Imvo n'Imvano ku gutungwa n'umuziki ku bacuraranzi bo mu Burundi

Insiguro y'amajwi, Fyonda ngaha wumve Imvo n'Imvano ku gutungwa n'umuziki ku bacuraranzi bo mu Burundi
Imvo n'Imvano ku gutungwa n'umuziki ku bacuraranzi bo mu Burundi
Umucuraranzi Yves Kami

Ahavuye isanamu, FACEBOOK/YVES KAMI

Insiguro y'isanamu, Umucuraranzi Yves Kami, akora umuziki wa Afro avanga n'umudiho w'ikirundi, ni umwe mu bazwi mu Burundi
    • Umwanditsi, Robert Patrick Misigaro
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango

Mu Burundi umuziki ni ikintu camye gikundwa kuva kera mu gihe kuririmba canke gucuraranga bisanzwe biri no mu mico y’abarundi.

Ariko mu gihe mu bindi bihugu, yaba ibiteye imbere canke vyinshi mu biri mu nzira y’amajambere usanga abacuraranzi bubashwe kandi babeshejweho n’uwo mwuga, mu Burundi abovuga ko ari wo ubatunze ni imparurwa, kandi naho nyene ntibokwemeza ko babayeho neza vy’ikirenga.

Abacuraranzi nka Canco Hamisi, Nikiza David, Christophe Matata, Bahaga Prosper, Africa Nova n’abandi benshi ntarinze kudondagura, bafatwa n’abarundi benshi nk’icitegererezo c’umuziki w’u Burundi.

Ariko urwo rwego bashitseko ntiworugereranya na gato n’ico umuziki woba warabasigiye.

Indirimbo zabo zarakunzwe kandi ziracakunzwe, ariko ntawokwemeza ko hari ico zinjije canke zoba zinjiza mu buryo bw’amafaranga nk’uko vyategerejwe kuba.

Abo ni ababaye inararibonye mu muziki w’u Burundi. Igitangaje gusumvya ni uko no kuri iyi tariki, abacuraranzi bariho benshi kandi bakora ibishimwa, ariko ntawohagarara ngo avuge ko hari agatubuye yoba akura mu muziki wiwe mu Burundi nk’uko vyategerezwa.

Abo twovuga ko hari aho umuziki ubagejeje, ni abashoboye kuja hanze y’igihugu bagakorerayo.

None ni kubera iki gutungwa n’umuziki mu gihugu c’u Burundi bisa nk’aho ari umugani kandi umuziki w’ikirundi udasiba kuvuzwa yaba mu maradiyo, mu manza no mu bindi bikorwa vy’ubuzima bwa minsi yose?

Mu gihe hari itegeko rikingira ibihangano vy’abaririmvyi ryemejwe itariki 30 Kigarama mu 2005, hoba habuze iki ngo abo baririmvyi bakamishe ubuhinga bwabo bibaviremwo no kwubahwa?

Mu kwishura ivyo bibazo hamwe n’ibindi, turaganira n’abacuraranzi hamwe n’abakora muri ico gisata b’abarundi batandukanye. Iki kiganiro mwagiteguriwe na Robert Patrick Misigaro.