Kidum i Birmingham inyuma y'imyaka indwi ataja mu bihugu vya kure

Ahavuye isanamu, Kidum
Umuririmvyi Jean-Pierre Nimbona azwi cane nka Kidum avuga ko yasubiriye kuja kuremesha ibiteramo mu bihugu vya kure inyuma y'imyaka indwi yari yarabihevye.
Uwo muririmvyi w'Umurundi asanzwe aba muri Kenya aho yamaze kuba rurangiranwa.
Kuri uyu wa gatandatu yararemesheje igiteramo i Birmingham, igisagara ca kabiri mu bunini mu Bwongereza, igiteramo ca mbere mu bihugu vya kure inyuma y'imyaka indwi atarenze ibihugu vy'akarere nk'Uburundi, Urwanda na Kenya asanzwe abamwo.
Mu kiganiro na BBC Gahuzamiryango, Kidum yavuze ko yari yafashe imyaka ''y'akaruhuko kugira mbanze gutsimbataza 'base' yanje ...kwerekana ivyo nshoboye muri uyu muziki maze imyaka ndiko ndakora''.
Ariko avuga ko yashaka kandi kuguma hafi y'umuryango kuko ''nari maze igihe ata kwezi nshobora kumara iwanje...naciye mvuga nti reka mfate akaruhuko.''
Avuga ko ubu yasubiye kuzunguruka kuko afise ivyo yerekana.
Inyuma ya Birmingham avuga ko ategekanya ibiteramo muri Canada no mu bihugu vya Schengen (ku mugabane wa Bulaya).
Kuki imyaka nyinshi ata album nshasha?
Kidum amaze imyaka myinshi ata rukurikirane rw'indirimbo (album) rushasha asohoye.
Avuga ko ibintu vyahindutse ubu gusohora indirimbo imwe imwe ''biduha inyungu gusumvya kera''. Avuga ko na kare kuri album hari igihe wasanga abantu bakunze indirimo imwe, zibiri canke zitatu gusa.
Avuga ko n'uburyo indirimo zishikira abantu bwahindutse. Aho zahora zisohoka ku ma cassettes canke ama CD, ubu zica ku mbuga z'ubuhinga bwa none nka Spotify, ITune n'izindi.
Ati: ''Kera abantu bararara rubunda kugira bakwize album...ubu biragoye. Indirimbo [zisohoka] ni nyinshi cane. Ugize n'imana iyawe bakayimenya mu zindi uba ufise imana nini cane''.
Iyaba mu Burundi umuziki utunga umuntu mba naratashe kera
Kidum avuga ko atahura igituma gushika ubu mu Burundi umuziki udashobora gutunga umuntu.
Avuga ko biterwa n'ubukene burangwa mu gihugu kuko ntushobora ''kurihwa n'abantu benshi muri bo baraye ubusa''.
Uwo muririmvyi abona ko umuziki uzoshobora gutunga umuntu mu gihe abantu bazoba baronse amikoro. Ariko ngo inzira iracari ndende.
Ati: ''Igihugu cacu caciye mu ngorane zitagira uko zingana. Umutekano, hari uburimyi n'ubworozi, hari ugutanga akazi ku rwaruka, ni ibintu vyinshi cane.
''Reka habanze harangire izo ngorane...abantu borore, baronke intabire zo gushira mu mirima ... imigwi yitwaje ibigwanisho ntije iratera, amatora aje aragenda neza habe uburungozi abantu bizigiye kandi bubaha''.
Ariko hari intambwe yatewe
Kidum avuga ko n'aho bitarashishika aho umuririmvyi atungwa neza n'umwuga wiwe hari intambwe imaze guterwa.
''Ubu urashobora kubona umuririmvyi agiye gukwa,'' aho Kidum yaciye atwenga avuga ko kera babafata nk'abantu ''batari serieux [batagira ijambo] badashbora no gukwa.''
Avuga ko ubu hari abaririmvyi bibeshejeho, bapanga amazu bakayariha abandi bakayiyubakira, bakagura ama modoka na terefone zigezweho'' mu gihe avuga ko kera ''no kugura ikinga'' vyari bigoye ku muririmvyi.
Ariko Kidum avuga ko ibintu bikigoye kuko ''mu Burundi iwacu iyaba umuziki utunga umuntu mba naratashe kera.
''Ariko igituma nkiri hanze ndabona ko bikigoranye''













