Ca gipurizo c’Ubushinwa cari gifise ubushobozi bwo kwabura amakuru-umutegetsi wa Amerika

Igipurizo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Na Madeline Halpert

BBC News, New York

Ca gipurizo c’Ubushinwa cikekwa ko ari maneko giherutse gukororwa na Amerika cari gifise ubushobozi bwo kwabuka amakuru, n’uko bivugwa n’umutegetsi wa Amerika.

Cari gifise “antennes” nyinshi zishobora “kwegeranya amakuru”, nk’uko umutegetsi wo hejuru yabibwiye abamenyeshamakuru.

Ejo ku wa kane, abashingamateka ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika baremeje urwandiko rwiyamiriza Ubushinwa kuri iki gipurizo.

Ubushinwa burahakana ko iki gipurizo ata bikorwa vya maneko cariko kirakora.

Buvuga ko igi gipurizo cateshejwe inzira n’umuyaga.

Hagati aho, Amerika yemeza ko ari kimwe mu bigendajuru maneko vyinshi biriko birakiyogoza ku migabane itanu yose.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu gihe abashingamateka 419 kuri 0 bariko baremeza urwandiko rwiyamiriza ikoreshwa ryac ejo ku wa kane, bavuze ko iki gipurizo ari “ivogerwa ryeruye ry’ubusugire bwa Amerika”.

Iboneka ryaco mu kirere ca Amerika ryatumye haduka icuka kibi mu migenderanire hagati y’ibi bihugu bibiri catumye umunyamabanga wa reta ajejwe imigendranire Antony Blinken ahagarika urugendo rwiwe mu Bushinwa.

Igisirikare ca Amerika cakoresheje indege y’intambara mu gukorora iki gipurizo hejuru y’ibahari Atlantique mu mpeza z’indwi iheze.

Ejo ku wa kane, Ubushinwa bwavuze ko butari buzi ivy’ibigendajuru biriko birakiyogoza kw’isi. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubushinwa Mao Ning avuga ko aya makuru “ashobora kuba ari kimwe mu bigize intambara y’amajambo Amerika yatanguje ku Bushinwa”.

Ubushinwa kandi bwifatiye mu gahanga Perezida Joe Biden wa Amerika inyuma y’aho avugiye ko Perezida Xi Jinping w’Ubushinwa ahanzwe “ingorane nyinshi”, hari mu kiganiro n’ikinyamakuru PBS.

Umupfasoni Ning ati: “Ayo majambo ni ubutabanga kandi ahonyanga ababwirizwa ngenderwako mu vyo imigenderanire”.

Uyu mutegetsi wo mu bushikiranganji bw’imigenderanire bwa Amerika ejo ku wa kane yavuze ko amasanamu yerekana ko iki gipurizo - c’imetero 60 z’uburebure - cari gifise ama - “panneaux solaires” yakoreshwa n’ibikoresho vyinshi “vyo kwabura amakuru” hamwe kandi n’ama-antennes yashobora kwakira amakuru no kwerekana aho ibibanza kanaka biherereye.

Avuga ko Amerika iriko iriga ku ngingo yofatira ibigo vya reta vyagize uruhara mu kugurura iki gipurizo.

Abahinga babwiye BBC ko ibivugwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyerekana ko iki kigendajuru cari ica maneko.

Ntibiramenyekana neza na neza ubwoko bw’amakuru Ubushinwa bwariko buragerageza kwabura bukoresheje iki gipurizo, nk’uko bivugwa n’abahinga, ariko gishobora kuba carabuye amakuru yacishwa kuri radiyo y’itumatumanako, amaterefone hamwe n’ubundi buhinga bwo guhanahana amakuru ku bigo vya gisirikare cashoboye kuneka, nk’uko bivugwa na Matt Kroenig, umukuru w’ikigo Scowcroft Center for Strategy and Security.

Nayo Gregory Falco, umwigisha kuri kaminuza Johns Hopkins University, avuga ko ama-panneaux solaires y’iki gipurizo yagutse nk’ukuraho - hamwe n’uko cashoboye kuzunguruka mu kirere ca Amerika mu kiringo kitari gito – ari ibintu biteye impungenge.

Dr Fa lati: "Bifise ubuhinga bukomeye bushobora kwabura no kurungika amakuru. Sinzi neza na neza amakuru vyariko birarondera, ariko vyari bifise ubuhinga bwose bwo kurungika amakuru ku bigendajuru”.

Ejo ku wa kane, Liyetena-Jenerali Douglas Sims II yararengutse imbere ya komite y'inama nkenguzamateka
Insiguro y'isanamu, Ejo ku wa kane, Liyetena-Jenerali Douglas Sims II yararengutse imbere ya komite y'inama nkenguzamateka

Ikigo ca Amerika kijejwe igendereza ryo hagati mu gihugu FBI kivuga ko laboratoire yaco iriko irafasha kwiga ibiri mu bisigarira vy’iki kigendajuru bimaze kwegeranywa.

Vyinshi mu vyari bigize iki gipurizo – bishobora kuba birimwo ivyuma vyo gusuma urusaku hamwe n’ibindi bintu ngirakamaro ku bajejwe gukora amatohoza – biracari mu mazi uciye ku mweha wa Caroline du Sud.

Abategetsi bavuga ko kwiga ibi bisigarira gushobora gufata igihe kirekire, kubera ikirere kibi gishobora kutorosha ibikorwa.

Ejo ku wa kane, abategetsi ba gisirikare hamwe n’abajejwe imigenderanire baratanguye gusigurira abashingamateka n’abakenguzamateka ivyerekeye iki gipurizo.

Ni mu gihe abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Perezida Joe Biden bamunegura ko yavyitwayemwo nabi.