Rishi Sunak aranegurwa inyuma yo gusheta £1,000 atigira ku mugambi wiwe ku Rwanda

Rishi Sunak

Ahavuye isanamu, PA Media

    • Umwanditsi, Na Becky Morton
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa poritike

Umushikiranganji wa mbere w‘Ubwongereza Rishi Sunak yaneguwe n’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi inyuma yo gutigira kuri poritike yiwe ku Rwanda.

Abajijwe na Piers Morgan wo ku mboneshakure TalkTV nimba yokwemera gusheta amapawundi 1000 ku kigo gifasha impunzi mu kwemeza nimba indege zizoba zatwaye abimukira mu Rwanda imbere y’uko haba amatora yimirije, umushikiranganji wa mbere yamuhaye ukuboko mu kumwemeza.

Umugambwe w’Abakozi (Labour Party) uvuga ko ibi vyerekana ko "ataho ahuriye n’ingorane z’abantu bato bato”.

Umugambwe SNP (Scottish National Party) uvuga ko wareze Sunak ko ashobora kuba yarenze ku mabwirizwa agenga abashikiranganji kuri iri tigira “riteye isoni”.

Umuvugizi w’uwo mugambwe, Kirsty Blackman, yandikiye umuhanuzi yigenga w’umushikiranganji wa mbere ku bibazo vy’abashikiranganji, Sir Laurie Magnus, hamwe n’umunyamabanga mukuru wa reta Simon Case, asaba ko hoba amatohoza nimba Sunak yahonyanze amabwirizwa ngenderwako y’inama nshikiranganji.

Mw’ikete ryiwe, yahagaze ku mabwirizwa avuga ko abashikiranganji ba reta bakwiye kwirinda ibintu vyozana amatati hagati y’amabanga y’igihugu hamwe n’ayabo bwite, kandi ko kizira ko bemera agashirukabute ako ariko kose koboneka ko kobangamira ingingo zabo canke kakabatesha inshingano zabo.

Umupfasoni Blackman avuga ati: "Gutigira ku buzima bw’impunzi zigorewe, zahunze intambara n’agatotezo, ni icaha ceruye kibi kandi giteye isoni – kandi cerekana ingene icicaro ca reta kitazi indangagaciro z’abanyagihugu ba Ecosse.

"Birateye isoni cane kubona Rishi Sunak, umwe mu bantu batunze cane mu Bwongereza, yiyumvira ko bikwiye ko atigira ku mapawundi 1000 – kandi vyibutsa imiryango ibayabaye ko uno mutunzi ruhebwa Sunak ata kintu na kimwe azi ku bijanye n’ic’ari co ubuzima kuri twebwe twese dusigaye ku kibazo c’ubuzima buzimvye turimwo".

Jonathan Ashworth wo mu mugambwe w’abakozi avuga ati: "Si abantu benshi bahanzwe n’iduga ry’amahera y’ingwati, ry’amafagitire n’ibiciro vy’indya bashobora guta amapawundi 1000 mu kamari".

Umuvugizi w’ibiro bijejwe intwaro yo hagati mu gihugu mu mugambwe Liberal Democrat Alistair Carmichael avuga ati: "Hagukinira akamari k’ubucafu ku mugambi w’Urwanda, umushikiranganji wa mbere yategerezwa gushira mu ngiro ivyo yiyemeje ku bijanye n’igihengeri kibandanya ciyongera mu gisata c’amagara y’abantu".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umugambi wo kurungika mu Rwanda bamwe mu barondera ubuhungiro ufise intego yo kubuza abantu kujabuka inyanja binjira mu Bwongereza kandi ni kimwe mu vyo Sunak yiyemeje mu ntego yiwe yo “kuzibira amato yinjiza abimukira”.

Hagati aho, uno mugambi warazingamitswe n’ibibazo bijanye n’amategeko, aho ata ndege n’imwe irashobora kuvana aba bantu mu Bwongereza ibatwara mu Rwanda.

Mu kugerageza kuvyura uno mugambi, reta yashizeho itegeko ryemeza ko Urwanda ari igihugu gitekanye ariko ino nteguro ni ngombwa ko yemezwa n’inama nkenguzamateka (House of Lords) aho iriko irarwanywa bikomeye, imbere y’uko iba itegeko.

Reta ivuga ko igifise intego yo kurungika izi ndege imbere yo ku mpeshi.

Mu kiganiro na TalkTV, Morgan yaharirije umushikiranganji wa mbere: "Noshira amapawundi 1000 ku kigo gifasha impunzi ko utazokwuriza umuntu n’umwe muri ziriya ndege imbere y’amatora”.

Ahana ukuboko n’umunyamakuru, Sunak yavuze ati: "Nshaka ko abantu burira izi ndege”.

Sunak avuga ko yiteze ko amatora rusangi azoba mu gice ca kabiri c’uno mwaka kandi amwe ategerezwa kuba imbere y’impera z’ukwa mbere 2025.

Abajijwe nimba umushikiranganji yemeye agatigira, umuvugizi wiwe yavuze ati: "Ikigaragara muri iki kiganiro ni uko umushikiranganji afise icizere ko izi ndege zizohaguruka”.

Abajijwe niba ivyo yakoze ari akarorero keza mu gihe reta irwanya bikomeye akamari, yagize ati: " Arajwe ishinga n’ugukora vya nkenerwa kugira ngo atunganirize abanyagihugu b’Ubwongereza mu vyihutirwa”.