Igipurizo ca kabiri hejuru ya Amerika y’ubumanuko ni rwacu - Ubushinwa

igipurizo

Ahavuye isanamu, Reuters

Reta y’Ubushinwa yemeje ko igipurizo cabonetse mu kirere ca Amerika y’ubumanuko ku wa gatanu ari icabwo – ariko bukavuga ko kiri ku bikorwa vya gisivire.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire Mao Ning avuga ko iki kigendajuru cataye inzira kubera umuyaga.

Igipurizo nk’ico nyene cararashwe ku wa gatandatu n’indege za gisirikare za Reta Zunze Ubumwe za Amerika kiri mu kirere cayo kuko cafatwa ko cariko kirasuma urusaku.

Ubushinwa burahakana ibi birego vy’uko cariko kiriba amabanga, bukavuga ko cariko kirihweza ingene ikirere kimeze.

Ibi vyatumye haba icuka kibi mu migenderanire hagati ya Washington na Pékin/Beijing.

Ku wa gatanu, imbere y’uko indege z’intambara zikimanura mu mpera z’indwi iheze – abategetsi ba Amerika bavuze ko igipurizo ca kabiri cabonetse hejuru ya Amerika y’ubumanuko.

Ejo ku wa mbere, Ubushinwa bwaremeye ko ikigendajuru “cinjiye giturumbuka mu kirere ca Amerika y’ubumanuko na Karayibe [Caraïbes/Caribbean]”.

Umupfasoni Mao yabwiye abamenyeshamakuru ko igipurizo ca kabiri “cataye cane inzira yaco”, avuga ko vyavuye ku “bushobozi buke bwo kukigenzura” hamwe n’ikirere kitari ciza.

Yongerako y’uko “iki kigendajuru c’Ubushinwa kitagira umudereva ari ica gisivire kandi cariko gikoreshwa mu bikorwa vy’igerageza ry’ingendo zo mu kirere”.

Mu mpera z’indwi iheze, igisirikare ca Colombia kirwanira mu kirere cavuze ko ikintu gisa n’igipurizo cabonetse ku wa 03 Ruhuhuma (2) mu kirere c’iki gihugu ku birometero vyababa 16.8 hejuru.

Colombia ivuga ko yakurikiranye iki kintu gushika kive mu kirere cayo, ikongerako y’uko ata ngorane cateye ku mutekano w’igihugu.

Igiheruka kuraswa na US cari gifise uburebure burenza 60m

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ni mu gihe ingabo z’igisirikare ca Amerka zirwanira mu mazi ziandanya zihiga ibisigarira vya ca gipurizo carasirwa ku nkombe hafi y’umweha wa Caroline du Sud/ South Carolina ku wa gatandatu.

Iki gipurizo cari gifise uburebure bungana hafi imetero 61 kikaba cari gifise umuzigo ungana n’uwutwarwa n’indege yunguruza abantu, nk’uko abategetsi babivuga.

Perezida Joe Biden wa Amerika niwe yabanje kwemeza ingingo yo kumanura iki gipurizo ku wa gatatu, ariko aca afata ingingo yo kubangira gushika kigeze hejuru y’amazi kugira ngo ntigihave kibangamira abantu ku butaka.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ejo ku wa mbere, umutegetsi wo mu bushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi yavuze ko ubunini bwaco n’ivyo cari gikozwemwo vyatumye hafatwa ingingo yo kutakirasa kikiri hejuru y’ubutaka.

Jenerali Glen VanHerck ati: “Iyumvire ibisigarira bipima ibiro amajana, nimba atari ibihumbi, biriko birakoroka biva mu kirere”.

Indege z’intambara zitari nke nizo zagiye mu ruhigi rwaco, ariko imwe, US Air Force F-22, niyo yakirashe isaha umunani n’iminota 39 (14h39) mu masaha y’aho, ni ukuvuga isaha zitatu z’ijoro n’iminota 39 (21h:39) mu masaha ya Gitega na Kigali, inyuma y’imisi cibonekeje hejuru y’ubutaka bwa Amerika.

Mu gihe gihe ibikorwa vyo guhiga ibisigarira vyaco bikibandanya, abategetsi ba Amerika bavuga ko ata mugambi wo kubirungika mu Bushinwa, ko ahubwo abahinga b’igendereza bazoca babikorako amatohoza.

Abahinga mu bijanye n’amato batari bake barungitswe mu karere, harimwo ubwato karuhariwe mu bushakashatsi bwo mu nyanja bufise ibikoresho bigezweho vyo guhiga ibisigarira, nk’uko bivugwa na Jenerali VanHerck arongoye ibiro bikuru vya gisirikare mu karere k’uburaruko hamwe n’ibiro vya gisirikare mpuzabihugu vya Amerika na Canada bijejwe gucungera ikirere, ikizwi nka Norad.

Jen. VanHerck avuga ko Amerika igitohoza kugira ngo irabe nimba mu bisigarira vy’iki gipurizo ata bishobora kubangamira ubuzima bwa muntu, nk’ibiturika canke ibigize amabateri yaco.

Abanyaporitike bo mu mugambwe w’Abarepubulika bagiriza Perezida Biden ko yatirimutse ku mabanga yiwe mu kureka iki gipurizo kikarengana igihugu ata nkomanzi.

Imigenderanire hagati y’Ubushinwa na Amerika yaratosekajwe n’ico gipurizo, aho ibiro vy’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika (Pentagon) vyavuze ko ari “ivogerwa ry’ubusugire bwa Amerika ridashobora kwihanganirwa”.

Mbere n’urugendo rw’umunyamabanga wa Reta ajejwe imigenderanire Antony Blinken yategekanya kugira mu Bushinwa rukaba rwaciye rufutwa kubera iki cuka kibi.

Ubushinwa bwarashikirije akababaro kabwo buciye mu biro vy’ubuserukizi bwa Amerika i Pékin ku vyabaye.

Ejo ku wa mbere, Ubushinwa bwagirije Amerika “gukoresha inguvu itabanje kwiyumvira” mu kumanura iki gipurizo.

Buvuga ko yakoresheje “inguvu zirenze urugero kandi ko yahonyanze cane amategeko mpuzamakungu”.

Amerika yemeza ko iki gipurizo cariko gikoreshwa mu kuneka ibigo bikuru bikuru vya gisirikare.

Adm Mike Mullen yahoze arongoye ibiro bikuru mpuzabisata vya gisirikare yamirira kure ibivugwa n’Ubushinwa, ko gishobora kuba cateshejwe inzira n’umuyaga, avuga ko cari ikigendajuru ishobora kugenzurwa kuko cari gifise amababa (hélices/propellers).

Ati: "Iri ntiryari isanganya. Carungitswe n’ibigirankana. Cari ica maneko”.