Ivyo womenya ku bigendajuru bica mu birere vya Amerika y'uburaruko

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Max Matza
- Igikorwa, BBC News
Ingabo za Reta Zunze Ubumwe za Amerika zakoroye ikindi kigendajuru cari mu birere vya Amerika y’uburaruko muri kuno kwezi, ivyatumye amakenga yongerekana i Washington.
Umukenguzamateka umwe wewe yavuze ko ivyabaye mu ndwi nkeya ziheze “bwari ubusazi”.
Ariko hari ibibazo vyinshi bitararonkerwa inyishu.
Ng’ibi bimwe mu vyo tuzi – hamwe n’ibindi tutaramenya
Ingene vyose vyatanguye
Igipurizo kirekire caribonekeje ku wa 28 Nzero (1) igihe gica hejuru y’intara ya Alaska iri mu buraruko bw’ibahari Pasifike (Océan Pacifique/Pacific Ocean) hagati ya Amerika n’Uburusiya.
Casubiye kubonwa cinjira mu kirere ca Canada imbere yo kwibonekeza mu ntara ya Montana iri mu burengero.
Ku wa 01 Ruhuhuma (2), amasanamu yafashwe n’abanyagihugu batumva ivy’ari vyo bo mu gisagara ca Billings, ni yo yatanguye gutera amakenga abanyagihugu ku kungene iki kintu cagendera hejuru cane inyuma y’aho gitereye umudugararo ku kibuga c’indege cabo.
Montana, intara ituwemwo n’abantu bake, iri muri zitatu zonyene mu gihugu zirimwo ububiko bwo mu kuzimu bwa misire z’ubumara, abategetsi bakavuga ko iki gipurizo cegukira Ubushinwa kandi ko cari ica maneko cariko kirasuma amaguru ibi bigo bikomeye mu ntumbero yo kwegeranya amakuru.
Abategetsi bavuga ko cari gifise uburebure burenga imetero 60 kandi ko cari gifise “antennes” nyinshi, ama - “panneaux solaires” menshi ashobora kwegeranya amakuru.
Ariko mu ntango abategetsi baranse kugikorora kubera bari bafise impungenge ko ibisigarira vyari kugira ingaruka mbi aho vyari kugwa, ivyatumye kimara imisi kizunguruka ikirere ca Amerika.
Ku wa 04 Ruhuhuma, Perezida Joe Biden yategetse ko iki gipurizo kiraswa n’indege y’intambara yo mu bwoko bwa F-22 hakurya y’umweha (umwaro mu Kinyarwanda) wa Caroline du Sud/South Carolina.

Ahavuye isanamu, Reuters
Umurwi ujejwe kwegeranya ibisigarira vyaco waregeranije bimwe muri vyo, ukaba ukoresha ubwato kugira ngo ushobore gushikira ibindi bisigarira vyaco biri mw’ibahari.
Ubushinwa burahakana ko cariko gikoreshwa muri maneko, bukavuga ko cari igipimisho c’ikirere cateshejwe inzira n’umuyaga.
Ubushinwa bwavuze ko iraswa ry’iki gipurizo “ryahonyanze bikomeye amategeko mpuzamakungu”, kandi ko bufise uburenganzira bwo “gukoresha uburyo bwose bwokenerwa mu gutorera inyishu ibibazo nk’ibi”.
Alaska na Yukon
Ku wa gatanu igenekerezo rya 10 Ruhuhuma, ikindi gipurizo caramanuwe n’ingabo za Amerika hirya y’umweha wa Alaska.
Abategetsi bavuga ko “cangana n’imodoka ntoya” kandi ko cagendera ku metero 12.000 mu kirere mu gihe cariko gitera kija kuri Pôle Nord/North Pole, kandi ko ata buryo bwo kwigendesha canke kugenzurwa cari gifise.
Ku musi wakurikiye, ku wa gatandatu 11 Ruhuhuma, ikindi kigendajuru gisa n’ico nyene cagendera hejuru cane carakorowe kw’itegeko rya Amerika na Canada hejuru y’akarere ka Yukon mu buraruko bushira uburengero bwa Canada.
Gushika ubu ntibiramenyekana neza ibi bigendajuru bibiri ivy’ari vyo mu gihe amakuru atanga isanamu itandukanye.
Umukenguzamateka Chuck Schumer arongoye aba-Democrats mu nama nkenguzamateka yavuze ejo ku wa 12 Ruhuhuma ko abajejwe igendereza bemeza ko vyompi vyari ibipurizo, “ariko bito cane ugereranije n’ica mbere”.
Abajijwe ku majambo avugwa na Schumer, umuvugizi wo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi avuga ko ibi bigendajuru bibiri bidasa cane n’igipurizo ca mbere.
Uwundi mutegetsi wo hejuru nawe yabwiye ikimenyeshamakuru ABC News ko ibi bigendajuru vya nyuma biherutse kuraswa bisa n’ivyo kugenzura ikirere, ko bitari ivya maneko.
Ingene ibi bigendajuru bitazwi vyagiye biboneka

