’amashirahamwe y’inkino gufasha muri utwo twigoro.

Agita ati: “Birateye agahinda. H araho uturika ukarira ubonye uwo mwakinanye iyo tugiye mu karere iwacu mu kiruhuko. Ni abantu bitangiye ibihugu vyacu naho batibukwa.

“Twebwe ntituzobaheba kuko ico twabaye ni kubera ibihugu vyacu n’amashirahamwe. Nibaze dufashanye tubashimire bakiriho.”

Juma Mossi (yambaye agakofero gatukura) yahoze ari kizigenza mu mirwi ya Vital’o na nserukiragihugu mu Burundi

Ahavuye isanamu, BBC/Alain Majesté Barenga

Insiguro y'isanamu, Juma Mossi (yambaye agakofero gatukura) yahoze ari kizigenza mu mirwi ya Vital’o na nserukiragihugu mu Burundi

Izo nkino zabaye akaryo ko kwegeranya intererano yo gufasha abo bakinyi.

Iyabonetse uko ingana nibo bayizi kuko bayigize ibanga, ariko bavuze ko izofasha mu kugura imiti y’abarwaye indwara zidakira no kwitaho impfuvyi z’abahoze ari abakinyi.