Kwabura ubuhinga: China yerekanye amabanga y'ubuhinga bwa Amerika

GE turbine blades in France

Ahavuye isanamu, Getty Images

Inkuru ya Nicholas Yong

BBC News

Yari ifoto igaragara nk'iyisanzwe yakwegeye Zheng Xiaoqing, uwahoze ari umukozi w'ikigo gitanga umuyagankuba ca General Electric Power.

Nk'uko biri mu vyagiriji vy'ubushikiranganji bw'ubutungane, uwo ufise ubwenegihugu bwa Amerika yaranyegeje impapuro z'ibanga yivye abakoresha biwe yagiye arirungikira wenyene akoresheje mail.

Bwari ubuhinga bwitwa Steganographie, ubuhinga bukoreshwa mu kunyegeza inyandiko z'ibintu mu biharuro kabanga vy'iyindi nyandiko. Zheng yabikoresheje incuro nyinshi mu gutwara inyandiko z'ibanga za GE.

GE n'ishirahamwe rizwi mu bikorwa vyayo mu gisata c'amagara y'abantu, amasoko ntanganguvu n'ibigendajuru, rikora ibintu vyose kuva ku vyuma bikanyisha gushika ku moteri z'indege.

Inkuru zibwe na Zheng zari zijanye no gutegura hamwe no gukora 'turbine' zikoreshwa na gaz hamwe n'umuhisha. Ivyo bintu bifatwa ko biciye ama miliyoni, vyarungitswe kuwo bakorana mu Bushinwa. Ivyo bikazofasha reta y'Ubushinwa co kimwe n'amakompanyi afise icicaro muri ico gihugu hamwe n'amakaminuza.

Zheng yaciriwe umunyororo w'imyaka ibiri mu ntango z'uku kwezi. Ni rumwe mu manza zisa n'urwo abategetsi ba Amerika bariko barakurikirana. Mu kwezi kwa cumi na rimwe, umushinwa Xu Yanjun, afatwa nk'umusumyi w'urusaku yabigize umwuga, yaciriwe gupfungwa imyaka 20 yagirizwa gufasha kwiba amabanga y'ubudandaji mu mashirahamwe menshi y'indege n'ibigendajuru ya Amerika, harimwo na GE.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Biri mu ntambara ikomeye y'Ubushinwa, mu gihe ico gihugu kiriko kiragira utwigoro two kuronka ubumenyi bw'ubuhinga kugira buteze imbere ubutunzi bwabwo, mu gihe Amerika na yo ikora uko ishoboye kose ngo ntihaboneke ikindi gihangange bohiganwa.

Mu kwezi kw'indwi guheze, umuyobozi wa FBI, Christopher Wray yabwiye ikoraniro ry'abagwizatunga n'abanyabwenge i Londres ko Ubushinwa bufise intumbero yo "gusambura" ubuhinga mvabwenge bw'amashirahamwe ya Buraya kugira bushobore kwihutisha iterambere ryabwo muvyo ubuhinga, hanyuma bunashobore kuza imbere kw'isi mu mahinguriro akomeye.

Yagabishije ko Ubushinwa busuma urusaku mu mashirahamwe hose "Kuva mu bisagara binini gushika muri bito - kuva muyatunze cane gushika mu yagitangura, abantu baraba ibintu vyose, kuva ku ndege gushika no muvyo gukora imiti."

Ico gihe, umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Ubushinwa n'amakungu, Zhao Lijian, yavuze ko Wray "acafuza Ubushinwa" kandi ko afise "ingendo y'intamba iteruye".