Ku wa 4 Ruhuhuma: Igisirikare ca Amerika carashe igipurizo ca maneko hanze y’umweha wa Caroline du Sud. Cari kimaze imisi kizunguruka ikirere ca Amerika, abategetsi bakavuga ko cari cavuye mu Bushinwa kandi ko cariko kiraneka ibigo bikomakomeye
Ku wa 10 Ruhuhuma: Amerika yamanuye ikindi kigendajuru hanze y’umweha wa Alaska iri mu buraruko, abategetsi bakavuga ko kitari gifise ubuhinga bwo kwigendesha canke kukigenzura
Ku wa 11 Ruhuhuma: Indege y’intambara ya Amerika yamanuye “ikigendajuru cagendera hejuru cane” hejuru y’akarere ka Yukon muri Canada, hafi ku birometero 160 uvuye ku rubibe rwa Amerika. Cavuzwe ko cari ciburungushuye kandi ko cari gitoya ugereranije n’igipurizo ca mbere
Ku wa 12 Ruhuhuma: Indege z’intambara za Amerika zamanuye ikindi kigendajuru cari hejuru cane hafi y’ikiyaga Huron.
Ikiyaga Huron
Ku wa Mungu igenekerezo rya 12 Ruhuhuma, indege z’intambara za Amerika zamanuye ikindi kigendajuru cariko cegereza ikiyaga Huron, kimwe muri vya biyaga binini vyambukiranya urubibe rwa Amerika na Canada.
Cabaye ica gatatu kirashwe mu misi mike nk’iyi kandi – nk’uko vyagenze kuri bibiri vy’imbere y’aha – nticamenyekanye neza ic’ari co.
Abategetsi bo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bavuga ko cari ikigendajuru gifise impande umunani, kikagira n’imigozi yenena kuri co. Bavuga ko carashwe “mu bwitonzi bwinshi” kubera ko cashobora guteza ibibazo ku ndege zunguruza abantu uravye intera cariko.
Inyuma y’iki giheruka, umukuru w’igisirikare ca Amerika kirwanira mu kirere, Jenerali Glen VanHerck, avuga ko adashobora gusigura ibi bigendajuru bitatu ivy’ari vyo, ukungene vyashoboye kuguma mu kirere canke iyo vyaje biva.
Abategetsi bavuga ko ama-radar ashobora kubona ibindi bintu mu gihe abandanya kurondera.
Umushingamateka Jim Himes wo mu mugambwe w’aba-Democrats ari muri komite ijejwe igendereza mu nama nshingamateka, yabwiye ikimenyeshamakuru NBC News ati: "Ubu, nivyo, turiko turabiraba. Rero nibaza ko turiko turatora n’ibindi”.
Gutora ibisigarira no gufata ingingo
Hari imirwi iriko irakora uko ishoboye kugira ngo itore ibisigarira vy’ibi bigendajuru.
Za kajugujugu n’indege zo gutwara ibintu zararungitswe mu Nyanja ya Beaufort, hanze y’umweha wo mu buraruko bwa Alaska.
Muri Yukon, indege za Canada zo mu bwoko bwa CP-140 zo kugenzura imbibe ziriko zirarondera ibisigarira vy’iki kigendajuru kigira gatatu.
Igisirikare ca Amerika kigira kiti: "Ibirere vya Arctique bitifashe neza, harimwo umuyaga ukanye cane, ibarafu n’izuba rike, ni inzitizi”.
Hagati aho, vyinshi mu bigize igipurizo ca mbere biramaze gutorwa mw’ibahari Atlantique, bikaba biriko birihwezwa n’abakozi ba FBI.
Ingene ibintu bimeze ubu, Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu vya Amerika) hamwe n’abategetsi bo mu gisata co kwivuna abansi babandanya basaba amakuru arambuye vuba bishoboka.
Debbie Dingell, umushingamateka wo mu mugambwe w’aba-Democrats mu ntara ya Michigan, avuga ati: "Dukeneye kumenya ukuri ku bijanye n’iyo vyavuye, intumbero yavyo, n’igituma biriko biriyongera”.










